Uburusiya: Umugwa mukuru Moscou watewe na drone ku ncuro ya kane, ibizwi gushika ubu

Yatangajwe

Mu masaha ya kare yo kuri uno wa Mungu, indege zibiri zitagira abadereva, drone, zononye inyubakwa zibiri hagati ku mugwa mukuru w’Uburusiya, Moscou. Iyindi nayo, nk’uko bivugwa n’ubushikiranganji bwo kwivuna abansi, yakorowe igeze mu karere ka Odintsovo k’intara ya Moscou. Iki kibaye igitero kigize kane kuri Moscou kuva mu ntango z’uno mwaka.

Mu butumwa yacishije ku rubuga rwa Telegram isaha cumi n’imwe n’igice (5h30) muri kano gatondo ko ku wa Mungu, umukuru w’igisagara ca Moscou Sergei Sobyanin yagize ati: “Amadrone ya Ukraine yateye muri iri joro. Impande z’inyubakwa zibiri mu gisagara zononekaye bukebuke. Nta wapfuye canke ngo akomereke”.

Kubera iyo mpamvu, inyubakwa y'amagorofa 50 izwi nka IQ-quarter, isanzwe ikoreramwo ubushikiranganji butatu, ikaba ifise n’amazu atuwemwo n’abantu, yononekaye mu bice vy’amagorofa ya gatanu n’iya gatandatu.

Urubuga rwa Telegram “Caution, news” rwasohoye videwo yerekana impapuro z’ubushikiranganji bujanye n’iterambere ubuhinga nyabwonko (Ministère du Développement Numérique/Ministry of Digital Development) zisanzaye irya n’ino kubera ibiturika.

Ibiyo vyo kuva kw’igorofa ya mbere gushika ku ya kane vy’inyubakwa ndende mu karere kazwi nka Oko-2 vyamenaguritse.

Hari amakuru avuga ko umuntu umwe canke babiri bakomerekeye muri iki gitero, ariko abategetsi ntibaremeza aya makuru.

Urubuga rwa Mash kuri Telegram rwandika ko drone ya mbere muri izi zibiri zateye Moscou yakorotse isaha icenda n’iminota 20 (3:20) z’agatondo. Ubwo nyene, haciye hatangura gukwirakwira amakuru avuga ivyariko birakorwa n’ubuhinga bujejwe gukingira ikirere mu karere ka Odintsovo k’intara ya Moscou.

Nk’isaha cumi n’iminota cumi (4:10), niho hasohoka amakuru y’igitero kigira kabiri mu karere k’ubudandaji ka Oko-2.

Nk’uko iri tangazo ry’ubushikiranganji bw’Uburusiya bujejwe kwivuna abansi ribivuga, indege imwe ya Ukraine itagira umudereva yasambuwe mu kirere n’ubuhinga bwo gucungera ikirere mu ntara ya Moscou, “izindi zibiri nazo zazibiwe hakoreshejwe ubuhinga bwa elektroniki, zitakaza inzira, zica zikorokera ku nyubakwa idatuwemwo n’abanyagihugu mu gisagara ca Moscou”.

Ukraine ntiremeza ko ari yo yakoze iki gitero.

Ibi vyatumye ikibuga c’indege ca Vnukovo ku mugwa mukuru kiba kirahagaritse ibikorwa vyo kwakira no kurungika ingenzi, ingendo z’indege nazo mu karere k’igisagara ca Moscou n’intara ya Moscou zirahagarikwa, nk’uko vyandikwa n’itororokanirizo ry’amakuru ryegamiye reta y’Uburusiya, TASS.

Vyongeye, uruja n’uruza kw’ibarabara rya Testovskaya rwahagaritswe.

Imvo nyezina z’iki gitero c’amadrone kuri izi nyubakwa zo mu gisagara ca Moscou ntizamenyekanye.