Uburusiya bwaburijemwo amasezerano ku bigwanisho vy'ubumara bufatiye kuri Ukraine

Ahavuye isanamu, AFP
Uburusiya bwaburijemwo iyemezwa ry'itangazo rihuriyeko na bose mu nama y'ishirahamwe mpuzamakungu Onu yerekeye gusambura ibigwanisho ruhonyanganda.
Amasezerano yo kubuza ikwirakwizwa ry'ibigwanisho ruhonyanganda, asubigwamwo n'ibihugu 191 buri imyaka itanu, afise intumbero yo kubuza ko mwene ivyo bigwanisho bigwira.
Uburusiya bwanse inyandiko irimwo ko "hari umwitwarariko ukomeye" ku bikorwa vya gisirikare bibera mu micungararo y'inganda za "nucleaire" za Ukraine, na cane cane i Zaporizhzhia.
Abari bitavye ibikorwa vyo mu 2015 na bo nyene barananiwe gushika ku mwumvikano.
Inama yo 2022, yari kuba mu 2020, yatevye kuba kubera ikiza ca Covid-19. Kunanirwa gushika kw'itangazo bahuriyeko bishitse inyuma y'indwi zine bari bamaze i New York.
Umushikiranganji w'imigenderanire wa Australia Penny Wong yavuze ko "ababajwe cane" n'uko hatagize ico bumvikanako.
Yagize ati:"Uburusiya bwanse ko dutera intambwe mu kwanka umwumvikano ku nyandiko yari yemewe n'ibihugu vyose."
Uwaserukiye Reta zunze Ubumwe za Amerika, Bonnie Jenkins yavuze igihugu ciwe "kibabajwe n'uko ibintu bigenze, kandi ko mbere ibikorwa vy'Uburusiya ari vyo bibashikanye aha uyu musi."
Uburusiya bwanse agace k'iyo nyandiko kavuga "umwitwarariko ukomeye" ku bikorwa vya gisirikare mu micungararo y'inganda za nuclaire - harimwo urwa Zaporizhzhia , Uburusiya buherutse kwigarurira mu ntambara iriko irabahuza na Ukraine.










