Ayavugwa mw’igura n’igurishwa ry’abakinyi: Kane, Rice, Caicedo, Onana, Ramos

Harry Kane

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Harry Kane
Yatangajwe

Havugwa vyinshi, inyuma y’aho Arsenal iguriye umudagi Kai Havertz yahora ari umusatirizi wa Chelsea, kandi ikaba yamaze kwemera amasezerano y’imiriyoni 105 z’amapawundi kuri Declan Rice wa West Ham, Tottenham nayo ikaronka Umwongereza James Maddison yahora akina hagati muri Leicester City. Ni mu gihe na Edouard Mendy yahora ari umunyegori wa Chelsea yimukiye muri Al-Ahli yo muri Arabia Saoudite.

Bayern Munich iriteguye gutanga imiriyoni 80 z’amapawundi kugira ngo irabe ko yoronka umusatirizi wa Tottenham Umwongereza Harry Kane w’imyaka 29, inyuma y’aho uno murwi wpo mu Bwongereza wankiye imiriyoni 60.2 z’amapawundi yari yatanzwe ubwa mbere. (Sun)

Umwongereza akina hagati Declan Rice w’imyaka 24, yahawe uruhusha rwo gufatwa ibipimo vyo kwa muganga muri Arsenal mu gihe ibiganiro bibandanya na West Ham kugira bumvikane ku mforo y’ano masezerano y’imiriyoni 105 z’amapawundi. (Talksport)

Umumenyereza wa West Ham David Moyes ariko ararondera umukinyi wo hagati wa Everton Umubirigi Amadou Onana w’imyaka 21, umukinyi wo hagati wa Juventus Umuswisi Denis Zakaria w’imyaka 26, hamwe n’umukinyi w’inyuma wa Manchester United Umwongereza Harry Maguire w’imyaka 28. (Mirror)

Man Utd iriteguye kwegera Brighton ku mugaragaro kugira iyisabe umukinyi wo hagati wayo, umunya-Equateur Moises Caicedo w’imyaka 21, inyuma y’umubonano wa mbere wabaye muri ino ndwi. (Sky Sports)

Aba ba- Red Devils bategekanya kandi kuganira na Chelsea muri ino ndwi kugira ngo barangize ikibazo kidindiye c’umukinyi wo hagati, umwongereza Mason Mount w’imyaka 24. (Telegraph)

Aston Villa iri imbere mu rugamba rwo kurwanira umukinyi w’inyuma wa Villareal umunya-Espagne Pau Torres w’imyaka 26 mu gihe agiye kwinjira umwaka wa nyuma w’amasezerao yiwe. (Express)

Moises Caicedo

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Moises Caicedo

Umukinyi wo hagati wa Celta Vigo umunya-Espagne Gabri Veiga w’imyaka 21, ari ku giciro c’imiriyoni 40 z’ama-euro vyabonetse ko aronderwa na Manchester City, mu gihe Liverpool na Chelsea na zo nyene zimushinze amaso. (Fabrizio Romano)

Liverpool yabonanye n’abaserukizi b’umukinyi wo hagati wa RB Leipzig umunya-Hongrie Dominik Szoboszlai w’imyaka 22 asanzwe ari ku giciro c’imiriyoni 70 z’ama-euro. (Athletic)

Wolves yemeye imiriyoni 7.5 z’amapawundi hamwe n’uturusho tw’umuriyoni umwe w’amapawundi nyene bitangwa na Leicester ku mukinyi w’inyuma umwongereza Conor Coady w’imyaka 30. (Express and Star)

Umumenyereza w’aba-Blues Mauricio Pochettino ariteguye kwakira imirwi yoza irondera kizigenza Cesar Azpilicueta w’imyaka 33, kandi arashobora kureka uyu munya-Espagne akina inyuma akagenda kuri gusa, Inter Milan ikaba yipfuza kuzomukoresha. (The Sun)

Umukinyi akiri muto wa Santos Angelo w’imyaka 18, aherutse guserukira Brezili mu batarenza imyaka 20, ari mu kwimukira muri Chelsea ku miriyoni 15 z’ama-euro inyuma y’aho Barcelona ikuriyemwo akarenge. (GOAL)

Angelo

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Angelo

Umukuru wa Benfica Rui Costa avuga ko Man Utd yiteguriye gutanga imiriyoni 80 z’ama-euro ku musatirizi wayo umunya-Portugal Goncalo Ramos w’imyaka 22. (Correio da Manha, iciye kuri FourFourTwo)

Chelsea iripfuza kurekura umwongereza Callum Hudson-Odoi w’imyaka 22 akina ku ruhande, ku giciro c’imiriyoni 15 z’amapawundi, kandi Nottingham Forest iramwipfuza. (Nottingham Post)

Goncalo Ramos

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Goncalo Ramos