Ingwara zifatiye ku kurya nabi zarongerekanye mu bagore bibungenze mu bihugu bikenye

    • Umwanditsi, Emily McGarvey
    • Igikorwa, BBC News
  • Yatangajwe

Igitigiri c'abagore bibungenze n'abakobwa bafise ingwara zifatiye ku kurya nabi caduze gushika ku bice 25% muri iyi myaka ibiri iheze, nk'uko bivugwa n'ishami rya Onu rijejwe ibibondo kw'isi Unicef.

Icegeranyo c'iryo shirahamwe casanze uturere dukenye cane kw'isi nka Somalia, Ethiopia na Afghanistan ari bwo bugeramiwe cane gusumba ubundi.

Unicef igereranya ko abantu barenga imiriyaridi imwe y'abagore n'abakobwa bakiri bato hirya no hino kw'isi bafise ingwara zifatiye ku kurya nabi.

Ivuga ko ivyago biherutse gushika harimwo intambara n'ikiza Covid vyatumye ingorane zo kuronka imfungurwa bakeneye zongerekana gusumba.

Unicef itera akamo amakungu kugira igikorwa nyamukuru kugwiza imfungurwa, harimwo gushigikira imigambi ijanye no gufungura neza yagiye irahagarara.

Ivuga ko ingaruka yo gufungura nabi zigaragaza ku magara y'abana.

Icegeranyo ca Unicef casanze abo bagore n'abakobwa imiriyaridi bafise ingwara zifatiye ku kurya nabi "bafise ibiro bike kandi bonze cane" , ufatiye ku biharuro vy'abagore bo mu bihugu vyinshi vyo kw'isi.

Yasanze kandi bafise izindi ngwara ziturutse ku mirire mibi co kimwe n'ikama ry'amaraso.

Ico cegeranyo kivuga kiti:"Ubumanuko bwa Asia hamwe n'akarere ko musi y'ubugaragwa bwa Sahara ni ho hari ikibazo gikomeye c'imirire mibi mu bagore n'abakobwa."

Unicef yasanze abagore baho n'abakobwa bashika ku bice 68% bafise ibiro bike na yo 60% bafise ingwara y'ibura ry'amaraso.

Unicef igira iti:"Kutarya neza mu buzima bw'abagore n'abakobwa bishobora kugabanya ubudahangarwa bw'umubiri, kwongereza ingorane zishobora gutuma babura ubuzima mu gihe co kwibungenga no kwibaruka."

Kurya nabi kandi bishobora " kuba bibi no kugira ingaruka ku buzima bw'abana babo, ku kungene bakura, kwiga hamwe no kuri kazoza kabo mu guhiga ubuzima.

Unicef iti:"Muri rusangi, imiliyoni 51 z'abana bari musi y'imyaka ibiri bafise ikibazo co kudakura neza. Tugereranya ko ica kabiri c'abo bana bagira ikibazo co gukura bakiri mu mbanyi hamwe mu mezi atandatu akurikira bamaze kuvuka, igihe umwana aba azeye imfungurwa ku muvyeyi wiwe gusa."

Unicef igireranya ko hagati ya 2020 na 2022, igitigiri c'abagore bibungenze n'abonsa bafise ingwara zifatiye ku kurya nabi carongerekanye kuva ku miliyoni 5.5 gushika ku miliyoni 6.9 mu bihugu 12 bifise ingorane z'ibifungurwa.

Ivyo bihugu ni Afghanistani, Burkina Faso, Ethiopia, Kenya, Mali, Niger, Nigeria, Somalia, Soudani, Soudani y'Epfo, Tchad na Yemen.

Umukuru wa Unicef Catherine Russell agira ati:"Atagikozwe cihuta n'amakungu, ingaruka zishobora kuba no ku ruvyaro ruzokurikira mu myaka myinshi iri imbere."

Yongeyeko ati:"Mu gukinga ingwara zifatiye ku mirire mibi mu bana, dutegerezwa gutorera inyishu ikibazo c'imirire mibi mu bigeme no mu bagore."

Unicef itera akamo ngo hafatwe ingingo "yo kwongereza ibifungurwa vya nkenerwa nk'ifu, amavuta yo guteka n'umunyu" mu ntumbero yo kugabanya ibura ry'ivyunyunyu n'amaraso ku bagore n'abakobwa.