Wagner iracinjiza abarwanyi n’aho iherutse gutera imigumuko, itohoza rya BBC

Ibiro vyo kwiyandikishirizamwo ku bashaka kwinjira muri Wagner birabandanya ukuri kwamye

Ahavuye isanamu, EPA

Insiguro y'isanamu, Ibiro vyo kwiyandikishirizamwo ku bashaka kwinjira muri Wagner birabandanya ukuri kwamye
    • Umwanditsi, Sarah Rainsford
    • Igikorwa, Umunyamakuru wa BBC mu Buseruko bwa Bulaya
  • Yatangajwe

Wa murwi w’abacangero wa Wagner uracinjiza abarwanyi mu Burusiya hose, imisi mike inyuma y’imigumuko wateye gushika n’aho Perezida Vladimir Putin agira ubwoba ko hari hateye intambara yo hagati mu gihugu (guerre civile).

Dukoresheje inomero ya terefone yo mu Burusiya, twahamagaye ku bigo bitari bike vyandika abarwanyi, batubajije tukavuga ko turiko tubariza umugenzi.

Abo bose batwishuye baremeje ko ibikorwa bibandanya nk’uko bisanzwe.

Kuva i Kaliningrad mu burengero gushika i Krasnodar mu bumanuko, nta muntu n’umwe yibaza ko uno murwi woba uriko urasamburwa.

Mu gisagara ca Murmansk kiri mu karere ka Arctic, umugore wo ku kigo co kwinonora imitsi, Viking sports club, aremeza ko acandika abarwanyi baja kurwana muri Ukraine.

"Aho ni ho turonderera abarwanyi, ego. Hagize umuntu yipfuza kugenda, aca ampamagara tugaca dupanga umusi”.

Ibigo vyinshi vy’ihuriro vya Wagner biri cane cane ku bibanza vy’ukwigiramwo kurwana, harimwo no ku mashure yigisha inkino zo gukubitana hamwe n’ibigo vyigisha gukubitana ingumu (boxe).

Abatari bake mu bakiriye amaterefone bashimangiye ko hari abanywanyi bashasha bagiriranira amasezerano n’uno murwi wo nyene, ntibayagiriranira n’ubushikiranganji bwo kwivuna abansi bw’Uburusiya.

Ibi ni ibibanza birangwamwo ibiro vya Wagner mu Burusiya

Ahavuye isanamu, Wagner

Insiguro y'isanamu, Ibi ni ibibanza birangwamwo ibiro vya Wagner mu Burusiya

Umugabo wo ku kigo co kwinonora imitsi ca Sparta mu gisagara ca Volgograd arashimangira ati: "Ntaho bihuriye na gato n’ubushikiranganji bwo kwivuna abansi. Nta na kimwe cahagaze, turabandanya twinjiza abarwanyi”.

Ingingo iherutse gufatwa yo gushira abacangero mu minwe y’ubushikiranganji bwo kwivuna abansi, ivyotuma umurwi Wagner n’umukuru wawo Yevgeny Prigozhin badasubira kwigenga, niyo ntandaro y’uburakari bwavyaye imigumuko yo kurasana mu mpera z’indwi iheze.

Mu myaka irenga 20 amaze ku ntwaro, ni yo ngorane ya mbere ikomeye Perezida Putin yari ahuye nayo.

Ariko igitangaje, ni uko ivyaha vyagirijwe abagumutse vyahanaguwe, mu gihugu abatari bake mu batavuga rumwe n’ubutegetsi bavundiye mu mabohero kubera gusa biyamirije intambara y’Uburusiya muri Ukraine.

Sarah Rainsford yahamagaye ibiro vya Wagner vyandika abarwanyi birenga cumi (Ifoto: Matthew Goddard)
Insiguro y'isanamu, Sarah Rainsford yahamagaye ibiro vya Wagner vyandika abarwanyi birenga cumi (Ifoto: Matthew Goddard)
Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Eka mbere n’umukuru wa Wagner yaremerewe gusohoka igihugu ataco yinona, bikaba bizwi ko yagiye muri Biélorussie/Belarus – n’aho indege ya Prigozhin yiwe bwite yakurikiranywe igihe yaguruka ija mu Burusiya mw’ijoro ryo ku wa kabiri.

Ni mu gihe kandi n’igisirikare ciwe kitarasamburwa kandi bizwi ko casubiye inyuma cari mu nzira kija gusatira umugwa mukuru Moscou, kikaba caranarashe za kajugujugu n’iyindi ndege y’intambara mu kirere.

Umugore yandika abarwanyi ahitwa Krasnodar mu bumanuko bw’Uburusiya, ntarya umunwa, avuga ati: "Turi ku bikorwa. Iyo haba icahindutse, bari kuba batubwiye. Ariko gushika ubu nta na kimwe”.

Umushahara w’umurwanyi wa Wagner uracari ama-rouble 240.000, ni ukuvuga amadorari y’abanyamerika 2 716, ku kwezi; amasezerano akaba ari amezi atandatu.

Ejo ku wa kane, umukuru wa komite ijejwe kwivuna abansi mu nama nshingamateka y’Uburusiya yavuze ko Prigozhin yari yagabishijwe ko itariki ntarengwa kuri Wagner yo kwishikana mu minwe y’ubushikiranganji bwo kwivuna abansi ari ntabanduka.

Mu gihe yavuga ko imigumuko ya Prigozhin bwari ubuhemu, Andrei Kartapolov yavuze ati: "Ubushikiranganji bwo kwivuna abansi bwavuze ko imirwi yose…itegerezwa kugiriranira amasezerano, kandi yose yaratanguye kubikora. Bose kiretse Prigozhin".

"Yaramenyeshejwe ko Wagner itazoba mu gikorwa ca gisirikare kidasanzwe”, niko yavuze akoresheje amajambo yo kworosha akoreshwa mu Burusiya ku ntambara yabwo muri Ukraine. "Kandi nta buryo izosubira kuronka, bwaba ubw’amafaranga canke ubw’ibikoresho”.

Inyuma y’imyaka itari mike ahakana ko ubutegetsi bwiwe ata sano bufitaniye na Wagner, Vladimir Putin yahinduye imvuko bukeye haraye hatanguye iyi migumuko mu mpera z’indwi iheze.

Mu kugerageza kugabanya inguvu za Yevgeny Prigozhin, yavuze ko umurwi Wagner wahabwa uburyo na reta y’Uburusiya bungana na 100%.

Rero, kazoza k’umurwi Wagner ntigatomoye.

Ku wa gatandatu, Putin yateye igikumu kw’itegeko rivuga ko ubu ubushikiranganji bwo kwivuna abansi ari bwo bwonyene bufise uburenganzira bwo kurondera abarwanyi mu mabohero, iri rikaba ryahora ari isoko nyamukuru Wagner yakuramwo abaja kurwana muri Ukraine.

Ariko isekeza ry’uno murwi ryo kwinjiza abarwanyi irya n’ino rirabandanya.

I Volgograd, umugabo twavuganye yavuze ko iyo umuntu yiyandikishije uno musi "ndashobora kumurungika ejo”, kandi yemeza ko ubu bashobora kuzorungikwa muri Biélorussie.

Mu ntango z’ino ndwi, umukuru wa Biélorussie amaze igihe kirekire ku butegetsi Alexander Lukashenko – ari na we yafashije mu kuzimya imigumuko yo ku wa gatandatu – araha ikaze abarwanyi ba Wagner muri ico gihugu.

Avuga ko igisirikare ca Biélorussie gifise vyinshi kizobigirako.

Alexander Lukashenko yaratanze ido n'ido muri ino ndwi ry'ingene yashoboye kwumvisha Prigozhin guhagarika umugumuko wiwe

Ahavuye isanamu, Belarus/Handout via REUTERS

Insiguro y'isanamu, Alexander Lukashenko yaratanze ido n'ido muri ino ndwi ry'ingene yashoboye kwumvisha Prigozhin guhagarika umugumuko wiwe

Umunya-Biélorussie ari mu banywanyi ba Wagner yiyita “Brest” asa n’uwerekana ko uno murwi ushobora guhagararira neza umutekano wa Lukashenko imbere y’amatora y’abashingamateka ategekanijwe mu mwaka uza, mu gihe hoba imyiyerekano yo kwiyamiriza ubutegetsi bwiwe bw’agahotoro.

Mu butumwa bwa videwo yacishije ku rubuga rwa Telegram kandi yifashe ari ahantu hatazwi, “Brest” yibukije abashaka kwiyandikisha ko urubibe rwa Biélorussie ruri “ku birometero biri musi ya 300 uvuye Kyiv”.

N’aho biri uko, nta kimenyetso na kimwe cerekana ko abarwanyi ba Wagner boba bariko barinjira muri Biélorussie.

Umugore wo mu gisagara ca Saratov kiri hagati mu Burusiya, yemeza ko acandika abagabo baja kurwana muri Ukraine, yavuze ati: "Ibintu vyose ni nka mbere, gushika ubu. Nta kirahinduka”.

"Bose baragenda i Molkino nk’uko bisanzwe. Ku kibanza c’imyimenyerezo. Niho baronkera amakuru yose”, niko abandanya avuga, asa n’uwerekana ikibanza co kwigiramwo kurasa cahoze gifitaniye isano na Wagner mu bumanuko bw’Uburusiya.

None hari ikintu kizohava gihinduka kuva ku wa 01 Mukakaro (7)? Niko nibajije, nawe aca anyishura ati: "Ntavyo nibaza. Si ndabizi. Ariko nyene abantu baracaturondera”.