Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
US - Russia: Rurangiranwa muri basketball yakabukanijwe n’umudandaza w’ibirwanisho
Amerika n’Uburusiya vyakabukanije icamamare muri basketball Brittney Griner na rurangiranwa mu kudandaza ibirwanisho, Umurusiya Victor Bout, yari amaze imyaka 12 apfungiwe mw’ibohero muri Amerika.
Prezida Biden yavuze ko Griner ameze neza kandi ko ari mu ndege imukuye muri Emirats Arabes Unis (EAU).
Avugira mu biro vyiwe White House yagize ati “Mpimbawe no kuvuga ko Brittney ameze neza… aracakeneye akanya n’ubwisanzure kugira asubize ubwenge ku murongo”.
Griner yafatiwe ku kibuga c’indege i Moscow muri Ruhuhuma (2) ahowe kuba yari afise amavuta akozwe muri cannabis (urumogi), mu kwezi guheze aca arungikwa mu kibanza bahanirwamwo.
Ubutegetsi bwa Biden bwasavye ko hoba guhanahana impfungwa mu kwezi kwa Mukakaro (7), buzi yuko Moscow yamye ishaka irekurwa rya Bout.
Ibiro ntaramakuru vyo mu Busuriya bivuga yuko yariko ararungikwa ku kibuga c’indege ca Vnukovo hafi ya Moscow.
Aho yavugira mu cumba ca White House kizwi nka Oval Office, umugore wa Griner, (Griner asanzwe yubakanye n’uwo basangiye igitsina) Cherelle, yashimagije utwigoro tw’ubutegetsi bwa Biden mu kumurekuza agira ati: “Mpagaze ngaha narengewe n’ibishobisho”.
Yongeyeko yuko ibihe yari arimwo ari bimwe muri bibi amaze gucamwo mu buzima bwiwe.
Urwandiko rwasohorewe hamwe na Arabie Saudite hamwe na EAU rwatangaje yuko nyene-inganji wa Saudi, Umuganwa Mohammed bin Salman, yafashe iyambere mu gukora ubuhuza ari kumwe na Prezida wa EAU, Mohammed bin Zayed al-Nahyan.
Uyu samuragwa w’ingoma ya Saudi afitaniye imigenderanire myiza na Prezida w’Uburusiya Vladimir Putin, kandi muri Nyakanga (9) yarafashije gutunganya uguhanahana impfungwa kutari kworoshe aho harekurwa amajana y’impfungwa zari zifiswe n’Uburusiya na Ukraine.
Igihe hatangura ibiganiro vyo kurekuza Griner mu ci riheruka, Amerika yarashimangiye yuko uwahoze ari umusirikare w’umumarine, Paul Whelan, nawe yoshirwa muri ukwo gukabukanya.
Ariko vyaciye vyigaragaza yuko Whelan, yapfunzwe mu 2018 yagirizwa gusuma urusaku, atari kwemererwa kujamwo, bica intege umuryango wiwe.
Impera n’imperuka Prezida Biden yashize umukono kw’itegeko ryo kurekura Bout, ahanagura igihano c’imyaka 25 yari yarakatiwe, akabukanywa na Griner.
Victor Bout yaragurishije ibirwanisho ku bakuru b’imigwi y’inyeshamba hamwe n’amaleta akoresha igitugu, acika umwe mu bantu baronderwa cane kw’isi.
Yataziriwe “umudandaza w’urupfu” kubera inkoho yagurishike mu myaka yakurikiye isambuka ry’urunani rw’aba-Soviet, ibikorwa vyiwe bikaba vyarashingiweko mu gukora filime ya Hollywood yitwa Lord of War, ishingiye ahanini ku buzima bwiwe.
Ubuzima bwiwe bwo mw’ibanga bwaherahejwe n’igikorwa categuwe neza cane na Amerika mu 2008, aho yafatirwa kw’ihoteli yo ku murwa mukuru wa Thailand, Bangkok, bibabaza cane leta y’Uburusiya.
Haciye imyaka ibiri yararungitswe muri Amerika, akaba yari amaze imyaka 12 iheze ari mw’ibohero ryo muri Amerika yagirizwa ugufashanya n’abakora iterabwoba mu kwica Abanya-Amerika.
Nta budasa bwoboneka busumvya uburi hagati ya Bout n’uwo bakabukanijwe.
Brittney Griner w’imyaka 32, ni umwe mu banonotsi bazwi cane muri Amerika. Mu mukino wa basketball muri Amerika, uyu mukinyi amaze gutsindira imidari Olempike ibiri, ni icamamare gikinira ikipe ya Phoenix Mercury mw’ihiganwa WNBA.
Ikintu kimwe catumye afata indege akaja i Moscow, kwari gukinira mu Burusiya mu gihe amahiganwa yari yaheze muri Amerika.
Yabwiye abashinjacaha mu rubanza rwiwe mu Burusiya yuko amavuta ya cannabis bamusanganye mw’isaho ryiwe ryari “ikosa ryeranda”.
Mu butumwa kuri Twitter, Prezida Biden yashizeko ifoto ari mu cumba ca Oval Offise ari kumwe na Cherelle, umugore wa Griner.