Ukraine - Russia: Menya uno mu Jenerali w’Uburusiya yahitanywe na mine muri Ukraine

Yatangajwe

Intwazangabo y’Uburusiya yo ku rwego rwa Jenerali yishwe ahitanywe n’igisasu gitegwa mu kuzimu (mine) muri Ukraine, nk’uko amasoko menshi yegamiye Kremlin abivuga.

Ano masoko avuga ko Jenerali-Majoro Vladimir Zavadsky w’imyaka 45 yari icegera c’umukuru wa birigade ya 14 igihe yapfa.

Kuva Uburusiya butanguye intambara kuri Ukraine muri Ruhuhuma (2) 2022, intwazangabo z’Uburusiya zo ku rwego rwa Jenerali nibura zitandatu ziramaze kuhasiga ubuzima.

Nta kintu na kimwe ubushikiranganji bw’Uburusiya bujejwe kwivuna abansi burashikiriza kuri ibi, kandi hari amakuru avuguruzanya ku bijanye n’aho ibi vyabereye.

Ku ncuro zitari nke, ubu bushikiranganji bwagiye bwihoza kugira ico buvuze ku mpfu z’intwazangabo nkuru nkuru zabwo, eka n’aho ababo baba babishize ku mugaragaro.

Amakuru avuga ko Jenerali-Majoro Zavadsky yishwe ku muhingamo wo ku wa gatatu.

Ntibiratomoka neza aho ibi vyabereye, ariko bivugwa ko umurwi wiwe w’abasirikare wari mu ntara ya Kherson ico gihe.

Imbere y’amabanga yiwe y’iki gihe, yari arongoye ikigo c’ingabo zidasanzwe zikoresha ibimodoka vy’intambara bitamenwa n’amasasu c’ahitwa Kantemirovsky hanze y’umugwa mukuru Moscou.

Mu gihe aya makuru y’urupfu rwa Jenerali-Majoro Zavadsky yokwemezwa, yoba abaye umujenerali w’Uburusiya agize indwi yiciwe mu ntambara hagati ya Ukraine n’Uburusiya.

Abajenerali bane bapfuye mu mezi ane ya mbere y’ino ntambara, abandi babiri nabo bicwa mu ci ry’uno mwaka.

Uwa nyuma yaheruka gupfa, ni Liyetena-Jenerali Oleg Tsokov yiciwe mu gitero cakozwe kw’ihoteri yarimwo intwazangabo z’igisirikare c’Uburusiya ahitwa Berdyansk, mu karere ka Ukraine kigaruriwe n’Uburusiya kari ku nkengera y’ibahari mu bumanuko.

Amasoko yo muri Ukraine yatangaje ko abandi bajenerali b’Uburusiya indwi bapfuye, ariko vyabonetse ko nibura batatu muri aba bakiri bazima.

Hagati aho, Ukraine yiteze guhangana n’ibitero vy’Uburusiya mu gihe c’ubukonje burenze urugero ku bikorwa remezo vyayo, umuvugizi w’inama y’igihugu ya Amerika ijejwe umutekano John Kirby akavuga ko Amerika iriko irafasha Ukraine mu kuyiha uburyo bwo kwikingira.

Mu yandi makuru: igisirikare ca Ukraine kivuga ko casambuye amadrone y’ubwiyahuzi 18 kuri 25 yari ateye igihugu

Igisirikare ca Ukraine kirwanira mu kirere catangaje mu gitondo co kuri uno wa gatanu ko mu gihe cariko gituza igitero c’indege zitagira abadereva (drone) zo mu bwoko bwa Shahed, amadrone y’ubwiyahuzi 18 kuri 25 hamwe n’igisasu ca misire co mu bwoko bwa X-59 kiraswa n’indege vyasamburiwe mu kirere.

Amakuru avuga ko bitashobotse ko ikindi gisasu kimwe ca misire yo mu bwoko bwa X-59 gisamburwa, bikaba bitazwi aho cakorokeye neza na neza.

Imbere y’aha, umukuru w’ubutegetsi bwa gisirikare mu ntara ya Dnepropetrovsk, Sergei Lysak, yari yavuze ko mw’ijoro ryakeye hari igitero ca misire cabaye ahitwa Krivoy Rog.

Yanditse ku muhora wiwe wa Telegram ati: “Abansi bateye Krivoy Rog bakoresheje igisasu ca misire. Ivyononekariye muri iki gitero biriko biregeranywa”.

Amakuru ya mbere yavuga ko ata wapfuye canke ngo akomereke. Iki gisagara kiramenyereye ibitero vyo mu kirere.

Mu ntara ya Nikolaev, ubuhinga bwo kwivuna ibitero vyo mu kirere bwakoroye amadrone umunani yo mu bwoko bwa Shahed-131/136, nk’uko bivugwa n’umukuru wa gisirikare muri iyo ntara, Vitaly Kim.