Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Abagirizwa igitero ku kiraro ca Crimea bafashwe mu gihe ibitero bibandanya
Uburusiya buvuga ko bwapfunze abantu umunani bafitaniye isano n'ibitero vyo ku wa gatandatu ku kiraro gikomeye gifatanya Uburusiya na Crimee.
Igisata kijejwe igendereza c'Uburusiya, FSB kivuga ko batanu muri abo bafashwe ari abarusiya, mu gihe abandi abanye Ukraine na Armenia.
Kivuga ko Ukraine ari yo yari inyuma y'ico gitero, ariko ko abategetsi b'ico gihugu bavuga ko amatohoza y'Uburusiya atagira "ishingiro".
Izo nkuru zimenyekanye mu gihe havugwa ibintu vyaturitse mu bisagara vya Ukraine vya Kherson, Zaporizhzhia na Nikopol.
Umumenyeshamakuru wa BBC ari i Kyiv, Hugo Bachega avuga ko humvikanye ibintu bitanu biturika muri Kherson, kimwe mu bisagara binini bigenzurwa n'Uburusiya, mu gihe hari inkuru zitaremezwa zivuga ko harashwe ibisase vyo gusambura misile.
Yavuze ko hatari bwamenyekanye icateye ivyo biturika.
Igisirikare ca Ukraine cavuze ko ingabo zabo babandanya gusugereza ako karere, aho bafashe utundi duce dutanu.
Hagati aho, humvikanye ibindi bintu biturika mu bindi bisagara vyinshi bigenzurwa na Ukraine.
Abantu batatu, harimwo umwana w'umukobwa w'imyaka itandatubakomerekejwe n'igisasu i Nikopol mu karere ka Dnipro, nk'uko bivugwa n'umuhanuzi wa prezida wa Ukraine.
Ubushikiranganji wa Ukraine ajejwe gutabara vyihutabuvuga ko misile nyinshi zo mu bwoko bwa S-300 zaguye mu micungararo mu gisagara ca Zaporizhzhia, aho imwe yasambuye inzu ibamwo abantu.
Guturitsa ikiraro ca Crimee cabaye ikimenyetso gikomeye kuri prezida Vladimir Putin, yari yuguruye ico kiraro mu 2018, inyuma y'imyaka ine Uburusiya bwigaruriye iyo ntara.
Prezida Putin yavuze ko ari "igitero c'iterabwoba" anemeza ko abajejwe iperereza ba Ukraine afise intumbero yo gusenyura inyubakwa zikomeye z'Uburusiya. Ariko umuvugizi w'iperereza rya Ukraine, Andry Yusov, yabeshuje ivyo bagirizwa.