Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Kaminuza yo muri Uganda yahagaritse ingingo yo gupima imbanyi abanyeshure
Itangazo risaba abanyeshure b'abigeme biga kuri kaminuza mpuzamakungu ya Kampala kwipimisha imbanyi canke babuzwe gukora ibibazo ryateye impari ku mbuga hwaniro.
Iryo tangazo ryahanahanywe cane, mu nyuma rikaza kufutwa, ryasaba abanyeshure b'abigeme biga mu gisata c'ubwakirizi (Kuvyaza) n'ubuforoma kwipimisha imbanyi, mu gihe batabikoze bakabuzwa gukora ibibazo.
Catherine Kyobutungi arongoye ishirahamwe rya African Population na Health Research Center, yasangije abandi iryo tangazo ku rubuga rwiwe rwa Twitter.
Yabwiye BBC ko yabateye ubwoba ko agiye kwitwarira iyo kaminuza kubira iyo nyandiko.
Dr Kyobutungi yavuze ko iyo ngingo ari iyo ubukoloni, ata ho ishingiye mu mashure ya kaaminuza kandi ko ica intege abapfasoni.
Umukuru w'ishirahamwe UNAids Winnie Byanyima yavuze ko "bidashobora kwihanganirwa kandi ko biteye isoni".
Uwundi muntu yanditse kuri Twitter yavuze ko "vyari bibabaje kubona inzego zigihanganye na politike yo gucinyiza abantu nk'iyo."
Iyo kaminuza iza yamaze gusohora irindi tangazo risaba abaanyeshure bose kudaha agaciro inyandiko yabasaba kwipimisha imbanyi, ribasaba ahubwo kwitegurira cane ibibazo.