Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Britney Spears yatangaje ko imbanyi yari afise yakorotse
Britney Spears atangaza ko imbanyi yari afise yakorotse, inyuma y'ukwezi kumwe amenyesheje ko yasamye.
Uyu muririmvyi yabwiye abakunzi biwe ku rubuga rwa Instagram ko we n'umukunzi wiwe Sam Asghari batakaje "umwana wacu w'igitangaza".
Ibi bibaye inyuma y'amezi make atsinze integuro ya sentare yaha uburenganzira se wiwe ku bintu bitari bike vy'ubuzima bwiwe, harimwo n'ibijanye n'irondoka ryiwe.
Uyu munyamuziki w'imyaka 40 asanzwe afise abahungu b'imisore babiri yari aherutse kuvuga ko yashaka gushinga urugo n'umumenyereza wiwe bwite Asghari.
"Turi n'umubabaro mwishi wo kumenyesha ko twabuze umwana wacu w'igitangaza yari akiri mu mbanyi ntoya", niko yanditse kuri Instagram.
Abandanya ati: "Iki ni igihe c'umubabaro ku muvyeyi uw'ari we wese.
"Kumbure twari kurindira kumenyesha ibi hakabanza guca igihe, ariko icari kituraje ishinga twariko twitegurira kuzotanga inkuru nziza.
"Urukundo rwacu nizo nguvu zacu. Tuzobandanya tugerageza gukuza umuryango wacu mwiza".
Mu 2008 se wa Britney yarishimikije amategeko ashiraho uburyo bwo kumugenzura, ikizwi nka Conservatorship, inyuma y'aho uyu mukobwa wiwe agiriye ibibazo vyo mu mutwe.
Mu kwiyamiriza ubu buryo bwo kumugenzura muri sentare mu mwaka uheze, yabwiye umucamanza ko iyi nteguro yamubujije kurongorwa canke kwikuramwo uburyo bwo kugabanya imvyaro.
Igihe atangaza imbanyi yiwe mu kwa kane, yavuze ko vyari gushobora kugorana kuko yigeze kugira ibibazo vy'agahinda inyuma yo kwibaruka.
Uyu munyamuziki - ubu akaba asanzwe afise abana babiri yavyaranye n'uwari umugabo wiwe Kevin Federline - yavuze ko vyabaye "ibintu biteye ubwoba bwinshi cane" kandi ko ari ibintu bitari bukinze kuvugwa muri kahise.