Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Burundi-CAN: Intamba z'abagore muri CAN 'tugiye guhura n'ibihugu bikomeye'
Umukuru w'igisata c'abagore mu rwego rujejwe umupira w'amaguru mu Burundi avuga ko bagiye gutumako abakinyi bari mu bihugu vyo hanze kugira baze gufasha mu mwiteguro wo kuja mu gice ca nyuma c'ihiganwa ry'igikombe ca Africa, CAN.
Eugenie Kabura avuga ko hari abakinyi baziga mu Amerika, Ubufaransa na Swede.
Madame Kabura yabwiye BBC Gahuzamiryango ko intsinzi ya 11-1 mu nkino zibiri na Djibouti yabahaye ''icigwa co kugira twitegure cane [...] kuko tugiye guhura n'ibihangange."
Kuri Stade Urukundo i Ngozi kuri uyu wa mbere, urukino rwa kabiri na Djibouti rwarangiye ari 5-0 vy'Uburundi. Mu rwa mbere, Uburundi bwari bwatahukanye intsinzi ya 6-1.
Ni ubwa mbere umugwi nserukira-gihugu w'Uburundi mu gisata c'abagore mu mupira w'amaguru ushika mu gice ca nyuma c'ihiganwa rya CAN; bagenzi babo b'abagabo bagishitsemwo mu 2019.
Ico gikombe kizokinirwa uyu mwaka mu gihugu ca Maroc mu kwezi kw'indwi, ariko ingene imigwi izohura ntibiramenyekana.
Eugenie Kabura avuga ko ati: "Umunezero... intsinzi ku gihugu cacu c'Uburundi, intsinzi ku bakenyezi n'abigeme b'igihugu c'Uburundi."
Mu mugwi Uburundi bwarimwo, Intamba zarangije mu kibanza ca gatatu inyuma ya Maroc na Uganda inyuma y'aho Kenya yikuriyemwo imbere y'uko batana mu mitwe.
'Tugiye kurondera umukinyi w'umurundikazi iyo ari hose'
Ibihugu 12 nivyo bizohiganirwa ico gikombe ca Afrika hagati y'itariki 2 na 23 z'ukwezi kwa Mukakaro/Nyakanga(ukwa 7).
Imigwi ine izoshika mu gice ca kane gishira ica nyuma ikazoca ironka amahirwe yo kuzoserukira Afrika mu gikombe c'isi kizobera muri Australia na Nouvelle Zelande mu mwaka uza.
Eugenie Kabura avuga ko mu kwitegurira iryo higanwa rikomeye Intamba z'abagore zishitsemwo ubwa mbere, bagiye gutumako abakinyi bose bazi b'abarundikazi bakina mu bindi bihugu kugira baze kubafasha.
Avuga ko no muri iyo ntsinzi ibashikanye ngaho, abakina mu migwi yo mu bindi bihugu bagize uruhara rukomeye. Harimwo batandatu bakina mu Rwanda, Ubwongereza na Tanzania.
Mu rukino rwo ku wa mbere, Aniella Uwimana akina muri Tanzania yinjije ibitsindo bitatu.
Ahandi baziga abikinyi ngo ni muri Amerika, Ubufaransa na Swede.
Eugenie Kabura ati: "Kuja muri CAN si ikintu coroshe. Tugiye guhura n'ibihugu bikomakomeye.
"Hariho aho tubona hadakinwa neza, tugiye kurondera abamenyereza babizi cane, kurondera ubumenyi [...] kugira umugwi uzohaguruke uja mu gihugu ca Maroc ari umugwi ukomeye kandi wizeza kugira vyiza."
Inkino za kabiri zo gukuranamwo mu kurondera itike yo kuja muri CAN mu rwego rw'abagore: Izimaze gukinwa n'izitegekanijwe
Ku wa mbere, 21/02
- Burundi 6-0 Djibouti (12-1 muri rusangi)
Ku wa kabiri, 22/02
- Namibia v Zambia (0-0 gushika ubu ) (Johannesburg, 14:00 GMT)
- Mali v Senegal (0-1 gushika ubu ) (Bamako, 17:00 GMT)
Ku wa gatatu, 23/02
- Gabon v Togo (1-2 guhsika ubu ) (Libreville, 14:30 GMT)
- Equatorial Guinea v Tunisia (0-5 gushikika ubu) (Malabo, 15:00 GMT)
- The Gambia v Cameroon (0-8 gushika ubu) (Bakau, 15:00 GMT)
- Ivory Coast v Nigeria (0-2 gushika ubu) (Abidjan, 15:00 GMT)
- Burkina Faso v Guinea-Bissau (6-0 gushika ubu ) (Porto-Novo, 16:00 GMT)
- Botswana v Zimbabwe (3-1 gushika ubu ) (Francistown, 17:00 GMT)
- Algeria v South Africa (0-2 gushika ubu) (Algiers, 17:00 GMT)