Igitero ca drone cagemye inyubakwa hagati i Moscou

Yatangajwe

Abategetsi mu Burusiya bagiriza Ukraine kugaba igitero ca drone [indege itagira umudereva] ku nyubakwa i Moscou, gituma haba umuturiko wumvikanye mu gice c'imirimo y'ubutunzi muri ico gisagara.

Umukuru w'igisagara Sergei Sobyanin yavuze ko ubuhinga bwo kwivuna ibitero vyo mu kirere bwakoroye iyo drone ibivunji vyayo bica bigwa kuri iyo nyubakwa ya Expo Center.

Kibaye ica vuba mu rukurikirane rw'ibitero nk'ivyo ku murwa mukuru w'Uburusiya.

Amasanamu atahinyujwe ku mbuga hwaniro agaragara yerekana umwotsi mwinshi cane uduga mu kirere ca Moscou mw'ijoro.

Ntaco Ukraine yashotse ivuga, ariko abategetsi b'i Kyiv ntibarigera bemanga ku mugaragaro kugaba ibitero kuri Moscou.

Ico gitero cabaye hafi y'isaha cumi zo mu gitondo (04:00am) mu masaha y'aho (isaha indwi z'ijoro kw'isaha muzamakungu, 01:00GMT) nk'uko bivugwa n'ubushikiranganji bw'Uburusiya bujejwe kwivuna abansi kuri Telegram.

Bwavuze ko, ubuhinga bwo kwivuna ibitero vyo mu kirere bumaze kumera magabo, iyo drone yaciye ''ihindura inzira'', ica igwa ku nyubakwa atari iyo kubamwo kuri Krasnopresnenskaya Embankment, akarere ka Moscou karimwo inyubakwa za reta zitari nke.

Bwongeyeko ko buno nyene ata makuru yavuze y'uko hari abahakomerekeye canke ngo bahagwe.

Expo Center ni ikigo kinini c'ihayanishwa kiberamwo amanama kikaba kiri ku birometero bidashika bitanu (5km) uvuye i Kremlin (Ibiro vy'umukuru w'igihugu mu Burusiya).

Umwe muri bari aho yabwiye itororokanirizo ry'amakuru Reuters ko ico gitero catumye haba ''umuturiko w'inguvu nyinhi cane''.

Ubushikiraganji bw'Uburusiya bujejwe kwivuna abansi buvuga ko ivyo bivunji ata muriro vyateye , nawe Sobyanin akavuga ko ata ''bintu bikomeye'' vyononye kuri iyo nyubakwa.

Rimwe mu matororokanirizo y'amakuru ya reta, Tass, ryavuze ko rumwe mu nkuta z'inyuma z'ico kigo rwasenyutse igice kimwe, rikavuga ko ari amakuru ava mu nzego z'ubutabazi bwihutra. Ryavuze ko ahononekaye hangana na metero kwadarato 30 (30m2).

Ikibuga c'indege ca Vnukovo c'i Moscou naco cugaye kubera ico gitero, nk'uko Tass ibivuga, ariko caciye gisubira kwugurura haheze umwanya muto.

Gushika mu ntango z'uyu mwaka, Moscou ntiyakorwako n'intambara yo muri Ukraine, ariko muri aya mezi ya vuba igize igihe itotwa n'ibitero vy'ama drone.

Ku wa 30 Rusama (5), inyubakwa nyinshi bivugwa ko zononekaye mu mupfunda w'ibitero.

Ku wa 30 na 31 Mukakaro (7), drone zibiri zarasanzariye mu ruhande rwubatswe n'ibiyo rw'inyubakwa ndende cane ku metero nkeya uvuye kuri Expo Center.

Ico gihe umukuru wa Ukraine Volodymyr Zelensky yavuze ko intanbara ''yasubiye ku butaka bw'Uburusiya'' kandi ko ivyo ari ibintu ''bitabuzwa, bisanzwe kandi vyumvikana cane''.

Amasaha make imbere y'ico gitero ca vuba i Moscou, drone yo mu kiyaga ya Ukraine yari yasambuwe mu gitero cageragejwe ku bwato bw'ingabo z'Uburusiya mu Kiyaga Cirabura (Mer Noire), nk'uko bivugwa n'ubushikiranganji bw'Uburusiya bujejwe kwivuna abansi.