Priti Patel ashimangira ko Urwanda ata mpungenge ruteye n'ubwo hatanzwe imburi

Priti Patel
Yatangajwe

Umushikiranganji w'Ubwongereza ajejwe intwaro yo hagati Priti Patel yashimangiye ko Urwanda ari igihugu kidateye impungenge zo kurungikayo abarondera ubuhungiro, n'ubwo hari umujenama yaburiye abashikiranganji ko reta y'Urwanda iboreza igufa (ikorera iyicarubozo) abatavuga rumwe nayo.

Iyo mburi yemenyekanye ku wa kabiri, mu rubanza muri sentare nkuru.

Abajijwe kuri iyo mburi, madame Patel yavuze ko iyo mpanuro yavuye mu kindi gisata ca reta mu gihe ubushikiranganji bw'intwaro yo hagati ari bwo bwari burongoye uwo mugambi.

Yavuze ko ivyo bakorana n'Urwanda vyerekana ko ari igihugu kidateye impungenge.

Mu mezi aheze, reta y'Ubwongereza yashize ahabona umugambi wo guha bamwe mu binjira mu Bwongereza kuronderayo ubuhingiro baciye mu kiyaga ca Manche itike yo kugenda mu Rwanda utagaruka.

Abashikiranganji basigura ko uwo mugambi uciye miriyoni 120 z'amafaranga y'abangoreza (miriyaridi 150 uyavunje mu mafaranga y'Urwanda) uzofasha guca intege abantu bajabuka n'abakora urwo rudandazwa rwo kubajabutsa.

Indege yo kujana aba mbere mu barungikwa mu Rwanda yari yiteguriye guhaguruka mu kwezi kwa gatandatu ariko isiba ku munota wa nyuma abaharanira uburengenzira bwa muntu bamaze kugwanya uwo mugambi mu bucamanza.

Iyo nteguro ubu iri mu mayira abiri gushika nibura mu kwezi kw'icenda igihe sentare ntahinyuzwa izokwihweza uwo mugambi kugira ice urubanza niba uhuye n'amategeko.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Mu rundi rubanza rwo muri sentare rwabaye muri iyi ndwi, reta yaratsinzwe ku ruhande rumwe kw'igerageza ryo kugumiza mw'ibanga urukurikirane ry'umwihwezo ku Rwanda wagizwe n'umujenama wo mu bushikiranganji bujejwe imigenderanire.

Uwo mujenama yariko araraba isubiramwo ry'icegeranyo ca reta y'Ubwongereza ku buryo reta y'Urwanda yitwara ku bijanye n'uburenganzira bwa zina muntu.

Hanyuma mu butumwa bwa email yarungikiye abo bakorana ku wa 26 ukwezi kwa kane -indwi zibiri uwo mugambi umaze gushirwa ahabona- uwo yariko arasubiramwo ico cegeranyo yibaza niba kigaragaza neza uko ibintu vyifashe muri ico gihugu.

Umucamanza Lord Justice Lewis yabwiwe ko uwo mutegetsi yari yanditse muri email yaherekeza umwihwezo wiwe ati: "Ukutavuga rumwe na reta ntivyihanganirwa, kandi gupfunga hadakurikijwe amategeko, kuboreza igufa canke mbere no kwica n'uburyo bwemewe bwo kugenzura".

Abajijwe kuri ubwo bujenama, madame Patel yagwaniye umugambi wiwe ashimangira ko Urwanda ari "igihugu ata mpungenge giteye".

"Muvuga ku vyavuzwe n'abantu bo mu kindi gisata.

"Ariko birazwi ko ubushikiranganji bw'intwaro yo hagati mu gihugu aribwo burongoye uwo mugambi w'iterambere ry'ubutunzi rishingiye ku gufashanya mu bijanye n'abimukira ari naho dufitaniye amasezerano n'Urwanda."

"Urwanda n'igihugu kidateye impungene kandi ibikorwa vyose dukorana na reta y'Urwanda biravyerekana."