“Bigenda gute ga Bomboko ngo interahamwe nka wewe izwi neza ize ngaha mu Bubiligi yidegemvya?”- Rusesabagina abaza Nkunduwimye

Urubanza rwa Emmanuel Nkunduwimye batazira Bomboko, umunyarwanda w’imyaka 65 yagirizwa ivyaha vya genoside rurabandanya i Buruseli mu Bububirigi.
Mu ntahe y’icese y’uno munsi sentare yibanze ku bivugwa n’umunyepolitike Paul Rusebagina atavuga rumwe na reta y’Urwanda.
Uwo yahoze arongoye Hotel des Milles Collines mu gihe ca jenoside ntiyitavye sentare.
Abicishije k'uwumwunganira mu Bubiligi Maitre Vincent Lurquin, yavuze ko atashimye kwitaba, yamara sentare ica ifata ingingo yo gusoma ivyo yabwiye imirwi y’amatohoza yamubajije muri urwo rubanza.
Mu vyegegeranyo bibiri vy’umurwi w’amatohoza vyasomwe n’umukuru wa sentare, Paul Rusesabagina yahoze arongoye Hotel des Milles Collines yabwiye umurwi w’amatohoza mu 2005 no mu 2007 ko yemeje ko yagiye gutwara iyo hotel ku wa 12 ukwezi kwa kane mu 1994 inyuma y'aho umuzungu w’umunye Holande yarayirongoye, asubiriye iwabo ahungishijwe.
Muri ivyo vyegeranyo vy’inyandiko z’impapuro zirenga 30, Rusesabagina Paul avuga ko wewe yatabaye abarenga 600 bahungiye muri iyo hoteli yararongoye, afashijwe na bamwe mu basirikare ba Habyarimana nka General Bizimungu hamwe n’abari abasirikare ba Onu bari mu butumwa bwa Minwar, aho yemeza ko mubo yakijije harimwo Gasamagera Wellars arongoye FPR inkontanyi uno munsi.
Muri ivyo vyegeranyo bibiri vyasomwe n’umukuru wa sentare, Paul Rusesabagina yariyemereye ko yiboneye Emmanuel Nkunduwimye yambaye impuzu za Gisirikare yinjira asohoka muri Hotel des Millles Collines ari kumwe na Georges Rutaganda, yari icegera ca kabiri c’interahamwe, ari kumwe kandi n’uwundi mugabo yari arongoye interahamwe batazira Zuzu.
Rusesabagina muri ivyo vyegeranyo aremeza ko Emmanuel Nkunduwimye yari interahamwe n'aho avuga ko yarafise uruhara ruto ugereranije na Georges Rutaganda vyagaragara ko ari shebuja.
Nk’uko yabandanije abisoma muri ivyo vyegeranyo, umukuru wa sentare yavuze ko igihe yabazwa mu gihugu c’Ububiligi, Paul Rusesabagina yivugiye ubwiwe ko yahuye na Nkunduwimye batazira Bomboko mu Bubiligi, amubaza mu maso imbona nkubone ati:“Bigenda gute ga Bomboko ngo interahamwe nka wewe izwi neza ize ngaha mu Bubiligi yidegemvya?”
Na yo Bomboko amwishura ko atigeze aba interahamwe, ko ivyo yakoze vyose yabikoze kugira acungure agatwe.
Rusesabagina muri ivyo vyegeranyo vyasomwe, ntahakana ko yiboneye interahamwe zisa n’ingwe zibonyeko amaraso, aho rimwe na rimwe zitatinya kurasa abasirikare bazibujije gukora ibara.
Mu rubanza rw’uno munsi icibonekeje n'uko ababuranira Nkunduwimye bagaragaje agashavu aho basavye ko umwe mu nyankamugayo zizoca urubanza yirukanwa, kuko ahengamye.
Sentare yabumviye iramutaramura imusubiriza n’uwundi.
Bitegekanijwe ko urubanza ruzobandanya humvirizwa ibindi vyabona gushika mu kwezi kwa gatandatu.












