Ukraine - Russia: Abantu babiri bapfiriye mu 'gitero' cakozwe ku kiraro ca Crimea

    • Umwanditsi, Na Antoinette Radford & Christy Cooney
    • Igikorwa, BBC News
  • Yatangajwe

Abantu babiri nibo bapfiriye mu "gitero" cakozwe ku kiraro gifatanya Uburusiya n'akarere ka Crimée/Crimea bwigaruriye.

Umukuru w'inama nshingamateka ya Crimée yagirije Ukraine ko ari yo yakoze iki gitero, nk'uko bitangazwa n'ibinyamakuru vya reta, ariko Kyiv (umugwa mukuru wa Ukraine) ntaco iratangaza ku mugaragaro.

Ikiraro kiri ahitwa Kerch cuguruwe mu 2018 kikaba gishoboza ingendo z'ibarabara n'inzira ya gari ya moshi hagati y’Uburusiya na Crimée – akarere ka Ukraine kari mu minwe y’ingabo z’Uburusiya kuva mu 2014.

Ubushikiranganji bw’Uburusiya bujejwe kwunguruza abantu n’ibintu bwavuze mu nyuma ko iki giturika ataco cononye ku bisanzwe bishigikiye iki kiraro.

Ubu bushikiranganji buvuga ko amatohoza abandanya, ariko abasanzwe baba muri ako karere bumvise ibiturika mu gaturuturu ko kuri uno wa mbere.

Ni igitero gikomeye kigira kabiri gikozwe kuri kino kiraro mu kiringo c'umwaka. Muri Gitugutu (10) umwaka wa 2022, ico kiraro - umuhora ngirakamaro cane - carugawe umwanya muto inyuma y' igiturika gikomeye. Cagiye gusubira kwugururwa mu kwa kabiri.

Vyacheslav Gladkov, buramatari w'intara ya Belgorod iri mu burengero bw'Uburusiya, yacishije ubutumwa ku rubuga rwa Telegram avuga ko abantu babiri, abavyeyi b'umwana w'umukobwa, ari bo bapfiriye muri iki gitero.

Grey Zone, umurongo w'Uburusiya wo ku rubuga rwa Telegram ufitaniye isano n'umurwi Wagner, ivuga ko iki gitero kuri iki kiraro gishobora kuba cakozwe na drone yo mu mazi ya Ukraine.

Umukuru w'inama nshingamateka ya Crimée, Vladimir Konstantinov, yatunze urutoke Ukraine, nk'uko bivugwa n'itororokanirizo ry'amakuru ryegamiye reta y'Uburusiya RIA Novosti.

Hanyuma kandi isoko ryo mu gisata ca Ukraine kijejwe igendereza, SBU, ryabwiye igisata ca BBC gikoresha ururimi rw'ikirusiya ko ari co cakoze ico gitero kiri kumwe n'ingabo zidasanzwe zirwanira mu mazi.

Ibinyamakuru vya Ukraine yavuze kandi ko amasoko yo muri ico gisata yiyitirira iki gitero. BBC ntishobora guhinyuza ano makuru.

Avugana n'ibinyamakuru vya Ukraine, umuvugizi w'igisata ca Ukraine kijejwe igendereza, Andriy Yusov, ntiyashatse kugira ico avuga kuri ibi vyabaye, ariko akavuga ko ico kiraro ari "ikintu kidakenewe".

Avuga kandi ko ingorane izo ari zo zose z'uburyo Uburusiya bufise zishobora gufasha mu "zikaba akarusho ku ngabo za Ukraine".

Ariko umuvugizi w'ibiro vy'igisirikare ca Ukraine gikorera mu bumanuko, Natalia Humeniuk, avuga ko iki gishobora kuba ari igitero c'inyendamuvano cakozwe na Moscou.

Mu butumwa yacishije ku rubuga rwa Telegram, Sergey Aksyonov, umukuru w’ubutegetsi bw’Uburusiya muri Crimée, avuga ati: "Uruja n’uruza rwahagaritswe ku kiraro ca Crimée. Hari ikibazo kidasanzwe cadutse mu karere k’ubutabazi ka 145 uvuye ku [ruhande rw’Uburusiya rw’iki kiraro].

"Abajejwe umutekano n’izindi nzego zose zifise uruhara ziriko zirakora. Ingingo ziriko zirafatwa kugira ibintu bisubire mu buryo.

"Kubera ingene ibintu bimeze, nsaba abanyagihugu n’abashitsi muri ako karere kwirinda ingendo zica ku kiraro ca Crimée hanyuma, ku mvo z’umutekano, murondere iyindi nzira mu turere dushasha”.

Uku niko Uburusiya bufata uturere twa Ukraine bwigaruriye mu mwaka uheze - Kherson, Zaporizhzhia, Luhansk na Donetsk - ubu bukaba bwemeza ko tubwegukira.

Igisata ca BBC gikoresha ururimi rw’ikirusiya kivuga ko inzira y’ubwato ibangabanganywe n’iki kiraro yugawe, mu gihe itororokanirizo ry’amakuru ryegamiye reta y'Uburusiya, TASS, risubiramwo igisata kijejwe gari ya moshi kivuga ko ingendo za gari ya moshi zishobora kugira ingorane.

Gushika n’ubu icateye igiturika co mu kw’icumi ntikiramenyekana neza. Amashusho y’ico gihe yerekana urubeya rw’umuriro wadutse mu gihe imodoka n’amakamyo atari make yariko arajabuka iki kiraro.

Mu mezi y’imbere y’aha, abategetsi ba Ukraine babandanije bavuga ko iki kiraro cari guterwa, ariko mu misi yakurikiye iki giturika, Kyiv (umugwa mukuru wa Ukraine) yaranse kwemanga iki giturika.

Oleksiy Danilov, umukuru w’Inama Nkuru y’igihugu ijejwe umutekano no kwivuna abansi, yasohoye videwo yerekana ico kiraro kiriko kirasha, hampande y’amashusho ya Marilyn Monroe ariko araririmba ngo "Isabukuru nziza, nyakwubahwa Perezida". Ico giturika cabaye haciye umusi umwe Perezida Vladimir Putin w’Uburusiya ahimbaje isabukuru y’imyaka 70 y’amavuko.

Iki giturika c’uno musi kibaye mu gihe igitero c’ingabo za Ukraine co kwikura umwansi kibandanya mu ntumbero yo kubohoza ubutaka bwo mu bumanuko n’ubuseruko bwa Ukraine.

Uno wa mbere kandi ni umusi wa nyuma w’amasezerano yemerera ingano kuva ku bivuko vya Ukraine kuva ateweko igikumu mu mwaka uheze ahagarariwe n’ishirahamwe ONU.

Ukraine n’Uburusiya biri mu bihugu vya mbere kw’isi bishora intete hanze, aya masezerano akaba yari yashitsweko mu gihe hari ubwoba ko ino ntambara yari gutera ubukene bw’imfungurwa kw’isi, ariko gushika ubu Uburusiya bwaranse ko ano masezerano yongerezwa ikiringo.