Amatora ya Nigeria 2023: Igisirikare kirahakana ibivugwa ko kiriko gitegura coup d’Etat

Igisirikare ca Nigeria ntikizokwigera kija mu mugambi wo gusenyura intwaro rusangi

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Igisirikare ca Nigeria ntikizokwigera kija mu mugambi wo gusenyura intwaro rusangi
    • Umwanditsi, Chris Ewokor
    • Igikorwa, BBC News
    • Yakoze inkuru ari, Abuja
  • Yatangajwe

Igisirikare ca Nigeria kirahakana amakuru atangazwa n’umugambwe uri ku butegetsi avuga ko kiriko kirategura gutoba amatora y’umukuru w’igihugu.

Umutegetsi wo mu mugambwe APC avuga ko mu ndwi iheze abajenerali bagize inama mu kinyegero n’umukandida w’umugambwe PDP utavuga rumwe n’uwuri ku butegetsi, Atiku Abubakar .

Itangazo ry’igisirikare rivuga ko aya makuru ari “ikinyoma ceruye” kandi ko afise “intumbero yo gucafuza”.

Urugamba rwo kurwanira ikibanza c’umukuru w’iki gihugu ca mbere ca Afrika gifise abantu benshi ruragoye cane ku buryo bigoye kumenya uwuboneka ko ari we azotsinda muri kino gihe.

Abakandida batatu bakuru muri ano matora yo ku wa 25 Ruhuhuma (2) ni: Bola Tinubu wo mu mugambwe uri ku butegetsi All Progressives Congress (APC), Atiku Abubakar wo mu mugambwe Peoples Democratic Party (PDP) hamwe na Peter Obi wo mu mugambwe Labour Party (LP).

Igisirikare kivuga ko kigendera ku mategeko akigenga kandi ko “cubahiriza ibwirizwashingiro” kandi ko kitazokwigera kigira uruhara mu vyo gutembagaza ubutegetsi bwa gisivire.

Umuvugizi wa gisirikare Général de brigade Tukur Gusau, avuga ati: "Igisirikare ca Nigeria ntikizokwigera kija mu mugambi ugayitse n’umwe wo gutoba intwaro rusangi yacu twaronse bigoranye”.

Reta hamwe n’imigambwe mikuru mikuru ntaco barashikiriza kuri rino tangazo ry’igisirikare.

Amakuru avuga ko igisirikare gifise umugambi wo gufata ubutegetsi yirengagijwe cane n’abanyagihugu – abenshi bakaba barajwe ishinga n’ibibazo nyamukuru bibahanze, nk’umutekano muke, ubukene bw’igitoro hamwe n’ubukene bw’amafaranga, ibibazo vyiyongera ku butunzi bw’iki gihugu bugoyagoya.