Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Diamond League Doha: Francine Niyonsaba ati 'Iyi ntsinzi ni iyo gutera intege abandi'
"Ni umunezero ntangere kubona ngarutse i Doha ubwa kabiri inyuma y'ihiganwa mpuzamakungu ryo mu 2019 kandi nkaba ntsinze".
"Ndanezerewe cane kandi ndashimira abamfashije bose. Narakoze cane kugira ngo mbe umunonotsi wo ku rwego rwo hejuru. Mva mu gahutu gato, iyi ntsinzi ni iyo gutera intege abandi".
Niyo majambo wa munonotsi rurangiranwa w'umurundikazi Francine Niyonsaba yavuze nijoro atahukanye intsinzi mu gusiganwa ku metero 3000 mu mahiganwa ya Diamond League Doha ku ruhande rw'abagore/abakobwa.
Niyonsaba yatsinze umunyakenyakazi yahabwa amahirwe menshi, Faith Kipyegon, ku mwanya w'iminota 8:37.70 nayo uyu mukeba akaba yarangije mu mwanya w'iminota 8:40:97.
Iyi ni itsinzi ije ikurikira iyo yaheruka kuronka , mu kwandika amateka mashasha ku metero 2000 mw'ihiganwa Continental Tour Gold ryabereye i Zagreb mu gihugu ca Croatia, hari mu kwezi kw'icenda umwaka uheze wa 2021.
Ico gihe, ku mwanya yakoresheje w'iminota itanu n'amasegonda 21.56, yasumbije Genzebe Dibaba yaheruka guca umuhigo mu mahiganwa yo mu kibuga cugaye (indoors) mu 2017, akaba yamusize amasegonda abiri.
Muri uko kwezi nyene, uyu mononotsi w'imyaka 29 ubu yari yatsinze umunyakenyakazi Hellen Obiri mu metero 5000 mw'ihiganwa rya Diamond League i Zurich.
Amateka yiyongera ku yandi kuri uyu munonotsi rurangiranwa yatanguye asiganwa ku metero 800 abikora bigacika mu gutsindira umudari w'ifeza mu mahiganwa ya Rio olympics yabereye i Rio muri Brezili, ariko mu nyuma urwego mpuzamakungu rukamufatira ingingo yo kudasubira guhiganwa ku metero ziri hagati ya 400 na 1600.
Uru rwego rwamwagiriza ko afise inkabuzo (imisemburo) y'igitsinagabo ya testosterone irenze urugero, agategekwa gufata imiti yo kugabanya uru rugero kugira ngo yemererwe gusubira guhiganwa kuri izo ntera.
Kubera iyo ngingo yafatiwe mu 2018, Francine yaciye yimukira ku ntera yo hejuru, akaba amaze gusiganwa nko ku metero 2000, 3000, 5000, 10000 kandi hose agenda yerekana ubushobozi bwiwe.
Mu kw'icenda kw'umwaka uheze, abajijwe ico avuga ku vyariko bisabwa na bamwe bamwe ko igisata kijejwe kwinonora imitsi, World Athletics, cokwongereza intera atosubira guhiganwamwo kubera urugero rwiwe rwa testosterone, Francine yaritwengeye yivugira ko yari yiteguriye guhindura.
Ati: "Ndashobora kwimukira ku ntera zo hejuru! Canke nkaja mu rwego rwo gusimba!"