Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Burundi: Hilaire Manirakiza afasha abafise imbuga hwaniro kuduza ama 'vyuzi'
Hilaire Manirakiza yize bimugoye kubera uburyo aho yagiye arahagarika ubu akaba akora akazi katamenyerewe rwose ko gufasha abafise imbuga hwaniro na YouTube kwongereza ababakurikirana (Views).
Uwo musore avuga ko yize ivyerekeye ubuhinga bwa none bw'itumatumanako mu mashure yisumbuye, avuga ko yize bimugoye bituma atabandanya kaminuza.
Avuga ati:"Nahagaritse imyaka itanu ntiga kubera ubukene, ngaruka kubandanya umwaka w'icenda abo twigana bahejeje.
"Narasubiriye ndamara umwaka ntiga banyirukanye kuko nari maze imyaka ibiri ntariha amahera y'ishure."
YouTube, iriha abafise 'accounts' bivanye n'igitigiri c'abaraba video bashirako n'igihe bazimarako.
Mu Burundi hari benshi bamaze gushinga YouTube channels bashirako videos bafise intumbero yo gukorera ayo mafaranga, vyuzi rero ni wo mukate wabo.
Kuri Manirakiza n'abafise ubuhinga nk'ubwiwe n'abo guha vyuzi abo bafise.
Ni ubuhinga bushasha bwo kurondera amahera n'aho hari abanebagura uko bukora, hamwe n'ubwoko bw'amakuru ashirwa kuri izo mbuga mu kurondera vyuzi.
Hilaire Manirakiza avuga ko agiheza ishure yaciye aronka akazi ko gufata amasanamu ku mboneshakure yo ku mbuga hwaniro, ariko mu nyuma amasezerano bari bafitaniye aza guhagara.
Avuga ko yaciye yigira inama yo kwiga uko yobaho mu gufasha abafise imbuga hwaniro kuduza ama 'vyuzi' (views).
Agira ati:"Abafise imbuga hwaniro bampemba hakurikijwe igikorwa bantumye ico ari co.
"Uwo mfashije kuronka nk'ama vyuzi 1000 ku musi, ampa ibihumbi 15 vy'amarundi.
"Birantunze kuko kuva bampagaritse ku kazi, inzu nguma ndayiriha uko nahora, gufungura canke kwambara ni kwa kundi."
Mu kwezi kumwe amaze atanguye ico gikorwa, Manirakiza Hilaire amaze gufasha abantu barenga cumi kuduza ama vyuzi.
N'akazi akorera aho ari ho hose, kuri telefone ngendanwa canke ku nyabwonko, ariko akavuga ko afise umugambi wo kwugurura ibiro vyo gukoreramwo.
Ahanura urundi rwaruka kwicara rufise ikintu ruzi gukora ku buryo n'aho bokwirukana mu kazi k'ivyo wigiye, ushobora guca wikorera ivyawe.