Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Ukraine - Russia: Ya nyubakwa y'i Moscou iheruka guterwa yasubiye guterwa na drone
- Umwanditsi, Na Jaroslav Lukiv
- Igikorwa, BBC News
- Yatangajwe
Umukuru w’igisagara ca Moscou/Moscow, umugwa mukuru w’Uburusiya, Sergei Sobyanin, avuga ko inzu y’igorofa yongeye guterwa n’indege itagira umudereva, izwi nka drone.
Avuga ko mw’ijoro ryakeye amadrone atari make yakorowe, ariko ko “imwe yashoboye gushika kuri ya nyubakwa y’i Moscou” yaterwa ku wa Mungu.
Uruhande rw’imbere rw’iyi nyubakwa rwononekaye kw’igorofa ya 21, nk’uko uno mukuru w’igisagara abivuga. Nta muntu yakomeretse.
Ubushikiranganji bw’Uburusiya bujejwe kwivuna abansi bwagirije Ukraine ko ari yo yakoze iki gitero. Nk’uko bisanzwe, Kyiv (umugwa mukuru wa Ukraine) ntaco ivuga kuri ibi bitero.
Mw’itangazo rigufi, Sobyanin avuga ko "ibiyo biri ku buringanire bw’imetero kwadarato [m2] 150 vyamenaguritse".
Avuga kandi ko abajejwe ubutabazi bari bashitse ahabereye iki gitero.
Hagati aho, ubushikiranganji bw’Uburusiya bujejwe kwivuna abansi buvuga ko amadrone abiri ya Ukraine yakorowe n’ubuhinga bwo gukingira ikirere mu ntara ya Moscou.
Buvuga ko iyindi yakorokeye mu nyubakwa isanzwe itabamwo abanyagihugu mu gisagara ca Moscou inyuma y’uko " izibiwe hakoreshejwe ubuhinga bw’intambara bwa elektroniki”.
Ibinyamakuru vy’Uburusiya bitangaza ko ikibuga c’indege ca Vnukovo i Moscou cugawe umwanya muto.
Kuva mu mezi aheze, Moscou ibandanya yagiriza Ukraine ibitero vya drone ku butaka bwayo, harimwo kimwe kuri Kremlin – aho Perezida Vladimir Putin asanzwe aba ku mugwa mukuru – mu kwa gatanu.
N’aho Kyiv itaratangaza ko ari yo ikora ibi bitero, Perezida Volodymyr Zelensky wa Ukraine avuga ko ibitero ku butaka bw’Uburusiya ari “ngombwa, bisanzwe kandi bikwiriye”.
Uburusiya bwatanguye intambara yabwo kuri Ukraine muri Ruhuhuma (2), 2022.
Mu yandi makuru:
- Inzu ituwemwo n’abanyeshure (dortoir/dormitory) yononekaye mu gitero ca drone y’Uburusiya mu gisagara ca Kharkiv, nk’uko bivugwa n’umukuru w’iki gisagara kiri mu buraruko bushira ubuseruko bwa Ukraine
- Abantu batandatu – harimwo umwana w’umukobwa w’imyaka 10 – barishwe, abandi 75 barakomereka mu gitero ca misire y’Uburusiya ku gisagara ca Kryvyi Rih kiri hagati muri Ukraine ejo ku wa mbere, nk’uko bivugwa n’abahaba
- Ejo ku wa mbere nyene, abantu batatu barishwe mu mabombe yatewe na Ukraine mu gisagara ca Donetsk kiri mu minwe y’Uburusiya mu buseruko bwa Ukraine, nk’uko bivugwa n’abategetsi bashizweho na Moscou