Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Ayavugwa mu mupira w’amaguru: Firmino, Martinelli, Van de Beek, Arthur, Toney, Iwobi, Kante
Atletico Madrid iripfuza kugura umusatirizi wa Liverpool umunyabrezili Roberto Firmino w’imyaka 31. (Todo Fichajes)
Leicester City iriko irakurikiranira hagufi umukinyi wo hagati wa Manchester United umunya-Hollande Donny van de Beek w’imyaka 25. (Ekrem Konur)
Liverpool nta mugambi ifise wo kukorera ku gice kivuga ivyo gushobora kugura umukinyi Arthur Melo asanzwe yaratijijwe muri uyu murwi avuye muri Juventus. Uyu munya-Brezili akina hagati w’imyaka 26 akeneye kubagwa kubera imvune yanduye mu gihe yari mu myimenyerezo. (CBS Sports)
Umusatirizi wa Brezili Gabriel Martinelli w’imyaka 21 avuga ko yipfuza gutera igikumu ku masezerano mashasha y’igihe kirekire muri Arsenal akaba ari mu biganiro ku vyerekeye umushahara w’amapaundi 50.000 ku ndwi yipfuza ko wongezwa incuro zibiri. (Times)
Martinelli ashaka kuja ku rugero rumwe n’aba Gunners bahembwa imishahara minini – yabaya amapawundi 200.000 ku ndwi – imbere y’uko yiyemeza gutera igikumu ku masezerano mashasha. (Mail)
Brentford iriteguye guha Ivan Toney w’imyaka 26 amasezerano mashasha kugira ngo imirwi ya Manchester United, Leeds, Newcastle na West Ham izeruke. (Mirror)
Everton yatanguye ibiganiro vy’intangamarara n’umukinyi wo hagati w’umunya-nigeria Alex Iwobi w’imyaka 26, ku vyerekeye amasezerano mashasha. (Football Insider)
Umufaransa akina hagati N'Golo Kante w’imyaka 31 yipfuza kuguma muri Chelsea n’aho aronderwa na Paris St-Germain. (Le10 Sport)
Umukinyi wo hagati wa Chelsea umutaliyano Jorginho w’imyaka 30, ashobora kwimukira i Nou Camp kuri gusa mu ci riza inyuma y’aho umuhagarikizi wiwe abonekeye i Barcelona. (Tuttomercato)
Newcastle iracipfuza umukinyi wo hagati wa Leicester umwongereza James Maddison w’imyaka 25, hamwe n’umusatirizi wa Bayer Leverkusen umufaransa Moussa Diaby w’imyaka 23. (i News)
Ibiganiro hagati ya Middlesbrough hamwe na Michael Carrick kugira ayibere umumenyereza. (Football Insider)
Chelsea yasubiye kuvugana n’uwahoze arongoye igisata co kwinonora imitsi muri Liverpool Michael Edwards kugira ngo afate ico kibanza muri Stamford Bridge. (90min)
Tottenham iri mu biganiro na Google ku bijanye no gukoresha izina ry’ikibuga cayo. (Athletic)
Romeo Beckham, umuhungu w’uwahoze ari kizigenza w’umurwi nserukiragihugu w’Ubwongereza David, ariteguye gutangura gukina mu mupira w’amaguru w’Ubwongereza mu gihe umurwi B wa Brentford uzoba ukina na Crewe mu rukino rutazoba rufise abarorerezi. (Mirror)
Ihiganwa ry’igikombe c’isi yose mu mupira w’amaguru ritegekanijwe gutangura mu kwezi kuza rishobora kubamwo ibibazo kubera ikibuga c’indege gikuru ca Qatar kititeguye kwakira ingenzi nyinshi zizoba zinjira muri ico gihugu kurorera iri higanwa. (Mail)
Umunyegori wa Chelsea umunyamerika Gabriel Slonina w’imyaka 18 asanzwe yaratijijwe mu murwi Chicago Fire, azokorera imyimenyerezo i Londres mu kiringo c’indwi zibiri mu gihe bazoba bariko bihweza nimba yoshirwa burundu ku rutonde rw’abakinyi mu kwa mbere canke yosubira mw’ihiganwa MLS kugira ngo amareyo uwundi mwaka. (Football.London)
Umukinyi wo ku ruhande wa PSV Eindhoven Cody Gakpo ntagishaka kuja muri Leeds n’aho yamaze kwumvikana n’uyu murwi ko yowimukiramwo mu ci riza. Manchester United, Arsenal na Real Madrid nayo nyene irashaka uyu mukinyi mpuzamakungu wa Hollande w’imyaka 23. (Mirror)