Ihagarikwa ry’ikivunga ku makaminuza yo muri Amerika mu myiyerekano yo kwiyamiriza intambara yo muri Gaza

    • Umwanditsi, Na James FitzGerald & Bernd Debusmann Jr
    • Igikorwa, BBC News
  • Yatangajwe

Imyiyerekano yo kwiyamiriza ingwano zibera muri Gaza yabaye mu bigo vy'amakaminuza make yo muri Amerika yigamwo intiti mu gihe abayobozi bagerageza kuyihagarika.

Ku wa mbere mw'ijoro, igipolisi caraje gusambura insago zari zashinzwe mu kigo ca kaminuza y'i New York (NYU), kiranafata abantu batari bake.

Mu gatondo ka kare, abanyeshuri baharurwa muri za mirongo bafashwe i Yale, mu gihe kaminuza ya Columbia nayo yahagaritse ivyigwa.

Umurindi w'imyiyerekano watewe n'ibikorwa vy'urwanko bivugwa ko bikorerwa Abayahudi, biriyamirizwa n'ibiro vy'umukuru w'igihugu ca Amerika.

Imyiyerekano n'impari ndende ku bijanye n'ingwano ya Israel muri Gaza n'umwidengemvyo wo gushikiriza ivyiyumviro vyarahungabanyije ibigo vy'amakaminuza yo muri Amerika kuva umurwi Hamas ukoze ibitero kuri Israel kw'itariki 7 z'ukwezi kw'icumi, kwatumye haduka ibitero vya Israel muri Gaza.

Muri Amerika, abanyeshuri bava muri izo mpande zibiri bavuga ko kuva ico gihe ibikorwa vy'urwanko ku Bayahudi n'Abasilamu vyaciye vyiyongera.

Igihe babaza Prezida Joe Biden ku bijanye n'imyiyerekano yabaye ku wa mbere, yishuye ko ateye ivyatsi ''imyiyerekano ibangamira Abayahudi" co kimwe "n'iyibangamira abadatahura ibiriko birashikira Abanyapalestine".

Mu ndwi iheze, iyi myiyerekano yaravuzwe cane mu binyamakuru inyuma y'aho igipolisi co mu gisagara ca New York gihamagariwe mu kigo ca kaminuza ca Columbia kigafata abari bayitavye barenga 100.

Kuva ico gihe, imyiyerekano yaciye ikwirakwira no mu yindi micungararo. Hejuru y'ivyariko birabera mu makaminuza ya New York (NYU) na Yale, insago zarashinzwe kuri kaminuza ya California i Berkeley, ku kigo Massachusetts Institute of Technology (MIT), Kuri kaminuza ya Michigan, kaminuza Emerson College hamwe naTufts.

Nk'uko abandi banyeshuri babigenjeje, abitabiriye imyiyerekano kuri NYU bahamagarira indongozi za kaminuza gushira ahabona no guheba "uburyo n'ubuganuke bahora bahabwa n'ibigo bihingura ibirwanisho bifise inyungu mu ngwano ya Israel".

Umunyeshuri umwe yitwa Alejandro Tanon yabwiye itororokanirizo ry'amakuru AFP ko Amerika iriko iraca mu "bihe bikomeye" bishusha n'ivyo mu myiyerekano ikomeye yo kwiyamiriza ingwano yo muri Vietnam n'ivanguramoko (apartheid) ryo muri Afrika y'epfo.

Umuntu umwe yari mu bitabiriye iyo myiyerekano yabwiye imboneshakure ya CBS News ikorana na BBC ati: "Turashigikiye Palestine no kubohora abanyagihugu bose".

Hagati aho, hari uwundi muntu yari hirya y'ibarabara yari afise ibendera rya Israel yavuga ati: " Hari uruhande rumwe ngaha n'urundi ruhande rw'ibiriko biraba. Uru nirwo ruhande rw'ukuri."

Ikigo ca NYU cavuze ko abantu 50 bari murizo nsago zari zishinze hanze y'ishuri ryigisha ivyo ubutunzi. Cavuze ko iyo myiyerekano itari yemewe, kandi ko yahungabanyije ivyigwa.

Igipolisi catanguye kubafata ku mugoroba wo ku wa mbere, ariko nticatanze igiharuro c'abafashwe.

Imbere yaho gato, abitabiriye iyo myiyerekano bababa 50 barafashwe mu kigo ca kaminuza c'i Yale kiri i New Haven, Connecticut. Abategetsi bavuga ko abantu amajana bari bahateraniye, benshi muri bo baranse kwumvira itegeko ryo kuhava.

Ku wa mbere, umuyobozi w'ikigo ca kaminuza y'i Yale Dr Minouche Shafik yasavye abanyeshuri bo muri kaminuza kuguma kure y'ico kigo kubera imidugararo yadutse irimwo''inyifato yo guterana ubwoba no gukubagura". Ubu ivyigwa biriko bitangwa hakoreshejwe ubuhinga bwa none.

Dr Shafik avuga ko imidugararo iri muri kaminuza yabaye icitwazo kandi igatizwa umurindi n'abantu ataho bahuriye n'ikigo ca Columbia baje muri ico kigo ku mvo zabo bwite".

Abayobozi ba NYU nabo nyene bavuga ko hari abaje mu myiyerekano ataho bahuriye na kaminuza.

Baravuga ko ku wa mbere habaye ibikorwa vy'urwanko ku Bayahudi - umusi wa mbere w'ibiruhuko vya Pasika y'Abayahudi - vyatumye kiba ikigo ca nyuma citabiriye iyo myiyerekano.

Amasamu ya videwo yakwirakwijwe ku mbuga hwaniro abonekamwo bamwe mu bari mu myiyerekano bagaragaza ko bashigikiye igitero c'akataraboneka cakozwe na Hamas Israel.

Umukenguzamateka ava mu mugambwe w'aba-Democrats, Kathy Manning, yakoze urugendo ku wa mbere i Columbia, yavuze ko yabonye abari mu myiyerekano bavuga ko bifuza ko Israel isamburwa.

Umurwi ugendera ku nyigisho za kera za Musa uzwi nka Chabad wo mu kigo ca kaminuza y'i Columbia uvuga ko abanyeshuri b'Abayahudi bavugirijwe induru canke bakabwirwa amajambo mabi. Hagati aho, biravugwa ko umwungere w'ishengero ry'Abayahudi (rabi) akora muri ico kigo yagabishije abanyeshuri b'Abayahudi kwirinda kuja muri ico kigo gushika ibintu bisubiriye mu buryo.

Abagize imirwi yitabiriye imyiyerekano bashize hanze itangazo rihakana urwanko ku Bayahudi, bavuga ko ivyo banegura bibwirwa reta ya Israel n'abayishigikiye.

Umurwi w'abanyeshuri witwa Columbia Students for Justice in Palestine wavuze ko "biyamirije bivuye inyuma urwanko urwari rwo gose canke inyigisho y'utumbidumbi" ukananegura " abantu boshana batanabaseruka".

Mw'itangazo rya Dr Shafik, yavuze ko hari umurwi washizweho i Columbia wo "kugerageza gutorera inyishu iki kibazo".

Mu ndwi iheze, Dr Shafik yavuze ku twigoro two kurwanya urwanko ku Bayahudi i Columbia imbere y'umurwi wo mu nama nkenguzamateka.

Aterwa igitsure n'impande zitandukanye, harimwo n'icemezo c'inama nkenguzamateka y'ishure co kumwiyamiriza kubera ifatwa ry'abantu benshi muri ico kigo ryabaye haciye umusi umwe ashikirije ayo majambo yiwe.

Umurwi w'abashingamateka uyobowe n'umukenguzamateka ava mu mugambwe w'Abarepubulika, Elise Stefanik, yateye umukono kw'ikete rimusaba gutanga imihoho ku kuba "yarananiwe no guhagarika akarwi k'abanyeshure n'abari mu myiyerekano bahamagarira abandi kuja mu bikorwa vy'iterabwoba ku banyeshuri b'Abayahudi". Abava mu mugambwe w'aba-Demokrats nabo basaba ko abanyeshuri b'Abayahudi bo muri Columbia boremeshwa bakumva ko batekanye kandi bahawe ikaze.

Abakozi bo muri kaminuza nabo nyene baranegura ukuntu ikibazo c'imyiyerekano cafashwe. Mw'itangazo ryarungikiwe BBC ku mugoroba wo ku wa mbere, umurwi wo muri ico kigo witwa The Knight First Amendment Institute wishinze kubungabunga uburenganzira bwo gushikiriza ivyiyumviro ku mbuga ngurukanabumenyi, utera akamo ko "kwiga ingene ikibazo kihari cotorerwa inyishu vyihutirwa" kandi ko indongozi zo hanze y'ikigo zari zikwiye gufasha mu gihe hoba hari "akaga kaboneka" ku bantu canke ku bintu.

Igitero cakozwe mu bumanuko bwa Israel kw'itariki 7 Gitugutu (10) caguyemwo abanya Israel n'abanyamahanga bababa 1.200 - benshi muri bo bari abasivire - n'abandi 253 batwawe muri Gaza bunyagano, nk'uko ibiharuro bishikirizwa na Israel bivyerekana.

Israel yishuye mu gukora ibitero bikomeye kurusha ibindi vyabayeho muri Gaza, mu ntumbero yo kuzimanganya umurwi wa Hamas no gufungura abatwawe bunyagano. Abanyapalestine bo muri Gaza barenga 34.000 - benshi muri bo bakaba ari abana n'abagore - barishwe muri izo ndyane, nkuko bivugwa n'ubushikiranganji bw'amagara y'abantu mu butegetsi bwa Hamas.

Ubushakashatsi buheruka gukorwa n'ikigo ca Gallup cishinze kumenya ico abantu biyumvira berekana ko Abanyamerika benshi ubu badashigikiye ibikorwa vya Israel muri Gaza, inyuma yo guhindura ivyiyumviro kuva indyane z'ubu zaduka.