Imvo n’imvano: Igice ca kabiri c'ikiganiro kw’igandagurwa rya Perezida Melchior Ndadaye

Insiguro y'amajwi, Igice ca kabiri c’Imvo n’imvano kw’igandagurwa rya Perezida Melchior Ndadaye
Yatangajwe

Turabandanya n’urukurikirane rw’ibiganiro vyrerekeye prezida Melchior Ndadaye, incungu ya demokrasi mu Burundi.

Haracari impari hagati y’umugambwe Ndadaye yakomokamwo wa Frodebu n’iyindi migambwe bacuditse hamwe n’imigambwe bari bahanganye mu matora yo mu 1993.

Bamwe bemeza ko yari umugabo w’ijunja n’ijambo yasize iragi ryiza mu Burundi, mu gihe abandi bamwagiriza ko yabiba urwanko no kwihorahorana.

Muri kino kiganiro rero turaha ijambo impande zose kugira batubwire iragi babona prezida Melchior Ndadaye yasigiye Uburundi n’abarundi.

Ndadaye

Ahavuye isanamu, FRODEBU