Ubwongereza na Nigeria vyumvikanye ku bimukira b'amagendo

Ahavuye isanamu, Getty Images
Ubwongereza bwatangaje amasezerano n'igihugu ca Nigeria ajanye no gutorera inyishu ikibazo c'abimukira badakurikije amategeko.
Mu butumwa yashize kuri twitter, umushikiranganji w'Ubwongereza ajejwe intawo yo hagati mu gihugu, Priti Patel, yavuze yuko "aya masezerano ngirakamaro cane na Nigeria azoshira ingoga mu kwirukana inkozi z'ikibi ruhasha z'abanyamahanga".
Gutangaza aya masezerano kw'ejo kuwa kane kwaje haciye amasaha makeyi hirukanywe abanye-Nigeria bashika cumi mu bijanye no kurenga ku mategeko agenga abimukira.
Iyi nkuru irimwo ivyatanzwe na X. Dukeneye uruhusha rwawe imbere yuko bigushikira, kuko birashobora kuba bikoresha cookies hamwe n'ubundi buhinga. Wobanza ugasoma aha X amategeko agenga cookie n'ayagenga ubuzima bwite imbere yuko wemera. Kugira ubibone hitamwo 'emera hanyuma ubandanye'.
Impera ya X ubutumwa
BBC ntibazwa ibivuye ku zindi mbuga
Abaharanira agateka k'abahuza ibitsina n'abo babisangiye hamwe n'abiyumva ko ari ab'igitsina batavukanye (LGBTQ+), bari berekanye impungenge batewe n'abo muri uwo mugwi birukanywe, bari basavye ubuhungiro mu Bwongereza.
Abantu barashobora kwirukanwa mu Bwongereza iyo atari abenegihugu babwo kandi bagiriwe n'icaha c'ubugizi bwa nabi.
Kujana impunzi mu Rwanda vyarasibijwe
Mu ntango za kuno kwezi sentare ya Buraya y'agateka ka zina muntu yarahagaitse indege yambere yagomba gutwara impunzi mu Rwanda.
Urwo rugendo rw'indege rwari mu mugambi wiswe Rwanda asylum plan, watangajwe na leta y'Ubwongereza mu kwezi kwa kane, wo guha zimwe mu mpunzi itike y'indege y'ubutagaruka yo kuja kwaka ubuhungiro mu Rwanda.
Leta yavuze yuko uwo mugambi wari kubuza abandi gufata urugendo rwo kwigerezako bajabuka inyanja baza gusaba ubuhungiro mu Bwongereza.










