Kenya: Abigisha bari muri video y'abana bigana imibonano mpuzabitsina bahagaritswe

Ahavuye isanamu, Getty Images
Abarimu batandatu bo kw'ishure rito rya Itumbe DOK mu gihugu ca Kenya, bagirizwa gutegeka abana kugira agakino ko gusambana, bashobora guhanirwa ukwitwara nabi bakanakurwa no mu kazi, nk'uko bivugwa n'umushikiranganji w'indero Ezekiel Machogu.
Abo barimu bahagaritswe n'igipolisi inyuma y'aho hagaragariye video ku mbuga ngurukanabumenyi yerekana abanyeshure bariko barigana gukora imibonano mpuzabitsina, abarimu bariko barabaraba.
Inkuru ziva mu bitangazamakuru muri ico gihugu zivuga ko abo bigisha b'i Nyamache mu karere ka Kisii, bahagaritswe inyuma y'aho abategetsi bo mu bushikiranganji bw'indero bihwereje iyo video, baca barayinebagura.
Muri yo video Abantu bakuze bashobora kuba ari abigisha barumvikana bariko baravugana bongera batwenga mu gihe hari umuntu yariko arafata kuri video abahungu bane bambaye impuzu z'ishure.
Igipolisi kivuga ko iyo video "yerekana abo banyeshure bariko barakora ivyo biterasoni" vyagaragaye ko yavuye kuri iryo shure nyene.
Bivugwa ko batandatu bahagaritswe bari mubariko barafasha mu matohoza kandi ko ingingo bikwiranye zigiye gufatwa.
Iyo video yarakwiragiye cane ku mbuga hwaniro aho benshi bagiye baravuga ko abayikoze bafatirwa ingingo.
Umwe mu banditswe kuri Twitter yagize ati: "Ivyo bakoze ntakundi vyokwitwa atari ibiterasoni, ubukoko, ubusazi. Nta cumvikana kirimwo! Reka bahanwe bikomeye n'ubutungane."
Uwundi yagize ati: "Ndashigikiye ihagarikwa ry'abo bigisha batandatu... Nta kintu na kimwe gisigura ivyo bakoze."









