Uganda yatanguye kwimba ibitoro - Museveni avuga ko bizokorwa mu buryo bubereye

Yatangajwe

Prezida wa Uganda, Yoweri Museveni, yavuze yuko igihugu ciwe kizoteza imbere amasoko ntanganguvu yaco y’ibitoro mu buryo bubereye.

Yongeyeko yuko iki gihugu co mu buseruko bwa Afrika kizonashora amafaranga mu nguvu z’izuba, iz’umuyaga hamwe n’iz’amazi, bibangabanganywe n’ibitiro mu gihe ibihugu bitunze biriko birahimiriza abantu kuvavanura no gushora imitahe mu bitoro bimba.

Leta ya Uganda ishimangira yuko amategeko hamwe n’ubundi buryo bimaze gutegekanywa kugira ibidukikije bizokingirwe.

Bwana Museveni ivyo yabishikirije igihe Uganda yatanguza icese ibikorwa vyo kwimba ibitoro kuri kimwe mu bibanza birimwo ibitoro kizwi nka Kingfisher Oil Field, kiri hagati hashira uburengero bw’igihugu.

Igikorwa c’uno munsi catanguje kwimba amariba y’ibitoro, intumbero ikaba ari kuzoshika aho bimba ibishobora gushorwa hanze mu mwaka wa 2025.

Uruganda rwimba ibitoro rwuguruwe uno munsi, mu bisanzwe rwakuwe mu Bushinwa ruza guteranirizwa i Kingfisher muri disirigite ya Kikuube, rukazokoreshwa n’ikigo c’Ubushinwa CNOOC.

Mu mezi aheze, abaharanira gukingira ibidukikije baratunganije ibikorwa vyo kwiyamiriza uyu mugambi w’ibitoro wa Uganda, cane cane umuringoti uzotwara ibitoro ku kivuko ca Tanga muri Tanzania – uwo muringoti uzwi kw’izina rya East African Crude Oil Pipeline (Eacop).

Abiyamiriza uwo mugambi bavuga ko inyubako y’umuringoti izokwonona ibidukikije bisanzwe bigeramiwe kandi yuko abantu baba hafi yawo bazokorwako n’ibikorwa bibangamira uburenganzira bwa muntu.

Ariko Uganda yariyemeje kubandanya uwo mugambi ifatikanije n’abandi.

Abajejwe intwaro bamye bavuga yuko naho hari igitsure ku rwego mpuzamakungu c’abasaba Uganda kureka ibitoro biri munsi y’ubutaka bwayo, Uganda ikaba igifise ubukene rw’amasoko ntanganguvu – igice kinini c’abanyagihugu bakaba bacikora ku nkwi - ngo birakwiye ko yemererwa kwimba ibitoro vyayo.

Ku bitoro bingana n’utugunguru imiriyaridi 6,5 cavumbuwe muri Uganda mu myaka 15 iheze, igishika ku tugunguru imiriyaridi 1,4 nico gusa gishobora kudandazwa hakaboneka inyungu.