Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Ukraine ibandanya gushora intete n'aho Uburusiya bwikuye mu masezerano
Ikigo gihagarariwe na UN/ONU kigenzura ingene intete zishorwa ziciye mu kiyaga cirabura ki vuga ko ubundi bwato butatu bwahagurutse muri Ukraine ku musi wa kabiri, n'aho uburusiya bwafashe ingingo yo kwivana muri ayo amasezerano.
Ico kigo kivuga ko ubwo bwato 'bwemerewe kugenda na Ukraine, Turkia na Onu, mu gihe uburusiya na bwo "bwabimenyeshejwe".
Ku musi wa mbere, amato 12 atwaye amatone 354.500 y'ibifungurwa yarahagurutse muri Ukraine.
Uburusiya bwahagaritse gushigikira ayo masezerano ku musi wa gatandatu, bwagiriza Ukraine gukoresha inzira ubwato bucamwo mu gutera amato yabwo y'intambara.
Onu ivuga ko ata bwato na bumwe bwariko buraca muri iyo nzira muri iryo joro.
Ukraine ntiyigeze yemanga kugira uruhara muri ico gitero ca Crimme - izinga rya Ukraine riri mu bumanuko ryigaruriwe n'Uburusiya mu 2014.
Prezida wa Ukraine Volodymyr Zelensky yagiriza Uburusiya "gukangisha inzara amakungu" - ivyo Uburusiya buhakana.
Ico kigo gifise icicaro I Istanbul ntikiramenyesha ivyo ubwo bwato butatu bwavuye muri Ukraine ku wa kabiri bwikoreye.
Uburusiya nta co buravuga kuri ivyo.
Umuzigo wo kuri uyu wa mbere ni wo wambere munini utwaye ku musi umwe kuva ayo masezerano yo gutwara intete atanguye gushirwa mu bikorwa, nk'uko bivugwa n'umuvugizi w'ubutegetsi bwa gisirikare bwa Odesa aho yasubiwemwo na Reuters.
Ubwo butegetsi bwongeyeko ko bumwe mu bwato butwaye amatoni 40.000 y'intete bwari bugenewe igihugu ca Ethiopia, aho "hashobora gutera amapfa."
Inyuma y'aho Uburusiya butereye Ukraine mu kwezi kwa kabiri, amato yabwo yaciye yugariza ibivuko vya Ukraine vyo ku kiyaga cirabura, bwugaranirayo imiliyoni 20 z'intete zigenewe gutwarwa hagati mu gihugu, harimwo n'ibindi bifungurwa nk'ibigori n'amavuta y'ibihoke.
Ariko mu kwezi kw'indwi harabonetse amasezerano hagati y'Uburusiya na Ukraine bafashijwe na Turkia na Onu, bituma hashobora gusubira gushorwa intete ziciye mu kiyaga cirabura.
Ariko ku musi wa mbere, prezida w'Uburusiya Vladimir Putin yavuze ko ayo masezerano yahagaritswe , avuga ko ari kubera ibitero "vyinshi" vy'indege zitagira umudereva ku mato yabwo ku bivuko vya Sevastopol aho yavuze ko Ukraine ibifisemwo uruhara.
Yavuze ko hategerezwa kubanza kubaho umutekano wo mu mazi, ko kwubahiriza amasezerano yo gushora intete bikimeze uko koba ari ukwigerezako.
Mw'ijambo ryiwe ku mboneshakure, prezida Putin yagize ati:"Ukraine itegerezwa kubanza kwemeza ko ubwato butwara abantu butazogeramigwa."
Ukraine ntiyemeje ko yagize uruhara muri ivyo bitero, ikavuga ko Uburusiya bwateguye kuva kera kwivana muri ayo masezerano mpuzamakungu, mu kugira icitwazo ivyo bitero.
Umuvugizi w'ibiro vya prezida w'Uburusiya, Dmitry Peskov yagize ati:"Mu gihe Uburusiya buvuga ko bidashoka kwemanga umutekano wo muri ako karere, ayo masezerano aragoye gushirwa mu bikorwa, yafashe iyindi ntumbero - harimwo ukwigerezako kurengeje.
Ukwikura muri ayo masezerano kw'Uburusiya kwatewe ivyatsi na Amerika, yavuze ko ico ico gihugu "kiriko kirakoresha imfungurwa nk'ikigwanisho".
Joseph Borrell ajejwe imigenderanire y'ishirahamwe ry'ubumwe bwa Buraya EU n'amakungu, yateye akamo Uburusiya kwisubirako, avuga ko kubuza urudandazwa rw'intete n'umwavu bishobora gutera ikibazo c'inzara kw'isi.
Uwuserukira Uburusiya muri Amerika yamiriye kure ivyo vyagiriji ko igihugu ciwe kiriko kiratuma haba inzara kw'isi, yemeza ko ari akarenganyo kunebagura igihugu ciwe.
Uburusiya bwafashe iyo ngingo mu gihe bwemeza ko bwaguye igikorwa co gukura abantu mu karere bwigaruriye ka Kherson, n'aho bwari bwavuze, mu mpera z'iyinga, bwari bwarangije ico gikorwa.