Incamake y'ivyabaye vyashikanye kw’itangazwa ry'amasezerano
Amasezerano y'ibanze agamije kurangiza intambara yo muri Iran yamaze gushikwako.
Ng'ibi ibintu nyamukuru vya vuba ukwiye kumenya :
- Mu gitondo co ku wa Mungu, Israel yagavye ibitero mu burere buri ku nkengera z’ubumanuko bw’umurwa mukuru Beirut, muri Liban, aho yasigura ko ari inyishu ku bitero umuhari Hezbollah wari wagavye ku butaka bwayo imbere y’aho, uwo musi nyene
- Donald Trump yavuze ko igitero ca Israel kuri Beirut "kitari gikwiye kuba", aho yaciye ahamagarira impande zompi kwirinda kubandanya intambara kubera Amerika na Iran "vyari hafi cane gushika ku masezerano"
- Mu ntango, ivyo bitero vyasa n'ibigiye guhungabanya ibiganiro vyariko biraba hagati ya Amerika na Iran
- Ariko haciye amasaha make, harashitswe ku masezerano y'ibanze, Pakistan isanzwe ari umuhuza, ikaba yabaye iya mbere mu kuyatangaza
- Inyuma y'aho, Trump yaremeje ko amasezerano yabonetse
- Abategetsi ba Iran na bo nyene baremeje ayo masezerano, bavuga ko azoshirirwako umukono mu Buswisi ku wa gatanu
- Abakuru b'ibihugu n’amareta b’Ubwongereza, Ubufaransa, Ubudagi n'Ubutaliyano bakiriye neza itangazwa ry'ayo masezerano
- Ibiri muri ayo masezerano ntibiratangazwa ku mugaragaro. Ariko ibinyamakuru vya reta ya Iran vyatangaje ko harimwo: Gukurwako bimwe mu bihano Amerika yafatiye Iran, ukwiyemeza kwa Iran kutazokora ibirwanisho vya nikleyere, hamwe n'agahengwe mu burere bwose burimwo intambara, harimwo no muri Liban
- Icegera c'umushikiranganji w'imigenderanire wa Iran yavuze ko ibiganiro ku masezerano ya nyuma bizobandanya mu kiringo c'imisi 60
Izindi nkuru wosoma: