Kuvyarira i Gaza mu bisasu n'ugucika kw'amatara

Jumana Emad

Ahavuye isanamu, Jumana Emad

Insiguro y'isanamu, Jumana Emad avuga kuba ufise inda (wibugenze) muri Gaza biteye ubwoba
    • Umwanditsi, Na Dalia Haider
    • Igikorwa, BBC y'Icarabu
  • Yatangajwe

Haraheze ukwezi, Jumana Emad aba i Gaza yari asigaje iminsi mike ngo avyare.

Yaratanga, anezerewe, amafoto y'inda yiwe nini cane, arindiriye kuvyara.

Yari azi ko azovyara umukobwa, umugabo wiwe yari amurindiranye igishika, ibikenerwa agiye mu bitaro yari yavyegeranije bitekeye, nawe umukobwa wiwe w'imyaka ine Tulin yari ntibuca ngo aronke murunawe.

Buno nyene ibintu bica birahinduka.

Hamas yaciye yica abantu 1.400 muri Israel igira imbohe abarenga 200 mu gitero co ku wa 7 Gitugutu (10). Israel yaciye igaba ibitero vyo mu kirere vyo kwihora kuri Gaza -ubushikiraganji bw'amagara y'abantu mu butegetsi bwa Gaza buvuga ko bimaze guhitana abantu bashika 7.000.

''Nari mfise ubwoba,'' niko Jumana yabwiye BBC. ''Nari ku nda ibisasu navyo biguma vyasana.''

Uwo mugore w'imyaka 25 akora ubumenyeshamakuru nk'uwigenga yarakurikije ingingo za Israel zo kuva iwe mu buraruko. Yavuye mu gisagara ca Gaza iminsi ibiri hatanguye ibitero vya Israel aja mu bumanuko.

Mu bwoba kandi afise inda y'amezi icenda, Jumana yajanye umukobwa wiwe ku ncuti. Aca afata umutamana umwe gusa, ikarato imwe y'amata n'agasaho gato k'umukobwa wiwe.

''Ibintu vyari bigoye cane,'' nk'uko abisigura mu butumwa bw'ijwi.

Baby Talia

Ahavuye isanamu, Jumana Emad

Insiguro y'isanamu, Talia yavukiye i Gaza ku wa 13 Gitugutu 2023
Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

''Ntitwaryamye mw'ijoro. Hariko haraswa ibisasu vyinshi, biba ngombwa ko tuja mu kindi kibanza. Abagore bafise inda nka nje baba bakeneye kuja hanze kugorora imitsi ariko kubera intambara ntidushobora no kuja kugura ivyo kurya,'' nk'uko yabisiguye mu bundi butumwa.

Jumana asubiramwo kenshi ko amatara yaguma acika, co kimwe na internet n'amazi, ivyo bikaza vyiyongera ku bwoba bwo kuvyara mu bihe bigoye gutyo.

Ku wa gatanu itariki 13 Gitugutu, Jumana niho yafatwa n'inda.

Ubwa mbere yari yeteguye kuja ku bitaro vya Al-Shifa mu gisagara ca Gaza, ibitaro binini, ariko yabwiwe ko vyari vyarengewe (n'ubwinshi bw'abarwayi]. Jumana yaciye aja mu bitaro vya Al-Awda muri Nuseirat, ibitaro bitoya kurusha, biri hagati na hagati muri Gaza.

Ariko no gushikayo vyonyene ntivyari vyoroshe. Mu bubabare n'igise, Jumana ntiyorohewe kugira aronke uwomujana. ''Abatwara ama tagisi (taxi) baratinya, ambiransi nazo nta mwanya zifise wo kurindira umugore ari hafi kuvyara,'' nk'uko asigura.

Yaravuze ingene igihe yamaze ku gise cari kigoye kandi giteye ubwoba. ''Ibisasu vyaguma bikubita ku nzu iri hafi y'ibitaro, urwamwo rwari runini cane ku buryo nibaza ko ivyo bisasu vyakubise ibitaro nyene. Abantu bakomeretse baguma bashika. Amaborogo yumvikana hirya no hino. Naguma niyumvira kandi umukobwa wanje wa mbere. Nari ndamufitiye impungenge kuko yari kure yanje.

''Ico nibaza gusa kwari uko nagira mvyare umwana uko bigenda kwose.''

Jumana yavuze ingene yajugumiye aho kuri uwo mogoroba nyene avyariye umwana w'umukobwa yaciye yita Talia.

''Kurira kwiwe kwasiguye ko tukiri bazima'', nk'uko yibuka ico gihe.

Jumana nta gitanda yashotse aronka agiheza kuvyara. Mu bubabare n'ukuva amaraso, yategerezwa kurindira gushika igitanda kiboneke hanyuma cinjizwe mu kumba gatoya cane.

''Naratomboye kukironka, abandi bagore bari baryamye ku ntebe no hasi hagati y'imikingo y'ibitaro ubwo nyene bagiheza kuvyara'', niko avuga.

Jumana's daughters - Tulin (aged four) and baby Talia

Ahavuye isanamu, Jumana Emad

Insiguro y'isanamu, Abakobwa ba Jumana - Tulin (w'imyaka ine ) n'uruyoya Talia

Ishami rya ONU riraba igwirirana ry'abantu FNUAP rigereranyako hari abagore 50.000 bafise inda muri Gaza, 5.500 muri bo bakaba biteze kuvyara mu minsi 30 iri imbere. Rivuga ko ibitaro vyarengewe kandi imiti n'ibindi bikoresho vya nkenerwa vyabiheranye.

Haheze umunsi umwe avyaye, Jumana yararungitse video yiwe afise umwana wiwe bari muri tagisi (taxi) yamufutse uburengeti bwera.

Yari avuye mu bitaro kugira aje mu muryango wiwe, ariko avuga ko n'ivyo bitoroshe na gato.

''Asanseri (lift, ascenseur), vyaranse ko ikora kubera ikibazo c'amatara,'' niko avuga. Jumana, aho yari ari kw'igorofa ya kane, mu bubabare ariho agiheza kuvyara kandi afashe uruyoya rwiwe mu maboko, nta kundi yari afise agira atari ukumanuka n'amaguru mu ngazi z'ayo magorofa kugira asohoke.

Amaze gusohoka ibitaro, yaciye ahangwa no kuronka ikimushikana aho yari yashikiye.

''Twamaze isaha turondera tagisi, kandi nta mushoferi n'umwe yemera kutujana. Bose bari bafise ubwoba inyuma y'ibisasu vyari vyaguye hafi yaho mu gitondo. Amaherezo twarayironse, ariko umushoferi yasavye amafaranga menshi kurusha ayahora atangwa, kandi ntiyadushikanye imbere y'inzu.''

Jumana avuga ko kuvyara mu bihe nk'ivyo vyamusizemwo imvune. ''Mu mutwe ndarushe cane. Nta kintu na kimwe numva ncifuza gukora'', nk'uko avyiyemerera.

Ariko ambwira ko Talia ameze neza: ''Avanganije agushusho ka mukuruwe n'aka se wiwe.

''Iyaba atari intambara, nifuza kugira umunsi mukuru inyuma y'indwi imwe mvyaye. Nari gutumira abaryango banje bose hanyuma nkamukorera Aqiqah [ibirori kama vya ki-Islam],'' niko Jumana avuga.

Avuga ko atazi uko bigiye kugendera umuryango wiwe, ariko arashima kuba baronse uwundi mwana avuga ati: ''Niyo mizero yanje muri ubu buzima bw'intambara n'urupfu''.