338 barishwe muri Ethiopia mu ndyane z'amoko kuno kwezi

Yatangajwe

Leta ya Ethiopia ivuga yuko abantu amajana atatu na mirongo itatu n'umunani bishwe mu ntango za kuno kwezi.

Ni bwo bwicanyi bwa mbere bubi bushingiye ku moko butaheruka muri ico gihugu mu kiringo c'imyaka myinshi.

Vyari vyavuzwe mbere yuko abantu bashika n'imiburiburi amajana abiri na mirongo itanu, bagizwe ahanini n'abo mu bwoko bw'aba-Amhara, biciwe mu gitero mu ntara ya Oromia.

Umuvugizi wo mu biro vy'umushikiranganji wa mbere yavuze yuko igipolisi kikiriko kirakora amatohoza.

Leta yanse ivyasabwe - na ONU irimwo mu babisaba - vy'uko hakorwa itohoza ryigenga kuri ubwo bwicanyi.

Umugwi witwaje ibirwanisho uzwi nka Oromia Liberation Army waragirijwe kugaba ico gitero ariko warabihakanye.

Mu myaka ibiri iheze, iyindi ntara ya Tigrinya nayo yarabayemwo imirwano ikomeye hagati y'abarwanyi b'umuhari TPLF wo muri ako karere n'abasirikare ba leta.

Naho ubu hasa n'ahari agahengwe, umutekano nturahagaruka neza kandi iyo mirwano yasizemwo ubuzima ibihumbi vy'abantu abandi benshi barahunga.