US: Umugabo wa Nancy Pelosi ariko atora mitende inyuma y’igitero c’uwitwaje inyundo

Nancy Pelosi ni umwe mu banya poritike bakomeye cane mu gihugu

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Nancy Pelosi ni umwe mu banya poritike bakomeye cane mu gihugu
Yatangajwe

Paul Pelosi, umugabo w’umukuru w’inama nshingamateka ya Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Nancy Pelosi, ariko aratora mitende aho abagiwe inyuma y’igitero n’umuntu yari yitwaje inyundo muhira iwe.

Paul Pelosi w’imyaka 82 afise igikomere mu mutwe, akaba kandi yakomerekejwe cane ku kuboko kw’i buryo n’ibiganza.

Uwakoze ico gitero avugwa ko yategetse ko bamwereka Nancy Pelosi inyuma yo kumena akinjira ku nguvu mu muhana wabo uri i San Francisco.

Perezida Joe Biden abona ko iki gitero gishingiye ku mvo za poritike kandi ko ari ico “agasuzuguro”.

Umugabo w’imyaka 42 yarahagaritswe yagirizwa ivyaha birimwo gushaka kwica. Nta mvo gushika ubu iramenyekana.

Nancy Pelosi – yari ku mugwa mukuru w’igihugu i Washington DC igihe iki gitero caba – yaciye asubira inyuma kuraba umugabo wiwe mu bitaro.

Umuvugizi w’uyu mutegetsi wo hejuru mu mugambwe w’aba Democrats avuga ko Paul Pelosi yatewe mu masaha y’agatondo k’ejo ku wa gatanu “n’umwicanyi mubi, yamuteye ubwoba ko yari kumwica aramutse atamweretse ahari umukuru w’inama nshingamateka”.

Yaciye arazwa mu bitaro bikuru vya Zuckerberg i San Francisco kugira bamubage, abanganga bakaba biteze ko akira neza, nk’uko Drew Hammill, umuvugizi wa Nancy Pelosi, abivuga.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Mu kiganiro n’abanyamakuru, umukuru w’igipolisi i San Francisco William Scott avuga ko abapolisi batewe akamo nk’isaha 11h27 mu masaha yo mu Burundi no mu Rwanda ejo ku wa gatanu baca baja gutabara.

Basanze Paul Pelosi n’uwamuteye – abapolisi bavuga ko yitwa David DePape – bariko barwanira inyundo, ariko ko uyo yamuteye yari yamunesheje arayimwaka, ari nayo yamukubitishije nabi. Paul Pelosi yakubiswe iyo nyundo incuro n’imiburiburi imwe, nk’uko bivugwa n’igipolisi.

Abapolisi baciye bafata uyo nyene gukora ico gitero baca bamwaka ikirwanisho ciwe. Inyamiramabi zabwiye ikinyamakuru CBS News ko yashatse kuboha Paul “gushika Nancy ashitse muhira”. Avugwa ko mu gihe ivyo vyaba yakomye akaruru avuga ngo: “Nancy ari he?”

Umukuru w’igipolisi i San Francisco Scott avuga kandi ko uwakoze ibi yagirizwa gukora igitero afise ikirwanisho cica, kumena inzu, hamwe n’ibindi vyaha bitari bike. 

Scott yabwiye abanyamakuru ko uwagirizwa gukora iki gitero ari mu bitaro, ariko akaba ata nsiguro yatanze ku kungene amerewe.

Ikinyamakuru Los Angeles Times kivuga ko igihe iki gitero gitangura, Paul Pelosi yabwiye uyu yari yamuteye ko yashaka kuja kwoga, hanyuma aca ahamagara igipolisi mw’ibanga kuri terefone yiwe ngendanwa kandi aca ayisiga yuguruye, bituma uwamwakiriye kuri terefone yumva ingene yariko avugana n’uwari yamuteye.

Umuhana wa Pelosi
Insiguro y'isanamu, Uwakoze iki gitero yabanje kumena, amashusho akerekana ibiyo vyamenetse bisanzaye hasi

Mu gihe yariko ashikiriza ijambo mu myiyamamazo i Philadelphia, Perezida Biden yavuze ko ubukozi bw’ikibi bushingiye kuri poritike ata “kibanza bugifise” muri Amerika, kandi ko “bukwiye guhagarara”.

Ati: "Buri muntu yiyumvira neza ategerezwa guhaguruka akiyamiriza atarya umunwa ubukozi bw’ikibi muri poritike yacu”.

Umukuru w’abakenguzamateka bo mu mugambwe w’aba Repubulika Mitch McConnell avuga ko yababajwe cane n’iki gitero.

Nancy Pelosi ni umwe mu banya poritike bakomeye cane mu gihugu. Yatorewe ikiringo kigira kane nk’umukuru w’inama nshingamateka mu 2021, akaba aza ubwa kabiri inyuma y’icegera c’umukuru w’igihugu Kamala Harris.

Ubu ari mu myiyamamazo yongera yegeranya uburyo mu gihugu kw’izina ry’aba Democrats imbere y’amatora y’abashingamateka n’abakenguzamateka yimirije ku wa 08 Munyonyo uno mwaka.

Amasaha make imbere y’iki gitero, reta yari yasohoye ubutumwa bwahawe inyamiramabi mu gihugu cose bugabisha ko hashobora kuba ibitero ku mihana y’abahiganwa n’abajejwe gutegura amatora bishobora gukorwa n’abantu bafise ivyo batishimiye muri poritike.

Umugabo wiwe, umutunzi ruhebwa, asanzwe aba i San Francisco, ari naho yavukiye akanakurira.

Bubakanye kuva mu 1963 bakaba bafitaniye abana batanu.

Abashingamateka n’abakenguzamateka bama bagavye cane ku mutekano wabo kuva habaye ca gitero ku ngoro y’amakoraniro y’inama nshingamateka na nkenguzamateka (Capitol) mu kwa mbere 2021.

Ibiro vya Nancy Pelosi vyarasahuwe n’abanywanyi b’uwari umukuru w’igihugu ico gihe Donald Trump muri ico gitero.