Ukraine: Videwo y'Uburusiya ‘yerekana wa mukuru w’ingabo zirwanira mu mazi muri Crimea ari muzima’

    • Umwanditsi, Na Robert Greenall i London & James Waterhouse i Kyiv
    • Igikorwa, BBC News
  • Yatangajwe

Ubushikiranganji bw’Uburusiya bujejwe kwivuna abansi bwasohoye videwo yerekana umukuru w’ingabo zirwanira mu mazi mu Kiyaga Cirabura ari mu nama, mu gihe Ukraine yari iherutse gutangaza ko yamwishe.

Ntibizwi neza igihe aya mashusho yerekana Viktor Sokolov ari mu nama n’umushikiranganji wo kwivuna abansi hakoreshejwe ubuhinga bwa videwo yafatwa.

Ubu bushikiranganji buvuga ko iyi nama yahuje intwazangabo nkuru yabaye ejo ku wa kabiri.

Ku wa mbere, ingabo zidasanzwe z’igisirikare ca Ukraine zatangaje ko Amirali (Amiral/Admiral) Sokolov n’abandi basirikare 33 bishwe mu gitero ca misire ku biro bikuru vy’izi ngabo i Sevastopol muri Crimée/Crimea.

Ntibavuze uyu mu amirali mw’izina canke ngo batange icemezo na kimwe ko yapfuye. Ubu bavuga ko bariko “barasobanura” aya makuru.

Mw’itangazo, bavuga bati: "Ikizwi ni uko abasirikare 34 bishwe muri iki gitero ca misire ku biro bikuru vy’ingabo z’Uburusiya zirwanira mu mazi mu kiyaga Cirabura.

"[Ibiziga] vyinshi ntibiramenyekana neza kubera vyononekaye”.

Ibi bisigura ko Ukraine iriko yisubirako inyuma y’aya mashusho yasohowe n’ubushikiranganji bw’Uburusiya bujejwe kwivuna abansi.

Mw’itangazo, ivuga ko ishingira ku “makuru yerekanwa n’imbuga ngurukakabumenyi” mu kuvuga ko uyu mukomanda yari umwe muri aba 34.

Iyi ni imvugo itandukanye n’iyari ihari inyuma y’amakuru yatangajwe ejo n’Uburusiya.

Umushikiranganji mushasha wa Ukraine ajejwe kwivuna abansi, Rustem Umerov, yabwiye imboneshakure CNN ko mu gihe Amirali Sukolov yoba yapfuye, yoba ari “inkuru nziza kuri bose”, ariko ibi ntibiremezwa.

Hari amahirwe ko Ukraine yoba yakoreye ku makuru y’igendereza igakubita inama ikomeye yariko ibera muri Crimée yigaruriwe n’Uburusiya.

Igitero co ku wa gatanu si ico gufata minenerwe, ariko ari nka hamwe Ukraine yoba yararengeje mu vyo ivuga ko yashitseko, ryoba ari ikosa ry’ubusamazi muri ino ntambara y’amajambo.

Iyi videwo y’iminota umunani yerekana inama y’abategetsi bo mu bushikiranganji bwo kwivuna abansi, ivugwa ko yabaye ku wa kabiri mu gatondo. Umushikiranganji wo kwivuna abansi aboneka ariko avugana n’intwazangabo nkuru mu cumba c’amanama i Moscou.

Aboneka kandi ku ncuro zitari nke ariko avugana, akoresheje ubuhinga bwa videwo, n’abakomanda b’ibirindiro vya gisirikare bitanu vy’ingabo zirwanira mu mazi harimwo n’uwurongoye ico mu kiyaga Cirabura, nta n’umwe muri aba batanu avuga.

Porogaramu nyabwonko ijejwe guhinyuza amasura yerekana ko hari isano hagati y’isanamu ya amirali Sokolov aboneka muri ino videwo n’ayandi masanamu, ibi bigasigura ko uwerekanywe muyi iri videwo ari we nyene.

Ariko gushika ubu BBC ntirashobora guhinyuza nimba koko iyi nama ivugwa yabaye ejo ku wa kabiri, canke nimba iyi sanamu ya Amirali Sokolov yerekanwa mu nama yaciye ku buhinga bwa videwo yafashwe mu mwanya uvugwa ko yafatiweko.

Ku wa gatanu, Ukraine yatangaje ko yakubise ibiro bikuru vy’ingabo zirwanira mu mazi muri Crimée bivugwa ko ari vyo vya mbere vyiza vy’Uburusiya kandi ko kuri Kyiv ari igitero gikomeye ku kibanza kidasanzwe.

Amashusho yahanahanywe ku mbuga hwaniro yerekanye umwotsi uduga uva muri iyo nyubakwa. Uburusiya bwavuze ko bwakoroye misire zitanu, n’aho umusirikare umwe yaburiwe irengero muri ico gitero.

Ingabo za Kyiv mu misi iheze zakoze ibitero hafi buri musi ku ngabo z’Uburusiya ziri muri Crimée.

Hampande yo kuba inzira yo gutera Ukraine, ikirindiro c’ingabo zirwanira mu mazi ku Kiyaga Cirabura ni ikimenyetso nyamukuru cerekana ibikorwa vya gisirikare vy’Uburusiya muri aka karere kuva mu myaka ibinjana.

Bwari busanzwe bufise ikirindiro muri Crimée biciye mu masezerano n’imbere y’uko Uburusiya bwigarurira aka karere mu 2014 bidaciye mu mategeko.