DRC: Intambara zabandanije n'aho M23 yatangaje ko yahagaritse intambara

M23

Ahavuye isanamu, Reuters

Yatangajwe

Amakuru ava mu buseruko bwa Repubulika ya Demokrasi ya Congo avuga ko intambara zibandanya hagati y’igisirikare ca reta n’inyeshamba z’umuhari M23, hahonyanzwe amasezerano yo guhagarika intambara.

Ibinyamakuru vyo muri ico gihugu bivuga ko habaye ugutana mu mitwe mu turere tutari duke mu ntara ya Kivu ya Ruguru mu buseruko bwa Congo.

Inyeshamba zivugwa ko zigaruriye ibigwati bitari bike, harimwo Karuba iri ku birometero 30 uvuye ku mugwa mukuru w’iyi ntara, Goma.

Impande zompi zitana ba mwana, aho buri ruhande rwagiriza urundi ko ari rwo ntandaro.

Mw’itangazo ryasohowe n’umuvugizi wa gisirikare mu ntara ya Kivu ya Ruguru, inyuma y’uko M23 isohoreye itangazo imenyesha ko ihagaritse intambara, Liyetena Koroneri Ndjiko Kaiko Guillaume yavuze ko M23 yateye ibirindiro vy’igisirikare ca Congo mu kigwati ca Karuba kw’ibarabara rya Kibirizi-Rwindi.

Mu gihe amakuru avuga ko intambara zabandanije kuva mu gaturuturu ko kuri uno wa gatatu, Majoro Willy Ngoma arahakana ko M23 itateye ibirindiro vy’ingabo za Congo, akagiriza ahubwo urunani rw’ingabo za Congo ko ari bo babateye.

Yabwiye BBC ati: “Twebwe nta kindi dukora atari ukwivuna gusa”.

Igisirikare cagiriza M23 ko yateye amabombe ku birindiro vy’ingabo za ONU n’ivyo ingabo z’Uburundi zarungitswe mu rwego rwa Afrika y’Ubuseruko mu ntumbero yo guhagarika izi ntambara.

Hagati aho, umuvuzigi w’igisirikare c’Uburundi, Koroneri Floribert Biyereke avuga ko aya makuru atari yo.

Umuvugizi wa M23, Majoro Willy Ngoma na we nyene arahakana aya makuru, akavuga ko ari irementanya rikorwa n’igisirikare mu ntumbero yo kwereka amakungu ko umuhari avugira ari wo mubi.

Inyeshamba zivuga ko zikeneye ko izi ndyane zitorerwa inyishu biciye mu mwumvikano ariko ko zifise uburenganzira bwo kwivuna ziramutse zitewe.