Uburusiya bwemeje ko ubwato bwabwo bw’intambara bwononekaye mu gitero ca Ukraine

Yatangajwe

Uburusiya bwemeje ko ubwato bumwe mu mato yabwo y’intambara bwononekaye mu gitero ca Ukraine ku kivuko co ku Kiyaga Cirabura.

Iki gitero c’indege cabereye ahitwa Feodosiya mu gaturuturu ko kuri uno wa kabiri mu karere ka Crimée/Crimea kigaruriwe n’Uburusiya.

Ubushikiranganji bw’Uburusiya bujejwe kwivuna abansi buvuga ko ubu bwato bw’intambara bunini Novocherkassk bwatewe n’indege ya Ukraine yari yikoreye ibisasu vya misire.

Imbere y’aha, umukuru w’igisirikare ca Ukraine yari yatangaje ko indege zaco z’intambara zasambuye ubu bwato.

Umuntu umwe yishwe muri iki gitero, nk’uko bitangazwa n’umukuru wa Crimea yashizweho n’Uburusiya, Sergei Aksyonov. Abandi batari bake bakomeretse.

Inyubakwa zitandatu zononekaye, abantu bakeya bikaba vyabaye ngombwa ko batwarwa mu bigo vy’icumbi ry’agateganyo, nk’uko bitangazwa na Aksyonov.

Bivugwa ko ibikorwa vyo kwunguruza abantu n’ibintu kuri iki kivuko vyasubiye gukora uko bisanzwe inyuma y’aho aka karere kagotewe, umuriro na wo watewe n’iki gitero ukazimywa.

Amashusho avugwa ko yerekana igiturika kinini kuri iki kivuko yasohowe n’umukuru w’igisata ca gisirikare ca Ukraine kirwanira mu kirere Liyetena Jenerali (Lt Gen) Mykola Oleshchuk.

Aya masanamu ntarashobora guhinyuzwa n’uruhande ataho rwegamiye, ariko amasanamu yafashwe n’ibigendajuru ku wa 24 Kigarama yerekana ubwato ku kivuko ca Feodosiya busa n’ubungana n’ubu bwa Novocherkassk.

Si bwo bwa mbere habaye igitero nk’iki co kuri uno wa kabiri kuri ubu bwato Novocherkassk gikozwe n’ingabo za Ukraine.

Mu kwa gatatu 2022, ubushikiranganji bwa Ukraine bujejwe kwivuna abansi bwatangaje ko ubu bwato bwari bwononekaye mu gitero cakozwe ku kivuko ca Berdyansk ca Ukraine cigaruriwe n’Uburusiya aho ubundi bwato bw’intambara, Saratov, bwazamishijwe.

Mu butumwa bwacishijwe ku rubuga rwa Telegram, Lt Gen Oleshchuk yanditse ko Novocherkassk bwabaye nk’uko Moskva – ubundi bwato bw’Uburusiya buri mu Kiyaga Cirabura, bwazamishijwe mu mwaka uheze.

Uburusiya bwarigaruriye buca burihagira akarere ka Crimea mu 2014, kandi ingabo zabwo zarungitsweyo zagize uruhara rukomeye mu gitero c’Uburusiya kuri Ukraine muri Ruhuhuma (2) 2022.

Kuva ico gihe, ingabo z’Uburusiya muri Crimea zama ziterwa na Ukraine. Mu kwezi guheze, igisirikare ca Ukraine cavuze ko casambuye amato 15 y’intambara y’Uburusiya congera conona n’ayandi 12 mu Kiyaga Cirabura kuva Uburusiya butanguje intambara.

Inyuma y’igitero ca misire ku biro bikuru vy’ingabo zirwanira mu mazi mu Kiyaga Cirabura muri Sevastopol mu kw’icenda guheze, amasanamu y’ibigendajuru yerekanye ko igisirikare c’Uburusiya kirwanira mu mazi caciye cimura amato hafi yose yari mu Kiyaga Cirabura muri Crimea kiyatwara ku kivuko c’Uburusiya ca Novorossiysk kiri ku Kiyaga Cirabura.