Abarenga 1.000.000 barahunga gute mu masaha atarenze 24 bakoresheje ibarabara rimwe gusa?

Ahavuye isanamu, Getty Images
- Umwanditsi, Paul Adams
- Igikorwa, Umunyamakuru w'ibibazo vy'imigenderanire
- Yatangajwe
Aho hantu hangana gute?
Ico gice co muri Gaza aho Israel yabwiye abantu guhunga mu masaha atarenze 24 kingana n'ica gatatu c'iyo ntara - mu buraruko bw'umugende w'amazi uzwi nka Wadi Gaza, uca mu mwaba utagutse ahanini ugizwe n'ubutaka bwo kurimamwo.
Ingingo yo guhunga yerekeye igisagara cose ca Gaza (Gaza Ville/Gaza City) n'amakambi abiri y'impunzi, Jabalya na Beach Camp. Iraba kandi ibisagara vya Beit Hanoun na Beit Lahia, vyose bikora kw'ijabukiro rya Erez ku mpera z'uburaruko bwa Gaza.
Ubifatiye hamwe, ivyo bice vyose biri mu vya mbere bibamwo abantu benshi cane kurusha ahandi muri Gaza.
Habayo abantu bangana gute?
Abantu batari munsi ya miriyoni imwe n'ibihumbi ijana (1.100.000) baba muri ico gice cerekewe n'iyo ngingo. Igisagara ca Gaza kibamwo abantu 600.000. Ikambi ya Beach irimwo hafi abantu 90.000 n'ayo iya Jabalya, ari nayo ya mbere nini muri Gaza, irimwo abantu 116.000.
Aho hantu hari ibitaro bitari munsi ya bitandatu (6), hamwe n'amavuriro y'intango arenga cumi (10).
None abantu basohoka gute?
Abantu bafashe ibarabara ikivunga nta kibuza kaja kuba akajagari kandi bigorane cane. Hari ibarabara rimwe rudende riva mu buraruko rija mu bumanuko, kandi niryo abantu bose bitezwe gufata.
Ibitoro ni bike cane, amabarabara yo mu gisagara ca Gaza nayo asanzwe yuzuye ivyabomaguwe, kandi nta kimenyetso ko ibitero vy'indege vya Israel vyahagaze kugira hatangure igikorwa co kuvanayo abantu.
Mu mafoto: Abanya-Gaza bariko barahunga ingo zabo

Ahavuye isanamu, Reuters
Mu bahunga harimwo abana benshi. Hafi 50 kw'ijana y'abanya-Gaza bafise munsi y'imyaka 18.

Ahavuye isanamu, Getty Images

Ahavuye isanamu, Reuters
Ntibishoboka ko umuriyoni w'abantu bahunga ingo zabo mu masaha 24 -Umwihwezo
Tom Bateman, BBC mu Buseruko bwo hagati, i Jerusalem
Ntivyoshoboka ko abantu barenga umuriyoni bava mu ngo zabo mu kiringo c'amasaha 24.
Vyosaba ko hagenda abantu ibihumbi 40 (40.000) kw'isaha.
ONU yavuze ko ingingo yerekeye uwo ari we wese - abo bose basavye indaro mu bibanza vya ONU harimwo amashure n'amavuriro.
Nico gituma basavye Israel gusokora iyo ngingo kuko yotera akaga.
Urukurikirane rw'imodoka zihungishije abakozi ba CICR n'ishami rya ONU ryitaho abari mu kaga zabonywe zija mu bumanuko ziva mu gisagara ca Gaza zigana mu gice c'ubumanuko bw'iyo ntara, gishobora kuba ari ikimenyetso co gutegura guhungisha abantu.
Ariko koba akajagari gakomeye kugerageza gushira mu ngiro ingingo yo guhungisha abantu kuri urwo rugero mu masaha 24 - ku banyagihugu basanzwe muri ico gice kibamwo abantu benshi cane, harimwo n'abari mu bitaro ubu vyuzuye abakomeretse n'abinyegeje ibitero vy'amabombe vya Israel.













