Ishavu n'umubabaro inyuma y'urupfu rw'umukozi wa MSF yarashwe muri RD Congo

    • Umwanditsi, Natasha Booty
    • Igikorwa, BBC News
  • Yatangajwe
  • Igihe co gusoma: iminota 3

Umukozi wa Médecins sans Frontières (MSF) yahitanywe n'inguma z'aho yarashwe mu buseruko bwa Repuburika ya Demokarasi ya Congo aho abagwanyi b'umuhari witwaje ibigwanisho wa M23 - ushigikiwe n'Urwanda - babandanya intambara yo kwongereza akarere ugenzura.

Jerry Muhindo Kavali, w'imyaka 49, hari haheze iminsi ibiri akomerekejwe n'ururasu rwagemye ibiro vya MSF i Masisi aho yakorera, mu ntambara hagati y'aba VP/Wazalendo na M23/AFC ku wa 20 Ruhuhuma.

Yarajanywe mu bitaro i Goma mu kugerageza kurokora ubuzima bwiwe ariko yahitanywe n'inguma kuri uyu wa gandatatu.

Mw'itangazo MSF ivuga iti ''utwigoro tw'abaganga kuri ivyo bitaro ntitwahagije kugira turokore ubuzima bwiwe''.

Abo bakorana bavuga ko yari umuntu yitanga cane ku gikorwa ciwe co gufasha abari mu kaga kandi ''yama akeye mu maso''.

Urupfu rwa Kavali rwashavuje abakozi b'amashirahamwe afasha abari mu kaga bagerageza gufasha ibihumbi n'ibihumbi vy'abanye-Congo ubuzima bwabo bwasambuwe n'intambara.

''N'intambara irafise amategeko yayo'', niko MSF ivuga.

Mw'itangazo ryayo MSF ivuga iti: ''Umuryango wose wa MSF uragandaye uyu munsi. Turafise kandi ishavu, mu gihe uru rupfu rushitse intureka iguma irushiriza kwongerekana imbere no mu micungararo y'ibigo vy'amagara bifasha abari mu kaga muri RDC.''

Muri iryo tangazo MSF ntivuga uruhande urusasu rwahitanye Kavali rwoba rwaje ruvamwo.

Gusa urusasu rwishe Kavali ni ''rumwe muri nyinshi zigema aho dukorera muri aya mayinga ya vuba'', bivugwa na Stephan Goetghebuer, umukuru w'imigambi ya MSF.

''Turasubiye kwiramiriza mu majambo akomeye ashoboka ukutubaha igikorwa co gufasha abari mu kaga. Uko kutubaha niko kwatumye Jerry apfa,'' niko itangazo rivuga.

MSF ivuga ko ku cicaro cayo i Masisi igihe yandika iryo tangazo hari huzuye imiryango y'abantu baje kurondera aho bakika umusaya binyegeza intambara, hamwe n'abarwayi bariko baravurwa, barimwo cane cane abagore n'abana, bahuye n'amahano y'intambara muri iyi minsi iheze.

Ku wa 20 Ruhuhuma honyene, MSF ivuga ibitaro vyayo vyakiriye abantu 11 bavuwe inguma z'amasasu barashwe.

MSF iri Masisi kuva mu 2007.

Uturere ubu tugenzurwa na M23 turimwo imirwa mikuru y'intara za Kivu zompi, Goma na Bukavu, kandi abo bagwanyi basa n'ababandanya kwagura akarere.

Ubuseruko bwa Congo butunze ubutare bwinshi n'amabuye y'agaciro. Vyibazwa ko kurondera kugenzura ubwo butunzi biri mu bikomeza iyo ntambara imaze hafi imyaka 30. Ariko ifise kandi imizi ishika ku mahano ya jenoside yo mu Rwanda mu 1994.

Bamwe mu bagirizwa ko bakoze iyo jenoside baciye bahungira muri Congo aho bashinze umuhari FDLR urwanya Urwanda. Reta y'ico gihugu yagiriza iya Congo gukorana n'uwo muhari, gutyo rugaca ruvuga ko rufata ingamba zo kwirinda ingaruka z'iyo ntambara. Congo, ONU n'ibihugu vyinshi vya Buraya na Amerika vyo birwagiriza gufasha M23 no gusahura itunga rya Congo.

Gushika ubu utwigoro two kurangiza iyo ntambara nta kiravamwo.

Abahinga bavuga ko ingaruka z'iyo ntambara ubu zishobora gukwira akarere kose.

Impunzi z'Abanye-Congo mu Burundi ubu ziharurwa mu bihumbi mirongo kuva Goma na Bukavu bifashwe.

Ku wa gatanu, urwego rwa ONU rujejwe umutekano kw'isi rwaremeje ingingo yiyamiriza ibitero vya M23 mu buseruko bwa Congo, isaba Urwanda guhagarika gushigikira abagwanyi bayo, yongera ivuga ko ruvana ubwo nyene ingabo zarwo ku butaka bwa Congo ''ata kibanje gusabwa''.

Iyi ndwi Reta Zunze Ubumwe za Amerika zarafatiye ibihano umuvugizi wa M23 Lawrence Kanyuma na James Kabarebe, umushikiranganji w'Urwanda ajejwe ugufashanya n'ibihugu vy'akarere.