Gushaka ubwigenge bwa Biafra guteje isibe muri Nigeria: ubwoba no mu bashingira n'abashingura

Ahavuye isanamu, Getty Images
- Umwanditsi, Chiagozie Nwonwu
- Igikorwa, BBC News, Lagos
- Yatangajwe
Imidurumbanyo yatumye abanyagihugu bava mu bigwati vyabo, aho bari babaye batekanye, kugeza mu myaka mike iheze.
Uyu mugabo twahaye izina rya Chike Anyikwa, yagize ati: "Data wacu yarahunze ava ku muhana iwe kuko abantu baguma baza kumwaka amafaranga, kugira ngo baje kugura amasasu. Imihana yacu iragaragara, kuko aribo bashinga amategeko”.
Izina ryiwe twarihinduye kugira ngo tumurinde agatotezo.
Aho bacumbitse hafi y’amashamba, abo bitwaje ibirwanisho bashinze leta mu yindi, mu kigwati cari ica ba sokuru ba Anyikwa, ndetse n’abandi benshi, muri leta ya Imo, ari nayo kumwe na leta ya Anambra, hasinzikajwe cane n’ingaruka z’izi ndyane.
Amakambi nka bene ayo araboneka kandi mu zindi leta zitatu Abia, Ebonyi na Enugu, izi zose akaba ari zo zigize akarere ko mu bumanuko bushira ubuseruko, ako abo barwanyi bashaka ko gahinduka leta yigenga ya Biafra.
Abitwaje ibirwanisho bigaruriye ububasha bwa leta n’ubwo abatware ba kame.
Hagize uwushaka gutunganya urubanza rw’ubukwe canke gushingura uwiwe, arinda kwaka uruhusha rwabo kandi akariha kugira ngo abone guhabwa ubwo burenganzira.
Abakuriye uwo murwi barihaye n’uburenganzira bwo kwuzuriza abanyagihugu bagiranye amatati nk’ay'amatongo, ikimenyetso cerekana uburyo bigaruriye ubutegetsi.
Anyikwa asanzwe aba mu gisagara ca Enugu kandi – nk’abandi baharugwa mu bihumbi, ntiyashoboye kuja kurira umusi mukuru wa Noweli iwabo incuro zibiri zose – gutyo atakaza umugenzo wo gusubira ku muzi w’iziko mu guhimbaza uyo musi mukuru.
Agira ati: “ Hari umubanyi aheruka kugira ubukwe mu mihana iwacu. Nta n’umwe yabutashe. Ubwoba ntibwakundiye n’umwe kuhagera. Abajejwe umutekano baza bava Owerri (umugwa mukuru wa leta ya Imo) bagasubira inyuma iyo baje bava kubera ibigo vy’igipolisi vyasambutse.
Yongeyeko ati: “Amategeko abantu bazi ni ayashizweho n’abitwaje ibirwanisho batazwi, bavuga ko ari Biafra, ariko turazi ko atari bo”.
Gushiraho leta ya Biafra ni indoto yabayeho kuva kera ku muryango w’aba Igbo, abantu bifuza ko ubumanuko bushira ubuseruko, n’igice ca Niger Delta, biba ubutaka bwabo bwigenga.

Ahavuye isanamu, Getty Images
Aba Igbo, bazwi nk’inkerebutsi mu rudandazwa no gushora imitahe, nibo baza mu kibanza ca gatatu mu bwinshi mu moko yo muri ico gihugu, aho bagize ibice 15% vy’abanyagihgu ba Nigeria ubu bageze kuri miliyoni 217 nk’uko biri mu biharuro bitangwa ku rubuga ‘statista.com’ rwegeranya ibiharuro biturutse mu bushakashatsi butandukanye.
Isekeza ryo kurondera kwiyonkora ryatanguye kumenyekana cane mu myaka ya 1960s, igihe umusirikare w’intwazangabo y’umu Igbo, Emeka Odumegwu Ojukwu, yatangaza ivuka rya Biafra, inyuma y’ubwicanyi bwatota abo muri ako gace k’ubumanuko bushira ubuseruko biciwe mu buraruko bwa Nigeria.
Ariko uko gushaka kwiyonkora kwarangijwe n’intambara yasheshe amaraso menshi, aho abantu barenga umuriyoni bapfuye mu myaka itatu bahitanywe n’intambara, inzara no kutaronswa ubuvuzi.
N’ubwo Lt col Ojukwu atashitse ku co yifuza, iciyumviro co kwiyonkora carahagumye kuva ico gihe, aho abanyuma bagumye bagishira imbere ari abo mu muryango w’aba Ipob w’imvukira (abasangwa) zo muri Biafra
Umuhari washinzwe mu 2012 n’aba Igbos babiri baba mu Bwongereza, Nnamdi Kanu na Uche Mefor, watanguye uharanira kwiyonkora mu mahoro, mu nyuma ushinga ishami ryitwaje ibigwanisho, ‘the Eastern Security Network’ (ESN), mu bumanuko bushira ubuseruko bwa Nigeria mu 2020.
Ico gihe wavuze ko ukoze ivyo kugira ngo urinde umutekano w’aba Igbos, mu bumanuko bushira ubuseruko.
Ariko abawunegura bavuga ko wazanye ubugizi bwa nabi bwataye abanyagihugu mu vyago.
Leta ya Nigeria ifata Ipob nk’umurwi utemewe, nayo sentare yaramaze gushira uwo mugwi ku rutonde rw’imihari y’iterabwoba.
Abanegura leta bavuga ko gushaka gukoresha igikenye mu gusambura uwo murwi, vyatumye abanyagihugu bahababarira gusumba, aho imihana yabo yatewe, abakiri abasore bagapfungwa canke bakicwa, iyo biketswe na gato ko boba bakorana n’uwo murwi.
Kubandanya gupfungwa kw’abajejwe umutekano ba Kanu, mu gihe sentare yari yamaze gutanga itegeko ko arekurwa kuko yafatiwe hanze y’ igihugu mu buryo budakurikije amategeko, bisobanura ko uwo murwi utagishobora gukora ushize inguvu hamwe, wisunze uburongozi bumwe n’umugambi umwe wa politike.
Ahubwo, wiciyemwo ibice, bimwe bikaze gusumba ibindi mu bugizi bwa nabi, n'ingabo zavyo zitagira n’umurongo zisunga mu nyifato (discipline).
Ibi vyatumye umurwi wa Ipob utakaza icizere mu banyagihugu b’aba Igbos bari bawushigikiye igihe washingwa.
Ibitero vy’abitwaje ibirwanisho mu karere, inzego zishinzwe umutekano zitiranya n’uwo murwi, vyatumye abanyagihugu baharugwa mu majana bicwa, eka ndetse bihitana n’abo mu nzego z’umutekano kuva mu 2020.
Abagore, abana, abasaza, bose ntawe iyo ntambara isiga inyuma.

Ahavuye isanamu, Getty Images
Mu bugizi bwa nabi bwagaragaye mu minsi y’akaruhuko ka Noweli, isanamu ya video yerekana umugore yambuwe impuzu kandi aboshe yakwiragijwe ku mbuga hwaniro.
Mu nyuma uwo mugore yamenyekanye nk’umusirikare wo mu ngabo za Nigeria, yari yagiye kuramutsa inakuru muri leta ya Abia, igihe abitwaje ibirwanisho bamunyuruza, bagasohora iyo video batera ubwoba ko bashobora kumwica.
Uwundi musirikare w’igitsina-gore yari yagiye mu birori bishingiye ku muco kavukire vy’urubanza rw’ubugeni yaranyurujwe mu kwezi kwa gatanu, umwaka wa 2022, abamunyuruje berekana video yicwa agacibwa umutwe.
Uwari amureheje, nawe nyene yari umukukuruke mu gisirikare, hamwe na mwishwawe barishwe n’abo bitwaje ibirwanisho biyise abashaka kwiyonkora.
Abo baherutse kunyuruza iyo ntwazangabo biyise ‘abitwaje ibirwanisho barwanira Biafra’, kandi barahakana ko bari kumwe na Ipob.
Uku niko myinshi mu mirwi y’ubugizi bwa nabi yiyita mu ma video, isa n’iyityoza ibinyamakuru bikunze kwitirira ubugizi bwa nabi muri ako karere ‘abitwaje ibigwanisho batazwi’.
Ababibonye bavuga ko abasirikare baturiye imihana, n’ibidandazwa mu bigwati igihe bariko bararondera uwo musirikare yanyurujwe kumwe n’abamutwaye.
Umuvugizi wa ‘Brigade ya 34 muri Obinze, muri leta ya Imo, Capitaine Josep Askubo, yabwiye BBC ko abasirikare atari bo bakwiye kubazwa ivyo bitero vy’abaturiye.
Ariko, ibitero nka ben’ivyo vyo gusiga baturiye si ubwa mbere bibonetse mu karere.
Kimwe mu vyabaye biteye akoba, mu kwezi kwa cumi mu 2021, abasirikare barezwe n‘abanyagihugu baho ko baturiye inzu zirenga 40 mu kigwati ca Izombe, muri leta ya Imo, inyuma y’aho abasirikare babiri bagenzi babo n'umunyagihugu asanzwe biciwe mu mishamirano hagati y’abasirikare n’urwaruka rwaho.
Imirwi yo kwirarira yashinzwe bifashijwemwo na leta mu nzira yo kugabanya ikibazo c’umutekano muke, nayo nyene iragirizwa amabi.
Ayamenyekanye cane ni ubwicanyi bwakorewe abasore batanu bivugwa ko bari bavuye gutaha ubukwe muri Awomama, muri leta ya Imo, mu kwezi kw’indwi umwaka wa 2022.
Chigozie Ekesinachi, yaburiye bene nyina babiri muri ubwo bwicanyi, avuga ko umurwi wo kwirarira ufashwa na leta, Ebubeagu, ariwo wari inyuma y’ ubwo bwicanyi.
Avuga kandi ko hari umurwi w’abo bakora amarondo bamutaye muri yompi we n’abo mu muryango wiwe, igihe bamenyeye ko hari ico bapfana n’abo bishwe, ibiziga vyabo bikirambitse ahabereye ayo mabi.
Igisata kijejwe umutekano cahavuye cemera uruhara muri ubwo bwicanyi, aho cavuze ko abo bantu bari abarwanyi b’umuhari uharanira kwiyonkora kwa Biafra.
Abiyita abaharanira kwiyonkora nabo nyene baravugwa mu bwicanyi butota abanyagihugu basanzwe b’aba ‘civils’.
Mu kwezi kwa 12 umwaka wa 2021, abayobozi kavukire baranyurujwe bakuwe ku kirimba iwabo.
Umwe muri bo Paul Ogbu, yarishwe ikiziga ciwe gitabwa mu kinogo kumwe n’ibindi vyariko birabora, mu gihe abajejwe umutekano bashoboye gutabara mugenzi we Acho Ndukwe, bamukura mw’ikambi y’abo bitwaje ibirwanisho.
Video yahavuye igaragara yerekanye abo basaza bariko bicwa urubozo n’abari babanyuruje, babagiriza ko ari ‘abatovyi b’isekeza ryo kurondera ubwigenge bwa Biafra’

Ahavuye isanamu, Getty Images
Chidiebube Okeoma, umunyamakuru wo muri leta ya Imo, akorera ikinyamakuru ‘Punch’, yavuze ko uwo mutekano muke ushika no ku mugwa mukuru w’iyo leta.
Avuga ko "Owerri hari hazwi ko ibikorwa bidahagarara ngo n’uko bugorovye, ariko ubu vyose vyashize kubera uduce turangwamwo ubwicanyi.
Iyo abantu ngo babonye amasura y’abo batazi barihisha.
Abantu bumvise ipine ry’imodokari rituritse, bariruka kandi kera siko Imo hari hameze”.
Uwo muji, co kimwe n’iyindi miji yose, ndetse n’ibisagara vyo mu bumanuko bushira ubuseruko, ku munsi wa mbere haba hera, kubera abo baharanira kwiyonkora bategeka abantu kuguma muhira, bakugara mashure, amasoko ndetse n’ibikorwa vya leta.
Ibi vyatumye abanyeshure bacikwa n’ibibazo bihambaye, abakora urudandazwa barahomba.
Anyikwa avuga ko "ndetse na ba Bulamatari baba bari mu mazu yabo ya leta, bubahiriza iryo tegeko ryo kwicara muhira’
Aratinya ko abenshi mu banyagihugu bo mu bumanuko bushira ubuseruko batazoshobora kuja mu matora ya bose mu kwezi kuza, na burya imwe muri iyo mirwi y’abashaka kwiyonkora yamaze guhamagarira abanyagihugu kutitabira ayo matora.
Ikindi kandi, abitwaje ibirwanisho biyitirira guharanira ukwiyonkora n’ubwigenge bwa Biafra, barateye ibiro vy’umurwi wigenga ujejwe gutegura amatora, n’abariko barandika abazoja mu matora.
Barishe n’umwe mu bakozi b’uyo murwi mu 2022.
Anyikwa agira ati: "Ndaterwa isoni cane n’umutekano muke usigaye urangwa mu bumanuko bushira ubuseruko”
Muri kino gihe bisa n’aho umutekano muke utimirije guhera vuba namba.
Kuwa 02/ 01/2023, abantu batanu, barimwo umuyobozi mukuru w’igisagara ca Obosi, hafi y’umuji w’ubudandaji wa Onitsha, muri leta ya Anambra, barishwe mu bwicanyi leta yise ubushingiye ku kwemera.
Uwo munsi nyene, muri leta ya Imo, abapolisi bane, barishwe igihe urukurikirane rw’imodokari rw’uwahoze ari bulamatari y’iyo leta Ikedi Ohakim, yaterwa n’umurwi witwaje ibirwanisho.
Imodokari y’intamenwa barimwo yarokoye ubuzima bwa Ohakim n’abana,
Perezida Muhammadu Buhari yarwanye ku ruhande rwa Nigeria mu ntambara ya Biafra, yiyemeje mu kwa gatandatu 2021 kuzovugana n’abo bashaka kwiyonkora ‘mu rurimi bumva’, ivyavuzwe ko na menshi ndetse bigatuma na Twitter ifuta ubwo butumwa bwiwe.
Vyitezwe ko perezida Buhari asubiza intebe y’umukuru w’igihugu iyuma y’amatora yimirije, aho Okeoma yiteze ko uwuzomusubirira azoheza agatera intambwe mu gutorera umuti indyane zo mu bumanuko bushira ubuseruko, n’izindi ndyane ziri mu bice bitandukanye vya Nigeria.
Agira ati: "Reta yarananiwe".
"Ni ikintu gishobora gutorerwa umuti hisunzwe uburyo budashira imbere kwikunda canke inyungu iyo ari yo yose,".











