Rwanda-jenoside: Emmanuel Nkunduwimye yakatiwe gupfungwa imyaka 25 na sentare mu Bubirigi

Emmanuel Nkunduwimye Kassim batazira Bomboko, umunyarwanda w’imyaka 65 aheruka kwagira ivyaha vya jenoside mu rubanza rwabera mu Bubirigi ahejeje guciribwa umunyororo w’imyaka 25.
Ico gihano yagihawe na sentare y’abanyagihugu ica imanza z’ivyaha bikomeye yo mu Bubiligi (cour d’assise) inyuma y’ukwezi kurenga imuburanya i Buruseli.
Sentare yamuhamije ivyaha vyo mu ntambara, gufata abigeme n’abakenyezi ku nguvu, gukoresha ibirwanisho no kubikwiragiza mu nterahamwe mu gihe ca jenoside mu 1994.
Ahawe ijambo, uwagirizwa yahakanye ivyaha co kimwe n’abamwunganira basavye ko yociribwa inkoni ngufi.
Inyuma y’umwiherero sentare yagarutse ku mugoroba ivuga ko kubera imyaka yiwe, n’uko ataco yagirizwa mu Bubiligi, yahisemwo kumugabaniriza icaha, niko kumuha igihano c’imyaka 25, no kwakwa uburenganzira bwose buhabwa abenegihugu.
Uwagirizwa yaje yambaye amapingu aherekejwe n’igipolisi, yaciye asubizwa mw’ibohero aho agiye kumarira ico gihano.
Nkunduwimye w’imyaka 65 yahawe iminsi 15 yo kwunguruza kuri urwo yaciriwe.





