Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Zelensky avuga ko Ukraine n'Uburusiya vyiteguriye ibiganiro vy'amahoro bishasha
- Umwanditsi, Stuart Lau
- Igikorwa, BBC News
- Yatangajwe
- Igihe co gusoma: iminota 4
Uburusiya na Ukraine bizosubira gutangura ibiganiro bishasha ejo ku wa gatatu mu gisagara ca Istanbul muri Turukiya, nk'uko bivugwa na Perezida Volodymyr Zelensky wa Ukraine.
Mw'ijambo yaraye ashikirije nijoro ku wa mbere nk'uko yama abigira buri musi, Zelensky yagize ati: "Uno musi navuganye (n'umukuru w'Inama nkuru ya Ukraine ijejwe umutekano) Rustem Umerov ku bijanye n'imyiteguro yo guhanahana impfungwa, hamwe n'uwundi mubonano n'uruhande rw'Uburusiya muri Turukiya.
"Umerov yavuze ko iyi nama itegekanijwe ku wa gatatu".
Zelensky yasavye ko hoba ibiganiro bishasha mu mpera z'indwi, inyuma y'imisi mike Perezida Donald Trump wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika agabishije Uburusiya ko azobufatira ibihano "ruhasha" ari nka hamwe ata masezerano yo guhagarika intambara yoba yashitsweko hagati ya Moscou na Kyiv mu misi 50.
Washington yaremereye igisirikare ca Ukraine ibirwanisho bishasha, inyuma y'aho Uburusiya bwongerereje akariro mu bitero vyabwo.
Moscou ntaco irashikiriza kuri ibi biganiro. Itororokanirizo ry'amakuru ryo mu Burusiya RIA, risubiramwo uwarihaye amakuru avuga ko ibi biganiro bishobora kuzoba mu misi ibiri, ku wa kane no ku wa gatanu.
Umuvugizi wa reta ya Turukiya avuga ko ibiganiro vyo ku wa gatatu bizobera mu gisagara ca Istanbul, ari naho habereye ibiheruka mu kwa gatanu n'ukwa gatandatu vyananiwe no gushika ku masezerano yo guhagarika intambara, nk'uko vyandikwa n'itororokanirizo ry'amakuru AFP.
Ibiganiro vyo muri ino ndwi bizoba ari akandi karyo ko kugerageza guhagarika intambara imaze imyaka irenga itatu, bikazoba bije inyuma y'aho Perezida Trump yerekaniye ko atishimiye ingendo ya Perezida Vladimir Putin.
Yabwiye BBC ko yari "ababaye" ariko ko ataratera icizere uyu mukuru w'igihugu c'Uburusiya.
Ibi biganiro vya Istanbul bishobora kwibanda kw'ihanahanwa ry'impfungwa hamwe no kuraba ingene hoba umubonano hagati ya Zelensky na Putin, nk'uko umutegetsi wo hejuru wa Ukraine yabibwiye AFP.
Hagati aho, Moscou ibona ko ata cizere kinini kihari co gushika ku kintu kiboneka ubu bwa vuba.
Avuga ku cizere c'uko boshobora gushika ku kintu kiboneka, umuvugizi wa Kremlin (ibiro vy'umukuru w'igihugu c'Uburusiya) Dmitry Peskov yabwiye abayamakuru ejo ku wa mbere ko izi mpande zompi zitumvikana na gato kandi ko hagisigaye "ibikorwa bitari bike mu bijanye n'inzira y'ibiganiro".
Uburusiya bwarongereje akariro mu bitero vyabwo vya za ndege zitajamwo abadereva hamwe n'ibisasu vya misire ku bisagara vya Ukraine muri izi ndwi za vuba, bihitana abasivire batari bake bigakomeretsa n'abandi.
Ku rubuga bimeze gute?
Ibitero ni urutavanako hagati y'impande zompi, aho ata musi wijana zidateranye ibisasu. Mw'ijoro ryakeye, Uburusiya bwakoze ibitero ku ntara zitatu za Ukraine: Donetsk, Odessa na Sumy.
Igisasu ca bombe carashwe mu gisagara ca Kramatorsk mu ntara ya Donetsk cahitanye umwana, nk'uko bitangazwa n'umukuru w'ubutegetsi bwa gisirikare muri ico gisagara, Oleksandr Goncharenko. Avuga ko abandi bantu batanu bakomeretse.
Mu ntara ya Odessa, igisata ca Ukraine kijejwe ubutabazi kivuga ko umuntu umwe yakomeretse mu bitero vy'amadrone vy'Uburusiya vyateje umuriro ku gituro c'amamodokari, aho amashusho yerekana imodoka ziriko zirasha.
Umukuru w'ubutegetsi bwa gisirikare muri iyo ntara, Oleg Kiper, avuga ko inyubakwa ya reta n'izindi z'uburaro zononekaye.
Mu ntara ya Sumy naho, abantu 11 ni bo bakomerekeye mu gitero c'amadrone y'Uburusiya mu karere ka Konotop, nk'uko bitangazwa n'umukuru w'ubutegetsi bwa gisirikare w'iyo ntara, Oleg Grigorov.
Uburusiya ntaco buratangaza kuri ibi bitero vyo mw'ijoro ryakeye bwagirizwa.
Hagati aho, ubushikiranganji bw'iki gihugu bujejwe kwivuna abansi butangaza ko amadrone 35 ya Ukraine yarasiwe mu kirere mw'ijoro ryakeye.
Itangazo ry'ubu bushikiranganji rivuga ko ibi bisasu vyarasiwe hejuru y'intara za Bryansk, Rostov, Kaluga, Samara, Moscou, Tula, Belgorod na Kursk.
Uretse mu ntara ya Belgorod aho buramatari wayo Vyacheslav Gladkov, avuga ko abantu babiri bakomerekejwe n'ibisigarira vy'aya madrone, abarongoye izo zindi bavuga ko ata bapfuye canke ngo bakomereke.
Iyi ntambara yadutse mu kwa kabiri 2022 inyuma y'aho Uburusiya bukoreye igitero cagutse ku mubanyi wabwo, Ukraine.