Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Ukraine: First Lady Olena Zelenska avuga ko akumbuye umugabo wiwe kuko batakibana kubera intambara
- Umwanditsi, Na Yalda Hakim & Mattea Bubalo
- Igikorwa, BBC News
- Yatangajwe
Mu kiganiro cihariye, umutambukanyi w’umukuru w’igihugu ca Ukraine Olena Zelenska yabwiye BBC intuntu intambara iteye ku muryango wiwe.
Ati: "Ibi bishobora kuba ari ukwikunda, ariko nkeneye kongera kubona umugabo wanje, atari ukumwumva gusa”.
Aravuga kandi ingene umuryango ata karyo ko kwicarana hamwe ufise.
Yongerako ati: "Ariko turihangana, turihagararako haba mu vyiyumviro no ku mubiri. Kandi ndizeye ko tuzobitorera umuti hamwe”.
Igihe Uburusiya butera Ukraine muri Ruhuhuma (2) 2022, Olena Zelenska yamaze amezi mu kinyegero ahantu hatazwi ari kumwe n’abana biwe.
Aravuga intuntu yagize igihe intambara itangura, “mu gahinda igihe cose”. Uko imisi yatera igenda, niko yabona ko vyari “ngombwa” ko atekana agatangura kubaho “uko ibihe vyari bimeze”.
Amaze kuva mu kinyegero mu mwaka uheze, intambara yatumye uno yahoze ari umwanditsi w’imboneshakure amenyekana, kuva ico gihe akaba agenda azunguruka irya n’ino kw’isi abonana n’abategetsi yongera ashikiriza n’amajambo.
Olena Zelenska yabwiye BBC ati: "Ntitubana n’umugabo wanje, umuryango waratatanye.
“Turafise akaryo ko kubonana ariko atari kenshi nk’uko twavyipfuza. Umuhungu wanje arakumbura se wiwe”.
Hagati aho, avuga ko ino ntambara iteje intuntu abana biwe kubera batabona amaherezo yayo.
"Ndababara kubona abana banje ata kintu na kimwe bategekanya. Ku myaka nk’iyi, imiyabaga. Umukobwa wanje afise imyaka 19. Baripfuza gutembera, kuronka ivyiyumviro n’ivyipfuzo bishasha. Umukobwa wanje ntaronka aka karyo.
"Urahura n’inzitizi ku vyo wipfuza bivanye n’igihe, zirabaho kandi tugerageza kuzibamwo mu buryo ubu canke buriya”.
Uno Premiere dame/first lady (umutambukanyi w’umukuru w’igihugu) na Perezida Volodymyr Zelensky wa Ukraine bakundanye bakiri mu mashure yisumbuye barabandanya gushika n’aho bakorana mu murwi w’urwenya no muri studio y’imboneshakure – Zelensky nk’umunyarwenya, Olena nk’umwanditsi w’imboneshakure.
Ubu, avuga ko atigeze yibaza ko umugabo wiwe yari kuba “rurangiranwa” nk’uko ari uno musi, akavuga ko amukumbuye kandi ko akeneye ko aba kumwe na we nk’umugabo wiwe.
N’aho ivyo avuga bishobora kuba ari “ukwikunda”, Olena Zelenska avuga ko umukuru w’igihugu "koko afise inkomezi, ishaka, n’inyota yo guhangana n’iyi ntambara.
"Ndamwizeye. Kandi ndamushigikiye. Ndazi ko afise inkomezi. Ku wundi muntu wese nzi, ndibaza ko iki gihe gishobora kuba kitoroshe. Koko ni umuntu akomeye cane kandi yihangana. Kandi uku kwihangana ni co kintu twese dukeneye muri iki gihe”.
Igikorwa ciwe aheruka gukora nk’umutambukanyi w’umukuru w’igihugu cari cerekeye cane cane gufasha abanya-Ukraine guhangana n’ingaruka z’ino ntambara ku mutima, akaba ariko yitegurira kuba umwe mu bazoba barongoye ikoraniro ritegekanijwe ku mugwa mukuru Kyiv rizokwibanda ku buzima bwo mu mutwe no kwihangana.
Azofatanya n’umwanditsi akongera akaba n’umunyarwenya, umwongereza Stephen Fry – uyu akaba azwi cane nk’uwuharanira inyungu z’abantu bafise ibibazo vyo mu mutwe.
Olena Zelenska ati: "Ndizeye cane ko nshobora gutera intege umuntu, ko nshobora guha umuntu icizere n’impanuro, canke nkerekana nifatiyeko akarorero ko tubaho, dukora, dutera intambwe.
"Nta n’umwe ashobora kumenya ikimurindiriye. Uko biri kwose, nta n’umwe yari kwibaza ko i Bulaya, mu kinjana ca 21, hari gushobora kwaduka intambara y’ubugome nk’iyi. Intambara isesa amaraso nk’iyi. Rero sinigeze nibaza na rimwe ko nari kuba mfise amabanga nk’aya muri iki gihe”.
Asigura ko abanya-Ukraine badashobora kumenya ibizoba ejo canke ngo bagire icizere kuri kazoza kabo – ariko bafise icizere.
"Turafise icizere kinini c’intsinzi, ariko ntituzi igihe izozira. Uku kurindira igihe kirekire, turi mu gahinda, kurafise ingaruka”.