Uburusiya bugenzura ibice 20% vy'ubutaka bwa Ukraine - Zelensky

Zelensky yashikirije ijambo inama nshingamateka ya Luxembourg ku musi wa kane mu gitondo

Ahavuye isanamu, Ukrainian presidency

Insiguro y'isanamu, Zelensky yashikirije ijambo inama nshingamateka ya Luxembourg ku musi wa kane mu gitondo
Yatangajwe

Prezida Volodymyr Zelensky yavuze ko Uburusiya ubu bugenzura ibice 20% vy'ubutaka bwa Ukraine - hakaba hasumba Ububiligi, Luxembourg n'Ubuholande biri kumwe.

Ashikiriza ijambo inama nshingamateka ya Luxembourg, yavuze ko uburinganire kwadrato 125.000 ubu bwigaruriwe n'Uburusiya. Aho hakaba harimwo Crime n'ibindi bice vyo mu buseruko bwa Ukraine Uburusiya bwigaruriye ku nguvu mu 2014, bingana n'ibice 7% vy'ubutaka bwa Ukraine.

Zelensky avuga ko intambara ziriko zirabera ku burebure bw'ibirometero 1000.

Yavuze ko abanye Ukraine bababa imiliyoni 12 barataye izabo kuva Ubusiya buteye ico gihugu itariki 24 z'ukwezi kwa kabiri, kandi abarenga imiliyoni zitanu muri bo - benshi muri bo abapfasoni n'abana - bahungiye mu bindi bihugu.

Onu ivuga ko igitigiri c'abantu bose bataye izabo boba bashika imiliyoni 15.

Zelensky kandi yavuze ko igisirikare c'Uburusiya kimaze gutakaza abarenga 30.000 - barenga kure abo reta y'abasoviete yabuze mu ntambara yabereye muri Afghanistan hagati y'imyaka ya 1979-89, n'intambara zibiri zo muri Checheni hagati ya 1994-2000.

Uburusiya buramaze gutanga igitigiri c'abamaze gupfira mu ntambara muri Ukraine gishika ku 1,300.