Ukraine-Russia: Ingendo z’indege zahagaritswe ku kibuga c’indege c’i Moscou kubera igitero ca drone

Ahavuye isanamu, AFP
- Umwanditsi, Na Kathryn Armstrong
- Igikorwa, BBC News
- Yatangajwe
Ukraine yakoze igitero ikoresheje za ndege zitagira abadereva (drone) i Moscou, nk’uko bivugwa n’ubushikiranganji bw’Uburusiya bujejwe kwivuna abansi, bica biba ngombwa ko indege zivanwa ku kibuga c’indege ca Vnukovo.
Bivugwa ko iki gitero co kuri uno wa kabiri cakozwe n’amadrone atanu, zikaba kandi zateye n’ibindi bice vyo mu micungararo y’umugwa mukuru.
Ubushikiranganji bwo kwivuna abansi buvuga ko aya madrone yose yakorowe kandi ko ata bantu bapfuye canke ngo bakomereke, kandi ko ata bintu vyononekaye.
Ukraine ntiremeza ko ari yo yakoze iki gitero.
Amategeko yabuza uruja n’uruza kuri iki kibuga c’indege ca Vnukovo, kimwe mu bibuga vy’indege mpuzamakungu vya Moscou, ubu yavanyweho. Indege zo muri Turukiya, Reta Zunze Ubumwe z’Abararu (Emirats Arabes Unis/United Arab Emirates) na Misiri ni zo zakozweko n’iki gitero.
Nk’uko bivugwa n’ubushikiranganji bwo kwivuna abansi, ane mu madrone yariko aca hejuru y’intara ya Moscou yarashwe hakoreshejwe ibikoresho vyo gucungera ikirere. Iya gatanu na yo ifatwa hakoreshejwe ubuhinga bwa elektroniki imbere yo gukoroka.
Aciye ku rubuga rwa Telegram, umuvugizi w’ubushikiranganji bw’imigenderanire Maria Zakharova, avuga ati: "Iki gikorwa c’ubutegetsi bwa Kyiv co kugerageza gutera akarere kagizwe n’ibikorwa remezo vya gisivire, harimwo ikibuga c’indege cakira indege mpuzamakungu, ni ikindi gikorwa c’iterabwoba”.
Ibinyamakuru vyegamiye reta y’Uburusiya bivuga ko imwe muri aya madrone yakorokeye mu gisagara ca Kubinka kiri ku birometero vyababa 36 uvuye ku kibuga c’indege ca Vnukovo mu bumanuko bushira uburengero bw’iki gisagara.
Iyindi ivugwa ko yarasiwe hafi y’ikigwati ca Valuevo, na co nyene kiri hafi y’ikibuga c’indege.
BBC iriko iragerageza guhinyuza aya makuru ku giti cayo.
Iki sico gitero ca mbere ca drone gikozwe kuri Moscou. Mu kwa gatanu, ubushikiranganji bw’Uburusiya bujejwe kwivuna abansi bwavuze ko amadrone nibura atanu yononye ibintu bukebuke.
Bwari bwo bwa mbere iki gisagara gitewe amadrone menshi kuva Uburusiya butanguye igitero kuri Ukraine mu kwa kabiri 2022. kandi vyabaye inyuma y’aho Moscou yagirije Kyiv igitero kuri Kremlin (ibiro vy’umukuru w’igihugu c’Uburusiya).
Ukraine irahakana ko ata ruhara ifise muri ibi bitero vyompi.
Igitero ca drone co kuri uno wa kabiri kibaye inyuma y’aho Ukraine itanguriye igitero rurangiza co kwikura umwansi ku birindiro vy’Uburusiya.
Iki gitero rurangiza ntikirafata umurindi bamwe bari biteze, harimwo na Perezida Volodymyr Zelensky we nyene ubwiwe, akaba aherutse kwemera ko ibikorwa bigenda bukebuke.
Hagati aho, igitigiri c’abapfiriye mu gitero ca drone y’Uburusiya mu gisagara ca Sumy kiri mu buraruko bwa Ukraine ejo ku wa mbere cageze ku bantu batatu, nk’uko bivugwa n’umukuru w’igisagara. Abandi bantu batari bake na bo barakomeretse.










