Alain Guillaume Bunyoni yatsinzwe mw'iyungururizo hemezwa ko apfungwa ubuzima bwose

Ahavuye isanamu, RTNB
General Alain Guillaume Bunyoni yatsinzwe mw'iyungururizo urubanza rwo gupfungwa ubuzima bwose.
Sentare ntahinyuzwa mu gisata c'iyungururizo yemeje igihano yari yaciriye ubwa mbere co gupfungwa ubuzima bwose uwo yahoze ari umushikiranganji wa mbere w'Uburundi .
Urubanza rwari rumaze ukwezu mu mw'iherero.
Mu kwezi kwa Kigarama mu 2023, yagiriwe n'ivyaha indwi birimwo kugerageza kwica umukuru w'igihugu akoresheje amangetengete, gutembagaza inzego zatowe n'abanyagihugu, guhungabanya ubutunzi bw'igihugu, kurya ibiturire no kuronka inyungu akoresheje igihagararo ciwe.
Ihadabu ry'ayarenga Fbu 22.713.000.000
Sentare yongeyeko ko ategerezwa gutanga ihadabu rya miriyaridi zirenga 22 na miriyoni 713 mu mafaranga y'Uburundi.
Kandi ibintu atunze ariko atashize ku rutonde rw'ivyo yerekanye muri sentare mu 2021 vyose bizoca bifatwa.
Sentare yavuze ko ingingo ica ishirwa mu ngiro.
Hemejwe kandi igihano co gupfungwa imyaka 15 ku bandi batatu bari bunguruje ari bo: Desire Uwamahoro yari intwazangabo mu giporisi, Samuel Destin Bapfumukeko yakora mw'iperereza hamwe na Come Niyonsaba yari umwubatsi w'amazu ya Bunyoni.
Umukuru wa sentare ntahinyuzwa, Emmanuel Gateretse niwe yari arongoye intahe y'urubanza mu gisata c'iyungururizo. Ni nawe yasomye urwaciwe.
Inzira isigaye kwungururizamwo urubanza ni muri Sentare Gasamburamanza. Kandi Placide Gatoto yunganira Alain Guillaume Bunyoni mu mategeko yavuze ko bazoyitura.
Bunyoni n'abo bari kumwe 6 muri urwo rubanza mu ntango, bose baburanye bahakana ivyaha baregwa bavuga ko ata vyemezo umushikirizamanza yerekanye vy'ingene bakoze ivyo vyaha.
Umwe wenyene, Didace Igiraneza, umwe mu bashoferi ba Bunyoni, ni we wenyene yambitswe izera.
Abandi babiri bacirirwa gupfungwa imyaka itatu umwe umwe.
Abo ni Melchiade Uwimana yari umukuru w'umutumba wa Mubone na Isaac Banigwaninzigo na we yari umushoferi wa Bunyoni.
Bo ntibashimye kwunguruza ku gihano baciriwe ubwa mbere.
Alain Guillaume Bunyoni yafashwe mu kwezi kwa kane mu 2023 inyuma y'amezi atandatu akuwe mu mabanga y'umushikiranganji wa mbere yatanguranye na perezida Evariste Ndayishimiye mu 2020.
Gushika akurwe, Bunyoni -yari afise ipete rya mbere rinini mu giporisi c'Uburundi- yari yagumye yama ari mu bibanza bikomeye vy'ubutegetsi bw'igihugu kuva mu 2005.
Uwo mwaka niho umugambwe CNDD FDD washika ku butegetsi inyuma y'imyaka wari umaze ari umuhari witwaje ibigwanisho wagwanya reta ico gihe.











