Ubuserukizi bw'Uburundi muri Kenya bwahagaritse abatimbo ba Gahigo i Nairobi - bati turarenganywa

Umurwi w’abatimbo b’Abarundi basanzwe bahurikiye mu murwi Gahigo i Nairobi uvuga ko ubuserukizi bw’Uburundi muri Kenya burondera kubahohotera; aho ni inyuma y’aho bufatiye ingingo yo guhagarika ibikorwa vyawo mu kiringo c’amezi atandatu.
Mu rwandiko rwarungikiwe uno murwi, ibiro vy’ubu buserukizi vyagiriza uno murwi “inyifato itabereye yo kubandanya guca impande y’amategeko ajanye n’umuco wo kuvuza ingoma”, bukavuga ko ari “inyifato itosekaza ishusho y’Uburundi ndetse n’akaranga kajanye n’umurisho w’Uburundi”.
Didier Dushime, umukuru w’uwo murwi ndangakaranga, yabwiye BBC ko umurwi wiwe urenganywa, kandi ko no mu vyo ubuserukizi bwagiriza umurwi wiwe ata vyemezo bufise.
Ubuserukizi bw’Uburundi i Nairobi bwagiriza abatimbo b’uno murwi ko bagiye kuvuza ingoma batabibumenyesheje, ko bavugirije ingoma mw’ibarabara bakanatoza amahera ku bahita.
Inyuma yo guhagarika uno murwi vy’imfatakibanza mu kiringo c’amezi atandatu guhera ku wa 08 Munyonyo (11), ubuserukizi busaba uno murwi gushira mu minwe yabwo ibikoresho vyawo nk'"ingoma, uMwambaro n’ibindi bijanye".
Dushime avuga ko ivyo umurwi wiwe wagirizwa ata shingiro bifise, akavuga ko umurwi wiwe ukurikiza ibiranga umurisho w’Uburundi.
Ati: “Ivyo batwagiriza ngo tuvuza ingoma dusaba amafaranga, twebwe iryo kosa ntaryo twokora. Jewe maze imyaka irenga cumi mvuza ingoma, sindigera mvuza ingoma ngo ndiko ndasabiriza amafaranga, bashaka kuturemeka inkono ishushe”.
Ku vyo bagirizwa vy’uko bavugije ingoma batabisabiye uruhusha, Dushime avuga ko basiguriye ubuserukizi ibikorwa vyama biba buri kwezi, bizwi nka “Drama Supper”, kandi ko bwabahaye uruhusha, aho yemeza ko umunyamabanga wabwo yabahaye urusha akababwira ati “gende mubikore ariko mukurikize ivyo twabasavye”.
Mu gihe uno murwi wemeza ko ubuserukizi bwabatumyeko bukabasigurira amategeko yose agenga umurisho w’ingoma z’Uburundi, umukuru wawo avuga ko bashima ivyo babwiwe kandi ko babikurikije.
Didier Dushime abona ko ubuserukizi bw’Uburundi "burwanya uno murwi kandi ko bwoba buhengamiye ku wundi murwi w’abatimbo ubarwanya", agasaba ko bokwicarana kugira ngo batorere hamwe umuti w’ingorane zoba zihari.
Ubuserukizi bw'Uburundi i Nairobi muri Kenya buvuga ko ata ho bwegamiye, ko gusa buhagarariye amategeko.
Mu bindi Dushime avuga ko adashima mu vyo babwiwe, ni ivyo gushinga umurwi umwe w’abatimbo, Dushime akavuga ko iki kidashoboka kuko buri murwi ufise intumbero yawo.
Ati: “Twebwe twaramubwiye tuti, urabona no mu rukino rw’umupira w'amaguru, hari imirwi itandukanye, ntushobora kubwira umurwi kanaka ngo ja hamwe n’uyu, ntibikunda kuko buri murwi uba ufise intunganyo yawo.
Twebwe twashinze umurwi Gahigo, dufise intumbero y’aho dushaka kugeza umurwi, uwundi murwi na wo wundi ukagira intumbero yawo, rero ntushobora kutubwira ngo genda uje hamwe n’urya”.
Ubuserukizi bw'Uburundi i Nairobi kandi buvuga ko bwari bumaze guhanura umurwi Gahigo incuro zitari zike, ariko ngo ukabandanya urenga ku mategeko aranga ingoma z'Uburundi kandi uyazi.
Si bwo bwa mbere, ubutegetsi bw'Uburundi bugiranye ibibazo n'imirwi y'abatimbo b'Abarundi basanzwe baba hanze, bukayagiriza guhonyanga amategeko agenga ingoma z'Uburundi, kuva zinjijwe mu murage ndangakaranga w'ishirahamwe UNESCO.










