Wafcon: 'Sinari nzi ko hariho imigwi y'abagore y'umupira w'amaguru' - Esperance Habonimana

Yatangajwe

Igihe umurundikazi Esperance Habonimana, umukobwa muto mu bitavye ihiganwa rya Wafcon, yatangura gukina umupira w'amaguru, yatanguye nk'abandi bose muri Africa - akina mu migwi y'abagabo.

Uwo mukobwa muto cane mw'ihiganwa rya Afrika ry'umupira w'amaguru mu bagore (Wafcon) avuga ko impamvu ari imwe gusa isanzwe.

Uwo mukobwa w'imyaka 15 yabwiye BBC Sport Africa ati:"Narakina umupira ariko sinigeze menya ko hariho imigwi y'umupira w'amaguru y'abagore."

"Nakina mu migwi y'abagabo na basaza banje kubera mu mutwe wanje sinigera nibaza ko hariho imigwi y'abagore."

Ubu ari mu mugwi nserukiragihugu w'Uburundi ishitse mu nkino za nyuma ubwa mbere, n'aho atashoboye gukina inkino zibiri za mbere, yose umugwi wiwe watsinzwemwo, ariko aranezererewe no kuba yaragiye muri Maroc muri iryo higanwa.

Uwo mukinyi wo hagati agira ati:"Sinigeze nibaza ko nzoshika ngaha. Narakoze cane, naranezerewe cane banshize ku rutonde."

Habonimana akina mu mugwi wo ku mugwa mukuru w'ubutunzi, i Bujumbura mu Burundi.

Ubutunzi ku muryango

Nk'umwana muto mu muryango, ku myaka 12 yaciye atangura kwigishwa umupira na se wiwe na basaza biwe na bo basanzwe bakina umupira.

Habimana asigura ati:"Nahora nsohoka njanye na basaza banje - misi yose naguma ndabasaba kumvyura mu gihe nasinziriye, igihe baba bagiye tugaca tujana."

"Umusi umwe, umugore umwe afise umugwi w'umupira w'amaguru w'abagore yarambonye ndiko ndakina mu bagabo, aca ansaba kuja mu mugwi w'abagore, hanyuma yaciye aza muhira aravugana n'abavyeyi banje."

Umunezero w'uko Habonimana amenye ko hariho imigwi y'abagore wamaze umwanya urume rumara kuko nyina wiwe ntiyamushigikiye muri urwo rukino.

Yibuka ibi:"Mawe yambwiye -'Sindigera mbona abagore bakina umupira w'amaguru, kubera iki guma wihatira kuwukina?"

"Yambwira ko adashaka ko nkina umupira w'amaguru kubera noca nkomera cane nk'abahungu, ariko data aramubwira 'reka umwana yikinire'"

"Prezida w'imigwi y'abagore y'umupira w'amaguru yaraje aravugana na mawe amubwira ko hariho abagore bakina umupira w'amaguru kandi ko atari ibintu bibi. Hari abagore bafise abana ariko babandanya gukina, hanyuma mawe aratinda aragondozwa arandeka ndakina."

Amakenga ya nyina wa Habonimana ku bagore bakina umupira w'amaguru arumvikana kuko gukina umupira w'amaguru ku abapfasoni mu Burundi bitanguye vuba.

Ico gihugu cakinye urukino rwa mbere rwemewe na FIFA mu 2016, ariko carateye imbere cane muri iyi myaka itandatu iheze inyuma yo kuronka imfashanyo z'amashirahamwe mpuzamakungu igenewe guteza imbere umupira w'amaguru ku bapfasoni.

Uwo muyabaga yizeye ko ishirahamwe ry'umupira w'amaguru mu Burundi rizobandanya gukora mu ntumbero yo guteza imbere umupira w'amaguru ku bagore mu gihugu ciwe, ariko Habonimana aza yamaze gutangura kurota kujana ubumenyi afise muri urwo rukino mu bindi bihugu.

Avuga ati:"Ndizera ko nshobora gukina umupia mu bindi bihugu kuko ntushobora gutera imbere ugumye mu kibanza kimwe."

Gukinira Uburundi, buri mu kibanza kiri hasi cane mu vyitavye iryo higanwa (buri mu kibanza ca 169 kuri bihugu 181 biri ku rutonde rwa Fifa), muri Wafcon bishobora muri kazoza kumufasha gushika ku ndoto ziwe, kandi uravye imyaka yiwe, arashobora kubishikako.

Gutsindwa n'iyindi migwi mishasha, Botswana 4-2 mu rukino rwa mbere, gutsindwa na Afrika y'Epfo 3-1, yabaye iya kabiri mw'ihiganwa riheruka, vyari vyitezwe ariko bisize uwo mugwi habi.