Shakira agiye kurengutswa muri Espagne kubera kutariha amakori

Ahavuye isanamu, Reuters
Umunyamuziki w’igihangange, umunya-Colombia Shakira agiye kurengutswa mu butungane bwa Espagne yagirizwa gukwepa kuriha amakori yababa imiriyoni 14,5 z’ama euro.
Sentare yo muri Barcelona yategetse ko uyu muririmvyi arengutswa ku vyaha bitandatu yagirizwa, n’aho ata tariki yamenyeshejwe.
Abashikirizamanza ba Espagne bashaka ko uyu munyamuziki rurangirnwa apfungwa imyaka umunani, yongere atozwe n’ihadabu ry’imiriyoni 23,8 z’ama euro mu gihe yokwagirwa n’icaha.
Uyu muririmyi w’imyaka 45 abandanya ahakana ivyo yagirizwa.
Mu kiganiro aheruka kugiriranira n’ikinyamakuru Elle co muri Espagne, yavuze ati: "Ndizeye ko mfise ivyemezo bikwiye kugira ngo niregure kandi ko ubutungane buzonyeza”.
Mw’itangazo ryabo, ababuranira Shakira bavuga ko bazokora ico bajejwe “mu kwerekana ivyemezo mu gihe nyaco”.
Yabanje kwanka umwumvikano n’abashikirizamanza, ahitamwo kuja mu butungane.
Uru rubanza ruhagaze ku kirego kijanye n’aho yabaye hagati ya 2012 na 2014, igihe abashikirizamanza bamwagirije ko yaba muri Espagne ariko akaba yandikishije ko yaba ahandi.
Mu mategeko ya Espagne, abantu babaye mu gihugu amezi arenga atandatu bafatwa ko ari abantu bategerezwa kuriha amakori. Ariko Shakira avuga ko ataba muri Espagne.
Mu kw’indwi, abashikirizamanza basohoye urwandiko rwavuga ko yari yaguze inzu muri Barcelona mu 2012, yahavuye iba iyo kubamwo we n’umukunzi wiwe ico gihe, umukinyi w’umupira w’amaguru wa Barcelona, Gerard Piqué.
Abamuburanira bavuga ko gushika mu 2014 amatungo yiwe hafi yose yava mu ngendo yakora kw’isi kandi ko ibihe vyinshi yabimaze hanze ya Espane.
Yabwiye ikinyamakuru Elle ati: "Abajejwe kwegeranya amakori muri Espagne babonye ko ndiko ndareshanya n’umunyagihugu wa Espagne baca batangura kumira amate. Biragaragara ko bashaka gukurikirana aya mahera uko vyogenda kwose”.
Shakira yatangaje ko Espagne ari co gihugu arihiramwo amakori yiwe mu 2015.
Avuga ko yari yarishe ikori ry’imiriyoni 17,2 z’ama euro kandi ko ata madeni yari asigaranye.
Mu rundi rubanza mu 2019, sentare y’igihugu muri Espagne yatoje Piqué ihadabu ry’imiriyoni 2,1 z’ama euro kubera ukutariha amakori hagati ya 2008 na 2010.
Mu ntango z’ukwa gatandatu uno mwaka, aba bantu niho batangaza ko bari bavanye inyuma y’imyaka 11.
Piqué na Shakira bafitaniye abana babiri b’abahungu, uwa mbere afise imyaka icenda, uwa kabiri imyaka indwi.
Mu kiganiro yagiranye na Elle niho yatangaza ubwa mbere ivyo gutandukana kwabo, aho yabwiye iki kinyamakuru ko yari “mu kibazo gishobora kuba kiri mu bibazo bikomeye cane, ibihe bibi cane mu buzima bwanje”.










