Russia: Uwitwaje inkoho yakoze igitero kw'ishure yiha inkumbi

Abajehwe umutekano bahavuye bashika ahabereye iki gitero

Ahavuye isanamu, RUSSIAN INVESTIGATIVE COMMITTEE

Insiguro y'isanamu, Abajehwe umutekano bahavuye bashika ahabereye iki gitero
Yatangajwe

Umugabo yitwaje inkoho yihaye inkumbi kw’ishure riri hagati mu Burusiya, aho yarashe akica n’imiburiburi abantu 13 agakomeretsa n’abandi bashika 21, nk’uko abategetsi b’Uburusiya babitangaza.

Mu bishwe harimwo abana indwi kuri iryo shure rifise abana bababa 1000 mu gisagara ca Izhevsk.

Uwakoze iki gitero avugwa ko yaciye yirasa kandi ko icamutumye abikora kitaramenyekana.

Ibinyamakuru vyo mu Burusiya bisohoye amavidewo ku mbuga hwaniro asa n’ayerekana ubwoba mu nzu yabereyemwo ico gitero.

Imwe muri izi videwo isa n’iyerekana amaraso hasi hamwe n’igitoboro c’urusasu mu kiyo c’idirisha, abana nabo binyegeje musi y’intebe.

Abana indwi n'abantu bakuze batandatu nibo bishwe, harimwo abacungazamu babiri n'abigisha babiri nyene, nk'uko bivugwa n'abategetsi b'Uburusiya.

Abigisha n’abanyeshure bahungishijwe bavanwa mu nyubakwa z'iryo shure.

Abategetsi b'Uburusiya bashize ku mbura ngurukanabumenyi videwo yerekana imbere mw'isomero

Ahavuye isanamu, RUSSIAN INVESTIGATIVE COMMITTEE

Insiguro y'isanamu, Abategetsi b'Uburusiya bashize ku mbura ngurukanabumenyi videwo yerekana imbere mw'isomero

Nyene gukora iki gitero avugwa ko yari afise inkoho ntoya zibiri, nk’uko bivugwa n’umushingamateka asubirwamwo n’itororokanirizo ry’amakuru Tass.

videwo yacishijwe ku mbuga ngurukanabumenyi n'umrwi ujejwe amatohoza yerekana uyu nyene gukora iri bara aryamye hasi yapfuye, yambaye agapira gafise ikimenyetso c'aba - Nazi n'igitambara kimunyegeza mu maso (cagoule/balaclava).

Uwurongoye iyi ntara yaciye atangaza ikigandaro kizorangira ku wa 29 Nyakanga (9).

Iri shure riri hagati muri Izhevsk, igisagara gituwemwo n’abantu bababa 650.000, hafi y’inyubakwa za reta.