Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Intambara ya Ukraine: Uburusiya buvuga ko abanyagihugu babwo 20 bishwe mu gitero cakozwe na Ukraine
Uburusiya bwagiriza Ukraine ko yakoze ibitero vyaguyemwo abanyagihugu babwo mu bumanuko bushira uburengero bw’igihugu – aho abantu 20 bishwe abandi barenga 100 barakomereka mu ntara ya Belgorod, hafi y’umupaka.
Buramatari w’iyi ntara avuga ko abana batatu bari mu bapfuye muri kimwe mu bitero bimaze guhitana abantu benshi ku Burusiya kuva butanguje intambara kuri Ukraine.
Umutegetsi wa Ukraine wo mu gisata c’umutekano ashimangira ko ikibanza kimwe gusa ca gisirikare ari co catewe ejo ku wa gatandatu.
Ibi bitero bikurikiye ivyakozwe n’Uburusiya ku wa gatanu, vyahitanye abantu 39.
Ukraine ivuga ko ibi bitero ari vyo vya mbere bikomeye vya misire bikozwe n’Uburusiya gushika ubu.
Uburusiya bwagiriza incuti yabwo ko yakoze iki gitero c’ejo ku wa gatandatu ikoresheje ubwoko bwinshi bw’ibirwanisho – harimwo ibisasu vya muzinga vyo mu bwoko bwa Olkha vya Ukraine hamwe na Vampire vyo muri Repubulika ya Tchèque (Tchéquie).
Isoko ryo mu gisata c’umutekano ca Ukraine ryabwiye BBC ko indege zitagira abadereva (drone) zirenga 70 zagomorewe ku bibanza vy’Uburusiya vyatewe, mu “kwihora ibitero vy’iterabwoba vy’Uburusiya ku bisagara vya Ukraine no ku basivire”.
Umuvugizi w’umukuru w’igihugu c’Uburusiya avuga ko Perezida Vladimir Putin yabwiwe ivyerekeye ibi bitero.
Haciye hakorana inama yihuta y’Inama Nkuru ya ONU ijejwe umutekano kw’isi i New York ejo nyene ku wa gatandatu bisabwe n’Uburusiya – aho buvuga ko bwasavye uwuserukira Tchéquie kwitaba. BBC ntishobora guhinyuza ibivugwa n’Uburusiya ko ibisasu vyakoreshejwe ari ivya Tchéquie.
Muri iyo nama, uwuserukira Uburusiya muri ONU, Vasily Nebenzya, yagirije Ukraine ko yakoze "igitero ku kibanza ca gisivire n’ibigirankana kandi mu rudavagi”.
Incuti za Ukraine zaciye zivyamirira kure, aho uwuserukira Ubufaransa yavuze ko Ukraine yariko irivuna nk’uko amategeko ya ONU abivuga, mu gihe abandi harimwo amaserukira Amerika n’Ubwongereza bavuze ko Perezida Putin ari we abazwa Abarusiya bapfuye kuko ari we yasomborokeje intambara.
Icegera c’umunyamabanga mukuru wa ONU, Mohamed Khiari, "yiyamirije atarya umunwa" ibi bitero vy’impande zompi avuga ko ibitero vyo mu kirere ku basivire no ku bibanza vya gisivire "bihonyanga amategeko mpuzamakungu ajejwe gukingira kiremwamuntu, ibitero bidashobora kwihanganirwa kandi bitegerezwa guhagarara ubu”.
Video ya kimwe muri ibi bitero – yahinyujwe na BBC ariko igahitamwo kutayishira ahabona – yerekana igico c’amamodoka, amwe muri yo ariko arasha, hamwe nibura n’umuntu umwe aryamye mw’ibarabara atikoma.
Amajwi y’ibitiruka n’amahona birashobora kwumvikana muri ino videwo. Imbere y’uko umwotsi wirabura uzibira ivyariko birahabera, haboneka umuntu yiruka aja gutabara uyo muntu yari aryamye mw’ibarabara.
Buramatari w’iyo ntara yanditse ku rubuga rwa Telegram ati: "Uno musi, ibisasu vya muzinga vyatewe n’igisirikare ca Ukraine vyagize ingaruka mbi za mbere zikomeye muri ino myaka ibiri”.
Ubushikiranganji bw’Uburusiya bujejwe kwivuna abansi buvuga ko Ukraine yariko “igerageza gusamaza kubera imaze igihe itsindwa ku rugamba, kandi iriko irondera kudusotora”.
Iri tangazo ryongerako riti: "Iki caha ntigishobora kugenda kidahanywe".
Mu masaha yitereye y’ejo ku wa gatandatu, buramatari w’intara ya Kherson muri Ukraine yavuze ko umuntu umwe yishwe mu gitero ca bombe cakozwe ku nyubakwa ituwemwo n’abanyagihugu.
Muri ico gihe nyene, ibitero vy’Uburusiya vyakomerekeje abantu 19 mu gisagara ca Kharkiv muri Ukraine, nk’uko bitagazwa n’abarongoye iyi ntara.
Uburusiya bwakoze ibitero bitandatu vya muzinga kuri iki gisagara, nk’uko bivugwa n’umukuru wa Kharkiv. Yongerako y’uko abana babiri hamwe n’umunyamahanga bari mu bakomeretse.
Imbere y’aha, ubushikiranganji bw’Uburusiya bujejwe kwivuna abansi bwari bwavuze ko ibisasu vya misire 13 vyasamburiwe mu kirere c’intara ya Belgorod – kandi ko n’amadrone 32 yasamburiwe mu birere vy’intara za Bryansk, Oryol, Kursk na Moscou.
Buramatari wa Bryansk yavuze ko ibigwati bibiri vyatewe kandi ko umwana umwe yishwe.
Ibinyamakuru vya Ukraine – bisubiramwo amasoko yo mw’igendereza – bivuga ko igico c’amadrone yateye uruganda rwa elektroniki muri iyo ntara nyene, bivuga ko iki kigo cakoreshwa mu guhingura ibikoresho vy’igisirikare c’Uburusiya.
Uburusiya bwamye bwagiriza Ukraine ko ari yo ikora ibitero vy’amadrone mu mezi make aheze. Ni gake Ukraine yemera ibi bitero hirya y’umupaka.
Ibitero vya bombe Uburusiya bwakoze kuri Ukraine ku wa gatanu vyahitanye abantu 39 bikomeretsa abandi 160, nk’uko vyatangajwe na Perezida Volodymyr Zelensky. Ibisagara bitari bike vyaratewe, harimwo n’umugwa mukuri, Kyiv.
Umukuru w’igisagara ca Kyiv Vitali Klitchsko yavuze ko abantu nibura 16 bishwe muri ico gitero co ku wa gatanu gifatwa ko ari co ca mbere cahitanye abasivire benshi ku mugwa mukuru.
Inama yihuta y’Inama nkuru ya ONU ijejwe umutekano kw’isi kuri uwo mugoroba nyene yariyamirije yivuye inyuma ibi bitero vy’urudavagi vy’Uburusiya muri Ukraine, ivuga ko ibi bitero bitegerezwa guhagarara “vuba bwango”.
Ibihugu birimwo Amerika, Ubwongereza n’Ubufaransa bivuga ko gutera ibibanza vya gisivire ari uguhonyanga amategeko mpuzamakungu agenga intambara.
John Kelly aserukira Amerika muri ONU ati: "Aho gushira imbere amahoro, Putin yahisemwo guhimbaza ino misi mikuru…n’ibitero vy’amadrone n’amamisire”.
Uburusiya buvuga ko ingabo za Ukraine ari zo zibazwa ku vyononekaye ku nyubakwa za gisivire.