Imyaka mike yo kurongora mu Bwongereza na Wales yongerejwe gushika kuri 18

Ahavuye isanamu, Getty Images
By Rajdeep Sandhu & Becky Morton
BBC Politics
Itegeko rishasha rishinga ko imyaka yo kurongora ari 18 ryagiye mu ngiro mu Bwongereza no muri Wales.
Abantu bahora bashobora kurongora canke kurongorwa ku myaka 16 canke 17 mu gihe abavyeyi babibemereye, kandi nta tegeko na rimwe ryabuza uwo mugirwa ku bana batiyandikishije mu nzego z'ibanze.
Iryo tegeko rishasha kandi riraraba umugirwa wo kurongora abantu batarinze guca imbere y'ubutegetsi.
Reta ivuga ko iyo mpinduka ishobora gufasha gukingira abana kuja kurongorwa ku nguvu.
Kuja kurongorwa ku nguvu cahora ari icaha iyo ubikoreshejwe ku gahato, nko guterwa ubwoba vyarakoreshwa.
Ariko hakurikijwe amategeko yo kwubakana no kubana bisanzwe ( ufatiye ku myaka mike ishoboka), ubu kirabujijwe ko abana bubakana mu buryo ubwo ari bwo bwose, hakoreshejwe inguvu canke zitakoze.
Iryo tegeko ntiriraba ibihugu vya Ecosse na Irlande ya ruguru, aho imyaka mike yo gushobora kurongora izoguma ari 16.
Muri Irlande ya ruguru, abavyeyi bategerezwa kubanza kwemerera abana bari musi y'imyaka 18 bubakana, ariko muri Ecosse si ko bimeze.
Abashikirangaji bo muri Irlande ya ruguru baherutse kumenyesha ko bashaka kwongereza imyaka mike yo kurongora gushika ku myaka 18, ariko kubera ubwumvikane buke bwa reta, iryo tegeko ntirishobora gutera intambwe.

Ahavuye isanamu, TEDXHULTLONDON
Umusi w''ivyishimo'
Uwuharanira agateka k'abarongorwa ari abana na we nyene yagize ico kibazo co kurongorwa ari muto Payzee Mahmod na mwenewabo Banaz yishwe mu ciswe "urupfu rw'iteka" inyuma yo kuva ku mugabo yari yategetswe kujako afise imyaka 17.
Yavuze ko kubona iryo tegeko rigiye mu bikorwa mu Bwongereza no muri Wales "bishoboka ko ari umwe mu misi ihambaye mu buzima bwanje".
Kuri BBC News yagize ati: "Ni umunezero kuri jewe kubera nzi neza, mw'ido n'ido, ingaruka ryo kurongoza abana.
"Ubwanje narabibayemwo, narabonye mwenewacu abibamwo. Kandi narabonye ingaruka zibabaje zishobora gushikira abagore n'abakobwa.
"Igihe ugerageje kuva ku mugabo bakurungitseko uri umwana, igihano cari ico gupfa kandi ni vyo vyashikiye mwenewacu.
Payzee avuga ko izo mpinduka zisigura "ko ubu umwana ategerezwa kurega abavyeyi canke umuryango wiwe igihe bariko barashaka kumurungika kwubaka."
Mu 2021, umugwi wa reta ujejwe kugwanya abarongoza abana ku nguvu warafashije abashika 118 bari musi y'imyaka 18.
Ariko abaharanira agateka k'abana bajanwa ku bagabo bakiri bato bibaza ko ibitigiri bizwi ata ho bisa bisana n'uko ico kibazo giteye, kuko benshi mu bagiriwe nabi ntibashoboye gusaba ubufasha.
'Ukudahuza ku mico'
Ishirahamwe Karma Nirvana , rifasha abana bajanywe kurongorwa ku nguvu, ryizeye ko iryo tegeko rishasha rizofasha kumenya igitigiri kinini gusumba c'abo bana no kurega ababikora.
Uwurongoye iryo shirahamwe Natasha Rattu yavuze ko " ari intambwe igaragara mu ntumbero yo kugwanya amabi kenshi usanga yinyegeje kandi ko bizofasha mu gukingira abo bantu bageramiwe ku rugero rwo hejuru."
Umunyamabanga wa reta ajejwe ubutungane Dominic Raab agira ati: "Abashaka guhendahenda abana ngo barongorwe batarakwiza imyaka ubu bagiye guhangana n'ubutungane".
Ariko Mihai Bica wo mw'ishirahamwe Roma Support Group avuga ko atewe amazinda n'ingene izo mpinduka zizoshikirizwa mu mibano co kimwe n'abajejwe gushira mu bikorwa iryo tegeko.
Asigura ko mu ba Roma, ijambo "kurongora" rishobora gukoreshwa mu kuvuga imigenderanire iri hagati y'abakundana, kandi ko "ukudahuza mu mico" bishobora gutuma haba "ingorane nyinshi ku miryango itategerezwa kugengwa n'iryo tegeko".
Bica ahamagarira gukarihiriza ubwenge abakozi kugira "ntibahave bafatira ku nyifato yari ihasanzwe" mu gihe bariko barihweza ivyerekeye imiryango y'aba Roma.
Izo mpinduka zari zishigikiwe n'impande zose, zazanywe mu nama nshingamateka n'umushingamateka Pauline Latham wo mu mugambwe w'aba conservateur.










