Irani: Gusesezera Ali Khamenei birabandanya, indongozi y'ikirenga Mojtaba Khamenei ntaraboneka

Ibirori vyo gusezera Ali Khamenei
Yatangajwe
Igihe co gusoma: iminota 2

Ibihumbi n'ibihumbi bakubise harazima ku mugwa mukuru wa Irani Tehran mu birori vyo gusezera Ayatollah Ali Khamenei bitegekanijwe kumara amasaha 12 kuri uno wa mbere.

Amafoto y'abari muri ibi birori yerekana bamwe muri bo bafise ivyapa vyanditseko ubutumwa bwo kwiyamiriza Perezida Donald Trump wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, harimwo n'ubwo kumutera ubwoba.

Eka n'umushikiranganji wa mbere wa Israel Benjamin Netanyahu na we nyene araboneka kuri ibi vyapa, co kimwe nicegera ca mbere c'umukuru w'igihugu wa Amerika, JD Vance.

Hagati aho, Mojtaba Khamenei, indongozi y'ikirenga ya Irani igira gatatu akaba n'umuhungu wa Ali Khamenei ariko arasezerwa, gushika ubu ntaraboneka muri ibi birori bimaze imisi vyo gusezera se wiwe.

Muri ibi birori vyatanguye ku wa 28 z'ukwezi guheze, ibinyamakuru vyo muri Irani bitangaza ko Mahmoud Ahmadinejad yahoze ari umukuru w'iki gihugu yitabiriye ivy'uno musi, ari na vyo biboneka ko ari vyo vya mbere bikomeye.

Ng'aya amwe mu mafoto y'ingene biriko biragenda.

Abantu bakubise harazima muri ibi birori bitegekanijwe kumara amasaha ashika 12 i Tehran

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Isegenya y'abantu bitabiriye ibirori vyo gusezera Ayatollah Ali Khamenei bakubise harazima ku mugwa mukuru wa Irani, Tehran
Abantu bakubise harazima muri ibi birori bitegekanijwe kumara amasaha ashika 12 i Tehran

Ahavuye isanamu, Reuters

Abantu bakubise harazima muri ibi birori bitegekanijwe kumara amasaha ashika 12 i Tehran

Ahavuye isanamu, Reuters

Imodoka ireruye isandugu y'ikiziga ca Ayatollah Ali Khamenei yari ikikujwe n'abari mu rugendo rwo kumusezera

Ahavuye isanamu, WANA via Reuters

Insiguro y'isanamu, Imodoka ireruye isandugu y'ikiziga ca Ayatollah Ali Khamenei yari ikikujwe n'abari mu rugendo rwo kumusezera
Imodoka ireruye isandugu y'ikiziga ca Ayatollah Ali Khamenei yari ikikujwe n'abari mu rugendo rwo kumusezera

Ahavuye isanamu, Reuters

Imodoka ireruye isandugu y'ikiziga ca Ayatollah Ali Khamenei yari ikikujwe n'abari mu rugendo rwo kumusezera

Ahavuye isanamu, Reuters

Kubera ubushuhe bwinshi i Tehran, aho vyari vyitezwe ko bushobora gushika kuri degre 37, abari muri uru rugendo basukiriwe amazi

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Kubera ubushuhe bwinshi i Tehran, aho vyari vyitezwe ko bushobora gushika kuri degre 37, abari muri uru rugendo basukiriwe amazi
Kubera ubushuhe bwinshi i Tehran, aho vyari vyitezwe ko bushobora gushika kuri degre 37, abari muri uru rugendo basukiriwe amazi

Ahavuye isanamu, EPA