Amatora ya US: Abarepubulika bisubije Inama nshingamateka

 Kevin McCarthy

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Kevin McCarthy yatowe ku wa kabiri n’umugambwe w’Abarepubulika kugira ngo azosubirire umu-Democrat Nancy Pelosi nk’umukuru w’inama nshingamateka, yishimiye iyi ntsinzi
Yatangajwe

Abarepubulika baronse intebe igira 218 yari isigaye kugira ngo biganzire Inama nshingamateka inyuma y’indwi imwe habaye amatora yo hagati muri manda, nk’uko bitangazwa n’ikinyamakuru CBS News gikorana na BBC muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika.

N’aho ubwiganze bw’uyu mugambwe mu nama nshingamateka ari buto cane, burahagije kugira ngo uhagarike imigambi ya Perezida Joe Biden mu myaka ibiri iri imbere.

Ariko aba-Democrats bazobandanya biganziye inama nkenguzamateka.

Haracasigaye intebe nkeya zo guhiganira.

Abarepubulika ntibavyifashemwo neza muri ano matora yabaye mu ndwi iheze, mu gihe bari bizeye ko bari gushobora kwiganzira inama nshingamateka na nkenguzamateka.

Ariko ejo ku wa gatatu baratsindiye intebe bari bakeneye kugira biganzire inama nshingamateka igihe Mike Garcia asubiriye gutsindira intebe y’akarere ka 27 k’intara ya California.

Ubu umugambwe w’Abarepubulika witeze gutsindira intebe hagati ya 218 na 223 muri ino nama nshingamateka igizwe n’abantu 435, nk’uko CBS ibitangaza.

Ariko, mu gihe ivyavuye mu matora bitaramenyekana mu turere tutari duke, ubwiganze bwabo bushobora kutaboneka neza mu kiringo c’imisi canke amayinga.

Kevin McCarthy yatowe ku wa kabiri n’abanywanyi basanzwe b’umugambwe w’Abarepubulika kugira ngo azosubirire umu-Democrat Nancy Pelosi nk’umukuru w’inama nshingamateka, yishimiye kubona inama nshingamateka ihindutse.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Ku wa gatatu mw’ijoro, uyu mushingamateka wo muri California yanditse kuri Twitter ati: "Abanyamerika bariteguriye inzira nshasha, kandi abashingamateka b’Abarepubulika bariteguye kubakorera”.

Kugira ngo ashobore gutorwa nk’umukuru w’inama nshingamateka, uyu mukuru w’inkehwa z’abarepubulika ategerezwa gushigikirwa na benshi muri ino nama nshingamateka yose igizwe n’abashingamateka 435.

Ariko umupfasoni Pelosi avuga ko adashobora kurekura uko nyene, aho mw’itangazo ry’ejo ku wa gatatu yavuze ko umugambwe wiwe uzotera “igitsure gikomeye bano ba Repubulika babasumba gato cane”.

Umupfasoni Pelosi, umugore wa mbere yagenywe muri iki kibanza, ntavuga muri iryo tangazo nimba ategura kubandanya nk’umukuru w’inkehwa, mu gihe i Washington havugwa vyinshi kuri kazoza kiwe.

Perezida Biden yakeje McCarthy amwemerera ko azokorana n’Abarepubulika ku nyungu z’Abanyamerika.

Ati: "Nk’uko nabivuze mu ndwi iheze, kazoza ni keza ku buryo kadashobora kugwa mu mutego w’intambara”.

"Abanyagihugu ba Amerika bakeneye ko tubakorera. Bakeneye ko twitaho ibibazo vyabo ngirakamaro no kubaha ubuzima bwiza”.

Umugambwe wa McCarthy wari wizeye ko, kubona umukuru w’igihugu yari yataye icizere, ibiciro bibandanya biduga, vyari kubongerereza amajwi mu matora yo hagati muri manda.

Donald Trump  yahoze arongoye igihugu hamwe na Mitch McConnell  arongoye inkehwa z’Abarepubulika mu nama nkenguzamateka nibo bagirizwa ko batumye umugambwe wabo utavyifatamwo neza.

Ari iwe i Mar-a-Lago muri Florida, ku wa kabiri mw’ijoro, uyu yahoze ari umukuru w’igihugu yaratangaje ku mugaragaro ko azosubira kwitoza mu kibanza c’umukuru w’igihugu mu 2024.

I Washington ejo ku wa gatatu, McConnell yasubiye kugenwa nk’umukuru w’inkehwa mu nama nkenguzamateka, maze abona kwikiza mugenziwe Rick Scott, umurepubulika wo muri Florida.

Karen Bass (i buryo) ejo ku wa gatatu  yaratsindiye ikibanza c’umukuru w’igisagara ca Los Angeles

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Karen Bass (i buryo) ejo ku wa gatatu yaratsindiye ikibanza c’umukuru w’igisagara ca Los Angeles

Amajwi atari ay’abashingamateka n’abakenguzamateka arabandanya ashika buke buke inyuma y’indwi irenga habaye amatora.

Ejo ku wa gatatu, Karen Bass yaratsindiye ikibanza c’umukuru w’igisagara ca Los Angeles, igisagara kigira kabiri mu bunini muri Amerika, atsinze umutunzi ruhebwa Rick Caruso.

Uyu mu-Democrat agiye kuba umugore wa mbere atsindiye iki kibanza hamwe kandi n’umwirabure agize kabiri arongoye iki gisagara.